Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru arashima ibikorwa vy’abamenyeshamakuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru arashima ibikorwa vy’abamenyeshamakuru

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru arashima ibikorwa vy’abamenyeshamakuru muri 2017

samedi 30 décembre 2017

Inyuma y’ikiganiro umukuru w’igihugu yaremesheje kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama 2017, Nestor BANKUMUKUNZI aramutswa ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru yavuze ko umwuga wo kumenyesha amakuru ariwo mwuga urimwo abantu baciye ubwenge kurusha abandi.

Nestor BANKUMUKUNZI yamenyesheje ko bishika abamenyeshamakuru bakarondera amakuru mu nzego za Reta, ariko abo nabo bakaba ata mwanya bafise wo gutanga umuco, aca asaba abamenyeshamakuru ko igihe cose bobona ko bahava bakenera umuntu, bobimumenyesha hakiri kare kugira arondere akanya.

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yavuze ko yiteguye kwakira uwumwitura wese, ivyo akabikora yisunze ko nawe yakozwe uwo mwuga,azi intambamyi abamenyeshamakuru bahura nazo.

Mu ntumbero yo kwagura umwuga wo kumenyesha amakuru,Nestor BANKUMUKUNZI yamenyesheje ko hari umugambi wo gushiraho urwego rw’abavugizi, mu ntara bikazofasha abamenyeshamakuru bakorera ibinyamakuru hagati mu gihugu, hamwe n’amaradiyo akorera mu gihugu hagati.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yemeye ko Reta izobandanya gushigikira abamenyeshamakuru, ariko nabo bagasabwa kurondera amakuru cane, mu bisata vyose atari ukwisunga amakuru ya poritike gusa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.