Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CVR usaba ababonye ivyabaye mu Burundi kubishikiriza ata (...)
Umurwi CVR usaba ababonye ivyabaye mu Burundi kubishikiriza ata bwoba
mercredi 1er Ntwarante 2017
Umurwi w’igihugu ujejwe kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR usaba ababonye ivyabaye mu Burundi kubimenyesha uwo murwi kugira ivyabaye mu myaka iheze ntibizosubire kuba mu Burundi.
Mw’ijambo yashikirije mu gihe umurwi CVR watanguza icese ibikorwa vyo kwegeranya ibisigarira vy’abantu bahambwe mu binogo rusangi,umunyamabanga mukuru w’umurwi CVR Clotilde NIRAGIRA yasavya ababonye ivyabaye mu Burundi kubishikiriza ata bwoba.
Umunyamabanga mukuru w’umurwi CVR yavuze ko mu bikorwa vy’uwo murwi harimwo ibikorwa vyo gusanura imitima y’abakozweko n’ubwicanyi bwabaye mu Burundi, hamwe no gusubiza hamwe.
Mwomenya ko ibikorwa vyo kwegeranya ibisigarira vy’abahambwe mu binogo rusangi vyatanguriye mu ntara ya Mwaro, bitegekanywa kubandanya no mu zindi ntara z ‘Uburundi.
IGIHE
Messages
1er Ntwarante 2017, 21:44, par Eliud Kanakima
Turashimiye Umukuru Wumurwi Cvr Kuruwomugambi Mwiza
1er Ntwarante 2017, 23:53, par Hutsi
Jewe kugerubu ndabona kubivuga ivyamabi yabaye mu Burundi ari akaryo keza kokubivuga kugira tumaramaze ayomashirahamwe mwinomisi twumva ngonimpuzamakungu apfakubwirwa ibinyoma akabigenderako ariko amabi yabaye izobaryaka bakirorera gutabara, jewe data amvyara yari ututsi mama numugutu ndazi data yaravuze vyishi kumabi yariko arakorerwa ngaha Burundi ariko ntibabikoreyeko.
Kugerujewe ntakosa mbonarinini kubarundi ahubwo ikosa rinini ndaribona kubarebera gusa kandibirirwa barahembwa kugira bareberere hafi ibintu nkabiriya vyabaye ntibibe.