IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunyarwandakazi NKOMEZA Christine yirukanwe mu Burundi

Umunyarwandakazi NKOMEZA Christine yirukanwe mu Burundi

mercredi 18 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Muri iyo ngingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bavuga ko NKOMEZA Christine yahowe amasengesho yahora akoresha mu kinyegero, hamwe n’imigenderanire agirana n’abantu b’abanyamahanga. Iryo tegeko rivuga ko uwo munyarwandakazi yirukanwe mu ntumbero y’ugukingira umutekano w’igihugu n’uw’abanyagihugu.

Abarongoye intara zose zigize igihugu c’Uburundi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura hamwe n’umukuru w’igiporisi kijejwe uruja n’uruza, basabwe gukora ibishoboka vyose, kugira iyo ngingo ishirwe mu ngiro.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Uwose yarabatwaye iki. Bishe Bihozagara ntibanyurwa. Reta ya Nkurunziza ihora ishakisha impanvu zose zarakaza u rwanda. Ariko niyitonde. Bazibeshye barenge kumurungo utukura.

  • NAGENDE ABANYAGWANDA TURABAZI IVYOBAKORA CARATUVUNYE NINZUKUNZU.

  • Abo bononyi barakwiye kwikebuka!

  • Wosanga iyo leta iriho, itanguye kwikebuka, kwirukana umuntu naho bibabaza ariko batamumeshe.

  • Nestori wewe uvuga ngo carabavunye ko mutagifashe ku nkoho ko mwagifashe mwisunze amasezerano ya Arusha mukaba mwarayahonyanze ahubwo ubu niho muvunika kurusha

  • ndumva neza na neza ntiyahowe ukwo gusenga.kuko gusengera mu mpisho siryo kosa ryo tuma yirukanwa mu gihugu.Kuko gusenga si#UKWIYAMAMAZA#Yesu yavuze ati ntituze tube indyadya kandi ntituze duse nabo.soma Matayo 6:5-8.Kuba mwamwirukanye mwakoze ico mujejwe ariko mwibuke ko muri kw’isi Imana nayo ikaba mw’ijuru kandi ikaba ibona ivyo muriko murakorera abasavyi bayo.ikindi gihe kandi kidatinze ishobora kuza guhorera abakozi bayo.
    Niba ahowe kugira imigenderanire n abanyamahanga icari gikenewe s ukwirukanwa ahubwo yari gufatwa nababijejwe hama bakamuha amategeko ngenderwako mumaze kubona ko yayarenzeko mukabona gufata ingingo.

  • None gusenga bisaba kubimenyesha umushikiranganji? Ko batamutwaye ubuzima niyitahire. Uwo Imana izomuha ikidari kuko yavuze atarya umunwa ivyaha bikorwa.

  • Kiriya gihugu gifite abayobozi batagize, na kimwe bashoboye kwirukana umuntu badashaka mugihugu cyabo ministri agomba kwandikira, abarongoye intara zose zu Burundi nabandi bayobozi, bigaragaraza, ko atazi nicyo a Kora iyo umuntu adashakwa mugihugu yoherezwa iwabo ntakindi naho ibindi nukwerekana ko ukora ibyo utazi yaranabuze. harababishinzwe sikibazo cya ministri,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.