Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikiranganji Martin NIVYABANDI avuga ko amategeko atari make yatowe mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji Martin NIVYABANDI avuga ko amategeko atari make yatowe mu (...)

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI avuga ko amategeko atari make yatowe mu Burundi

jeudi 18 janvier 2018

Ari mu nama mpuzamakungu ishikirizwamwo ibijanye no guteza imbere ivy’agateka ka zina muntu mu bihugu, umushikiranganji Martin NIVYABANDI yavuze ko, Uburundi bumaze gukora ibitari bike mu bijanye no gusohora amategeko mpanavyaha.

Martin NIVYABANDI avuga ko mu mategeko yashinzwe,hariho ayajanye no gutunganya amanama hamwe n’imyiyerekano,itegeko rijanye n’ivyamatora,sentare ijejwe gutatura amatati afatiye ku matongo n’ayandi matungo,hamwe n’itegeko rijanye no gukingira abahohotwe bishingiye ku gitsina.

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI yavuze ko bakoze kandi mu bijanye n’ibiganiro vyatunganijwe hagati mu gihugu aho abanyagihugu bashoboye gushikiriza iryo bagona kubijanye n’igihugu,gushinga umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi.

Mu ntumbero yo gufasha kugira inzego z’igihugu zikomere mu bijanye no gukingira agateka ka zina muntu,Martin NIVYABANDI yavuze ko umurwi ujejwe ubumwe,kunywanishwa hamwe no kurwanya ihonyabwoko n’ayandi mabi uheruka gushirwaho .

Mu guheraheza uwo mushikirangaji w’agateka ka zina muntu yamenyesheje ko mu biheruka gukorwa ari ibijanye n’ikigo kiriko kirashirwaho kizofasha kwigisha abana batarakwiza imyaka yo gupfungwa bakoze ivyaha, kurwanya ikumira rishingiye ku mico n’akaranga mu gufasha abana b’abakobwa kuja kw’ishure.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.