IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriye umunyamabanga mukuru wa (...)

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriye umunyamabanga mukuru wa COMESA

jeudi 25 janvier 2018

Intumbero y’urugendo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya COMESA,Sindiso NGWENYA, ni ukwirabira aho imyiteguro y’Uburundi yo kwakira inama igira 20 ya COMESA igeze.

Inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatatu, umunyamabanga mukuru wa COMESA yabonanye n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, akaba yari aje kumushimira ko bemeye kwakira ibikorwa vy’inama, mu nyubakwa z’iana nshingamateka.

Amakuru dukesha ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, amenyesha kandi ko Sindiso NGWENYA yabonanye n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, mu gatondo ko kur’uyu wa kane, igenekerezo rya 25 Nzero 2018.

Inama igira 20 ya COMESA bitegekanijwe ko izobera mu gisagara ca Bujumbura, kuva mu ntango z’ukwezi kwa kane uwu mwaka wa 2018, ibihugu vya Somaliya na Tiniziya bikazoharonkera akaryo ko kwinjira mw’ishirahamwe.

Ku rutonde rw’ibikorwa dukesha ubushikiranganji bw’ubudandaji, bitegekanijwe ko amanama azokorwa uku gukurikira :

Kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika kurya 11 Ndamukiza, hazoba inama y’imirwi y’amareta, kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika kurya 14 Ndamukiza, hazoba inama ihuza abashikiranganji b’ububudandaji ba COMESA,kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 17 Ndamukiza, hazoba inama y’abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vya COMESA, kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika kurya 19 Nzero, abakenyezi b’abakuru b’ibihugu bazohura baganire, muri ico gihe nyene hazoba hariko haba inama nyezina ya COMESA.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.