Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji ntavuga rumwe n’umuvugizi wiwe ku kibazo c’ubutare bwa (...)
Umushikiranganji ntavuga rumwe n’umuvugizi wiwe ku kibazo c’ubutare bwa "Terres rares"
vendredi 29 Nyakanga 2017, par
Mu kiganiro yaremesheje umunsi yariko ashikiriza ivyanguye n’ubushikiranganji arongoye mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka w’2017, umushikiranganji ajejwe ubutare n’agataka, Come MANIRAKIZA yari yamenyesheje ko muri ayo masezerano ata binyegezwa abanyagihugu birimwo.
"Nta kinyegezwa kirimwo. Ayo masezerano yerekwa umuntu wese ayakeneye kugira ashobore kubona ibirimwo ivyarivyo. Ni igikorwa turiko turakora. Ubutare n’ubw’abenegihugu butegerezwa gukora ku neza y’abenegihugu, abo benegihugu bafise uburenganzira bw’ukumenya amasezerano yose abaye hagati ya Reta n’ishirahamwe iryariryo ryose muri ico gisata"
Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Leonidas SINDAYIGAYA we siko abibona, akavuga ko ibiri muri ayo masezerano bidakwiye kumenyekanishwa kuri bose.
"Amasezerano yarabaye, haba ngaha iwacu, haba kw’isi, amasezerano nk’ayo ntibirekuriwe ko aja mw’ibarabara."
Muri izo mvugo zibiri hagati y’umushikiranganji n’uwo amuvugira, Leonidas SINDAYIGAYA amenyesha ko hari ingingo zivuga ko ayo masezerano adakwiye gushirwa ahabona.
Ibikorwa vy’ugucukura ubutare (Terres rares) vyatangujwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu kwezi kw’indwi uwu mwaka. Ikigo kizofasha mu kubucukura kikaba kiriko kirubakwa mu Kabezi, intara ya Bujumbura rural .
Egide NDUWIMANA
Messages
3 Gitugutu 2017, 04:01, par Tharcisse Musavyimana
Ni baza ko vyoba vyiza bikozwe muntumbero bose bamenya kuko nomukugurura vyabereye ku mugaragaro Igihe Nyenicubahiro President yatanguza icese.
3 Gitugutu 2017, 07:55, par imuhinduke
biteye ikibazo