Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi ugira gatatu w’Abarundi bahungutse bava Tanzaniya washitse
Umurwi ugira gatatu w’Abarundi bahungutse bava Tanzaniya washitse
vendredi 15 Nyakanga 2017, par
Abarundi bagera ku 486 bari bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta baratahutse kuri uwu wa kane. Bose bari bahunze bava mu ntara ya Makamba.
Mw’ishirahamwe HCR ryitaho impunzi, bafashijwe n’abajeje intwaro, bakaba bategekanya kuri uwu wa gatanu gushikana abo Barundi mu ngo zabo.
Mu bushikiringanji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesha ko ico gikorwa c’ugutahukana impunzi z’Abarundi kizobandanya gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, abarenga ibihumbi 12 bakaba aribo bitezwe.
Nk’uko biri ku kirangaminsi c’uko abo barundi bazotahukanwa, ikigo co mu Kajaga muri Bujumbura rural kizokwakira abashika 432 harimwo 59 bava mu ntara ya Bubanza, 129 bo mu gisagara ca Bujumbura, 169 bo mu ntara ya Bujumbura Rural, 53 mu ntara ya Cibitoke hamwe na 22 bo mu ntara ya Mwaro bazoshika ku magenekerezo ya 7,12 na 21 z’uku kwezi kwa Nyakanga.
Ikigo co mu Gitara kiri mu ntara ya Makamba kizokwakira abashika 1690, bagizwe na 934 bava i Makamba, 572 bo mu ntara ya Rutana, 152 bo mu ntara ya Rumonge hamwe na 32 bo mu ntara ya Bururi bazoshikanwa ku magenekerezo ya 14,19,26 na 28 Nyakanga 2017.
Ibigo vya Nyabitare na Ruyigi vyo mu ntara ya Ruyigi bikazokwakira abantu 2062, harimwo 1453 bava mu ntara ya Ruyigi, 557 bo mu ntara ya Cankuzo hamwe n’abashika 52 bo mu ntara ya Gitega bakazoshikanwa ku magenekerezo ya 7,12 Nyakanga hamwe no ku magenekerezo ya 24,26 na 31 Gitugutu 2017.
Ikigo ca Songore kiri mu ntara ya Muyinga kikazokwakira abashika 1281 bava mu ntara ya Muyinga, 928 bo mu ntara ya Kirundo, 65 bo mu ntara ya Kayanza hamwe n’abashika 257 baturuka mu ntara ya Karusi.
Egide NDUWIMANA