Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji mushasha muri Reta y’Uburundi yarahiye (Amafoto)
Umushikiranganji mushasha muri Reta y’Uburundi yarahiye (Amafoto)
mardi 24 Nzero 2017, par
Céléstin NDAYIZEYE, umushikiranganji mushasha muri Reta y’Uburundi, ajejwe amazi, ibidukikije, hamwe n’ugutunganya ibisagara yatanguye ku mugaragaro kuri uwu wa kabiri amabanga yashinzwe y’ubushikiranganji, inyuma y’ukurahira imbere y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.
Uwo mushikiranganji mushasha yari yagenwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuri uwu wa mbere, akaba yashizwe mu kibanza cahoramwo Emmanuel NIYONKURU aheruka kugandagurwa.
Céléstin NDAYIZEYE ni umututsi wo mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Yahora ari umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Muramvya.
IGIHE
Messages
24 Nzero 2017, 13:09, par SUGURU SEBASTIEN
AMOKO MUBURUNDI YARAKWIYE KU HAVA! BAKAVUGA UMUNTU ICABA AMAZE GUS
24 Nzero 2017, 17:11, par Hutsi
Nyenicubahiro Céléstin Ndayizeye, ndagukeje kubwayomabanga muhawe mugihugu cawe/cacu.
25 Nzero 2017, 01:12, par BALTHASAR MIBURO
Erega Suguru Sebastien, amoko ntiyazanywe n’Uburundi, yaremwe n’Imana. Gusa kirazira kwitwaza ubwoko ngo ugirire nabi umuntu nkawe. Kw’isi yose amoko abaho. No muri Bible baravuga amoko. None wewe urashaka kuzimanganya ivy’Imana yiremeye?
25 Nzero 2017, 14:53, par TINYA
Hewe wibuk ko udasumba uwo wasubiriy!pay attention please!you will see in few days.thx.