Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yakoranije inama nshikiranganji ya mbere na Reta (...)
Umukuru w’igihugu yakoranije inama nshikiranganji ya mbere na Reta nshasha
mercredi 25 avril 2018
Abashikiranganji 21 nibo bitavye inama nshikiranganji ya mbere, mu gihe yahora yitabwa n’abashikiranganji 20 Reta itarahinduka.
Abashikiranganji batanu bashasha nibo bitavye ibikorwa vy’inama nshikiranganji abo nabo akaba ari Ezechiel NIBIGIRA , umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Thadee NDIKUMANA, umushikiranganji w’amagara y’abantu, Gaspard BANYANKIMBONA ,umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Jean Marie NIYOKINDI, na Evelyne BUTOYI aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka, amaposita n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.
Ibindi vyigwa, ni integuro y’itegeko rigenga amasoko y’imitahe mu Burundi, integuro y’itegeko rigenga uturusho ku bijanye no gutanga amakori kw’ishirahamwe Musumba Steel, hamwe n’utuntu n’utundi.
MUGISHA Van Naris
Messages
25 avril 2018, 18:58, par Nyabenda Manweri
Andika hano . Amahoro Nyakubahwa Sebarundi Songambere Aharinama Haba Imana Bwitonzi.
26 avril 2018, 00:37, par niyokwizera Renovat
Andika hano ibigiyinama bigira imana nimwirambire.