IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yakiriye umushikiranganji w’imigenderanire muri (...)

Umukuru w’igihugu yakiriye umushikiranganji w’imigenderanire muri Angola

jeudi 22 février 2018

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriye umushikiranganji w’imigenderanire ya Angola n’ibindi bihugu Manuel Augusto,mu gatondo ko kur’uyu wa kane, igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018.

Amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, amenyesha ko hejuru yo gukomeza imigenderanire, umushikiranganji wa Angola ajejwe imigenderanire yari aje gusaba ko Uburundi bwoshigikira igihugu ca Angola, aho kigiye kwitoza mu bumunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe rihuza ibihugu ibihugu vyo mu karere ka Afrika yo hagati, mu bijanye n’ubutunzi CEEAC.

Uno munsi ishirahamwe ry’akarere ka Afrika yo hagati mu bijanye n’ubutunzi rigizwe n’ibihugu 10, arivyo Angola, Uburundi, Cameroun, Centrafrique, Kongo, Gabon, Guinée Equatoriale, Republika Iharanirwa Intwaro Rusangi ya Kongo,Urwanda, Sao Tome & Principe na Tchad


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.