IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikirizamanza mukuru w’Uburundi yizeye ko CPI itazotanguza amatohoza ku (...)

Umushikirizamanza mukuru w’Uburundi yizeye ko CPI itazotanguza amatohoza ku vyagirizwa Reta

samedi 9 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu cegeranyo c’umurwi washizweho na ONU kugira utohoze ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane 2015, bavuga ko agateka ka zina muntu katosekajwe cane, kandi ko hari ivyaha vy’agahomerabunwa vyakozwe, abavyagirizwa bakaba bashobora gukurikiranwa na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu. Uwo murwi wa ONU wasavye Sentare mpanavyaha mpuzamakungu (CPI) kwugurura amatohoza, hamwe n’ugukurikirana abagirizwa ivyo vyaha. Ico cegeranyo ca ONU kivuga ko ayo matohoza yokorwa na CPI (Cour Pénale Internationale) kubera Reta y’Uburundi ata gushaka n’ubushobozi ifise bwo gukurikirana abagirizwa ivyo vyaha.

Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’uburundi avuga ko bitumvikana ingene uwo murwi wa ONU wemeza ko Uburundi atagushaka n’ubushobozi bufise bwo kugira amatohoza ku vyaha bimwe bimwe, agasaba Fatou BENSOUDA kureka ubutungane bw’Uburundi abe aribwo bukora kuri ivyo vyagirizwa Uburundi.

"Turizeye ko umushikirizamanza yegamiye Sentare mpanavyaha mpuzamakungu azokorera ku makuru twamuhaye, kuko ibiri muri ico cegeranyo ata shingiro bifise, gutyo agaca ahagarika amatohoza y’intangamarara, akareka inzego z’ubutungane z’Uburundi zikabandanya akazi kazo."

JPEG - 94.7 ko
Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’uburundi

Ico cegeranyo ca ONU ku gateka ka zina muntu mu Burundi kivuga ko bamwe mu bategetsi b’Uburundi biha ububasha bw’uguhagarika hamwe n’ugupfunga abantu, kandi batabifitiye uburenganzira. Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika asaba ko ayo makuru yotangirwa ivyemeza.

"Tukaba dusaba abemeje ayo makuru ko aho vyabaye bovuga ababikoze n’aho vyabereye kugira abagirizwa ico caha co gukoresha ububasha badahabwa n’amategeko bahanwe n’amategeko y’Uburundi."

Sylvestre NYANDWI umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yemeza ko ico cegeranyo ca ONU atakuri kurimwo, akavuga kandi ko mu gihe Fatou BENSOUDA yokwugurura amatohoza nyezina ya CPI mu Burundi azoba ariko arahungabanya inzego zitwara Uburundi, kandi ko iyo ngingo itazoba ikurikije amategeko.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba ko Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI yokwugurura amatohoza nyezina mu Burundi, aho akaba ari mu gihe amatohoza y’intangamarara ya CPI yamaze gutanguzwa mu Burundi, naho Reta yari yayiyamirije. N’aho nyene, Sylvestre NYANDWI umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi avuga ko amategeko atubahirijwe, cane cane amasezerano y’i Roma avuga Sentare CPI idashobora guhana ivyaha bisanzwe biriko birakurikiranwa n’inzego z’igihugu ivyo vyaha biba vyakorewemwo, ico mu gifaransa bita "Principe de Complémentalité"


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.