IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CNIDH usaba Reta gukora amatohoza yihuta ku bwicanyi bwabereye i (...)

Umurwi CNIDH usaba Reta gukora amatohoza yihuta ku bwicanyi bwabereye i Buganda

dimanche 13 mai 2018

Mw’itangazo umurwi CNIDH washize ahabona kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 13 Rusama 2018, Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye uwo murwi amenyesha ko, umurwi arongoye ubababjwe n’ubwo bwicanyi bw’ikivunga bwakozwe bunyamaswa bugatumbera abanyagihugu b’inzirakarengane, mu ntumbero yo gutera agahinda abanyagihugu basanzwe babanye mu mahoro.

Muri iryo tangazo, umurwi CNIDH usaba kandi inzego zo kwivuna abansi n’izo umutekano, gufata ingingo zikomeye zo kubungabunga umutekano w’abanyagihugu bose,no gukoresha uburyo bushoboka bwose, mu ntumbero yo gukinga, kwitanga umwansi n’ukurwanya ibitero mwene ivyo.

Umurwi CNIDH usaba abanyeporitike kwirinda gufatira kuri ubwo bwicanyi, mu kurwanira inyungu za poritike canke gusubira gucanishamwo, kubiba urwanko no kuryanisha abarundi, kandi bari bamaze gushika ku rugero rushimishije mu bijanye no gusubiza hamwe, ukabasaba kandi kwirinda gukoresha igikenye cotuma ubwicanyi nk’ubwabaye i Buganda.

Muri iryo tangazo, umurwi CNIDH usaba amakungu kwiyamiriza ubwo bw’icanyi bavuga ko aru ubw’iterabwoba, akabandanya ashigikira Reta y’Uburundi mu migambi yo gutsimbataza amahoro n’umutekano.

JPEG - 189.1 ko
Jea Baptiste BARIBONEKEZA, Umukuru w’Umurwi CNIDH

Umurwi CNIDH ugasaba abarundi kuguma bunze ubumwe kandi bafatanye mu nda, batekanye ariko bakaza baradoma urutoke ku kintu cose babonye giteye amakenga gishobora guhungabanya umutekano.

Ku kibazo co kumenya insiguro baha ubwicanyi nk’ubwo bwabaye ntihagire abaza gutabara, Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye umurwi CNIDH avuga ko habaye ugusamara mu bajejwe intwaro, mu gukorana n’abegwa bose n’ikibazo c’umutekano.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • birababaje kubona umuntu akererwa nk’impene !!Mana Tabara Igihugu Cacu.

  • NTAWUBIZI KUKO NTA GITERO CO MU BANYAGIHUGU CAKOZWE N’ABARWANYI !

  • Barundi bene wacu ihangane ntakundi kuko abarundi bamwe ntibakiri abarundi bahindutse ibikoko vyomwishamba nimuze dushire amavi hasi dusenge dusengere igihugu cacu c,UBURUNDI kuko imana yonyene niyo ishobora vyose ikindi ndobasaba mwirinde aka rimi nkaba Ndangirije ngaha kuko najewe nyene ukwandika ndumva fise umubabaro nakahinda

  • Andika hano UWICISHA INKOTA AZIISHWA IYINDI IMANA NIYO IHORA IRABABONA

  • Andika hano:ndateye Ivyatsi Abo Bantu atakind Kibaraj Ishinga Atarukwaka Ubusima Inzira Karengane Zo Muruhagarika Ibunda Mu cibitoke.Iyo Barihose AmasasO Yabo Azobahumire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.