Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yagenye abagize umurwi w’igihugu ujejwe ubumwe no gusubiza (...)
Umukuru w’igihugu yagenye abagize umurwi w’igihugu ujejwe ubumwe no gusubiza hamwe
mardi 2 janvier 2018
Uwagenywe kuba umukuru w’uwo murwi ni uwigeze guserukira Uburundi mu makungu Guillaume Ruzoviyo, icegera ciwe ni, Alice NZOMUKUNDA, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, hamwe na Musenyeri Justin NZOSABA yahoze atwara CNDI,yagenywe mu kibanza c’umunyamabanga w’umurwi.
Abandi bagenywe muri uwo murwi ni, Adolphe Rukenkanya yahoze ari umushikiranganji w’inkino n’imicokama, Alphonse Bazonyica, Zénon Bigirimana,na Médiatrice Bizabishaka bagenywe kuba mu bagize uwo murwi.
Pacifique BUKURU