Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriye umunyamabanga mukuru wa (...)
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriye umunyamabanga mukuru wa COMESA
jeudi 25 janvier 2018
Intumbero y’urugendo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya COMESA,Sindiso NGWENYA, ni ukwirabira aho imyiteguro y’Uburundi yo kwakira inama igira 20 ya COMESA igeze.
Inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatatu, umunyamabanga mukuru wa COMESA yabonanye n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, akaba yari aje kumushimira ko bemeye kwakira ibikorwa vy’inama, mu nyubakwa z’iana nshingamateka.
Amakuru dukesha ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, amenyesha kandi ko Sindiso NGWENYA yabonanye n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, mu gatondo ko kur’uyu wa kane, igenekerezo rya 25 Nzero 2018.
Inama igira 20 ya COMESA bitegekanijwe ko izobera mu gisagara ca Bujumbura, kuva mu ntango z’ukwezi kwa kane uwu mwaka wa 2018, ibihugu vya Somaliya na Tiniziya bikazoharonkera akaryo ko kwinjira mw’ishirahamwe.
Ku rutonde rw’ibikorwa dukesha ubushikiranganji bw’ubudandaji, bitegekanijwe ko amanama azokorwa uku gukurikira :
Kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika kurya 11 Ndamukiza, hazoba inama y’imirwi y’amareta, kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika kurya 14 Ndamukiza, hazoba inama ihuza abashikiranganji b’ububudandaji ba COMESA,kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 17 Ndamukiza, hazoba inama y’abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vya COMESA, kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika kurya 19 Nzero, abakenyezi b’abakuru b’ibihugu bazohura baganire, muri ico gihe nyene hazoba hariko haba inama nyezina ya COMESA.
MUGISHA Van Naris
Messages
26 janvier 2018, 11:58, par Jojo
Burundi oyeeee abamaz igih baburizamwo iyinama mu Burundi batash zirayoye welcom Comesa conferance in Burundi
29 janvier 2018, 16:33, par Kayoka kamana leonard
ntakanmaro ko kurarika umunyagihugu kuri vyo mwirirwa mwadumbitse kand ubuzima bwarazimvy.nimuvugane ingen mwoturonsa imitahe natwe twiteze imbere.ka banyakwubahwa ?
1er février 2018, 22:48, par hassan. bikorimana
Nukuri. turasabira. igihugucuburundi imana ibujimbere muricogikorwa kuko. abansibarakaka kuko nigikorwagikomeye. ninintabwenini. buzobabuteye. kubuzimabwigihugucuburundi. nabarund(
i%)
6 février 2018, 12:50, par Ntirampeba Edmond
Andika hano:nvyiza Ahubwo Baze Basaba Amashirahamwe Aze Menshi Natwe Abashomeri Turonkere Ho Kumenga Basa Naba Twibagiy Babona gute !!!!
25 février 2018, 22:41, par Maria Ntakirutimana
Jewe mbona Comesa yogira agaciro kuri twebwe abarundi, gusumba EAC