IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yahamagariye urwaruka kuzokwitaba amatora (...)

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yahamagariye urwaruka kuzokwitaba amatora y’ibwirizwa shingiro

mardi 3 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijambo yashikirije kuri uwu wa kabiri, mu birori vy’ugutanguza ihuriro Kaminuza ry’urwaruka ry’umwaka wa 2018, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye urwaruka kwirinda inyosha mbi, hamwe n’ukutama bizeye ko Reta ariyo nyishu y’ibibazo vyabo.

"Mukomeze amahoro n’umutekano aho muherereye, mwime amatwi inyosha mbi naba sesankuyoze. Ihate mu gutorera inyishu ibibazo bimwe bimwe vyanyu, ntimwame muhanze amaso Reta muri vyose, ahubwo muyisabe kubunganira. Tubahagariye kurangwa n’ubumwe, urukundo n’ugushigikirana, muje hamwe mu mashirahamwe."

Umukuru w’igihugu avuga ko atazokwihanganira uwuzokwerekana intumbero y’ukuyovya urwaruka.

"Turamenyesheje ko tutazokwihanganira uwo wese yaba umurundi canke umunyamahanga afise intumbero y’ugucuvya n’ukuyovya urwaruka rw’Uburundi, turazi ko izija guhona zihera mu ruhongore."

Ihuriro kaminuza ry’urwaruka ritunganijwe ku ncuro ya gatatu, ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, ku civugo : « Kuzirika igihugu n’uruhara rw’urwaruka mu gutegura kubu kazoza keza no kugikunda. »

Iryo koraniro ryatanguye kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2018, bikaba bitegekanijwe ko rizorangira kuwa kane, igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.