Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Abo banyamahanga bamenye ko bafitiye ideni Abarundi" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Abo banyamahanga bamenye ko bafitiye ideni Abarundi"

"Abo banyamahanga bamenye ko bafitiye ideni Abarundi"

vendredi 30 Ruheshi 2017

Mw’ijambo yashikirije abarundi buca burundi buhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko hari abanyamahanga bafitiye ideni Abarundi kubera ubutunzi babasahuye, kubera imfura babahekuye, impfuvyi n’abapfakazi, amarira n’amaganya basize mu miryango y’Abarundi. Agira ati : "Aho kubandanya bongera ikibi mu kindi, aho kubandanya basongera isibe, vyobabera vyiza basavye imbabazi Abarundi bakagirako bakabaha n’indishi y’akababaro.

Muri iryo jambo umukuru w’igihugu yasavye abarundi kuzirikana amakuba imboneza zaciyemwo kugira zihabuze Intahe y’Ukwikukira,no kwiyumvira ingene intahe yo kwikukira yotsimbatara kurusha, mu gihe abipfuza gusubiza igihugu mu buja n’ubukoroni batigeze bahengeshanya kuburabuza abarundi.

Umukuru w’igihugu yavuze ko mu myaka 55 iheze abarundi bahabuje intahe yo kwikukira,ubumwe n’umutekano vyagiye birahungabana, kubera ba « mpemuke ndamuke », barondera inyungu zabo gusa.

Muri iryo jambo yashikirije abarundi,umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ko mu Burundi hakiri abarundi batarazirikana neza Igihugu cabo, bataramenya aho igihugu cavuye,aho kigeze n’iyo kija twavuye, mukwifatanya n’abansi b’Intahe y’Ukwikukira mu kurwanya ukwikukira kw’igihugu cabo, bohejwe n’abakoroni ba kera.

Umukuru w’igihugu yagabishije abanyamahanga bagifise agatima ko kugandagura indongozi, avuga ati :« Dusavye abanyamahanga kwikubita agashi, bavavanure n’iyo ngendo igayitse, ingendo bunyamaswa kandi iteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu. Aha mbere Abarundi bomenya ko hari abanyamahanga bamwe bamwe binyegeza inyuma y’Abarundi bari ku rushimu kudindiza igikorwa c’iteka co kumenya ukuri no kurekuriranira

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze kandi igikiye gukorwa ku rwaruka, kuko arirwo rugize ahanini igihugu.

«Tugiye kubiba mu rwaruka rwacu imbuto y’ubumwe n’iy’urukundo rw’igihugu; iyo gukunda ibikorwa no kwama ruteramira umutekano mu nsiguro yawo yose, nkuko biri mu mugambi w’igihugu ujanye n’umutekano, kuko ari vyo bitsimbataza intahe y’ukwikukira

Muri iryo jambo kandi umukuru w ‘igihugu yavuze ibigiye gukorwa mu maguru masha harimwo,kubungabunga ubumwe n’umutekano, Kwumvisha Abarundi ko bikukiye bamenye kandi bamenyere ko aribo bishingira Amateka n’Amategeko y’Igihugu cabo baniyemere, Kugendera iragi rya Rwagasore, rishingiye ku bumwe, ibikorwa n’amajambere.

Ibindi bizoshirwa imbere ni:

Gushigikira ibikorwa vyo kumenya ukuri ku vyabaye no kunywanisha Abarundi,
Kubiba imbuto y’ubukerebutsi, ubutwari, ubuhizi, umwete n’ubwira cane cane mu rwaruka,Kwerekana mu mvugo no mu ngiro ko dushoboye kubaho tutarinze kuzera inze, Gusonera no kwubahiriza iryo abenegihugu baba bapfunditse baciye mu matora kuko bikomeza ubumwe n’umutekano, kandi bigatsimbataza Intahe y’Ukwikukira.

Umunsi mukuru w guhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi bwikukiye uzohimbazwa ku civugo : «Ubumwe no Guteramira umutekano w’Igihugu ni yo nzira irashe yo Gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira.»


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.