Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuvugizi w’umugambwe MSD ariyamiriza amasanamu y’abana baririmba indirimbo (...)
Umuvugizi w’umugambwe MSD ariyamiriza amasanamu y’abana baririmba indirimbo z’ivyabaye muri kahise
dimanche 4 Ruheshi 2017
Mw’itangazo umuvugizi w’umugambwe MSD yashize ahabona amenyesha ko ayo masanamu yerekana ko ata mugambi umugambwe uri ku butegetsi ufitiye urwaruka atari kubigisha ingene bosambura igihugu kandi babigishije kugira baronke ico bakora.
Muri iryo tangazo,umuvugizi w’umugambwe MSD asaba amakungu kuva mu gacerere arimwo,no gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi.
Ku bijanye n’abanywanyi b’umugambwe MSD BANGIRICENGE Leo na Remy NDAGIJIMANA banyurujwe,umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace NSHIMIRIMANA amenyesha ko bafise amakuru yo kwizerwa ko bamaze kwicwa ariko ko ikibabaje ari uko atawushobora no kuronka ibiziga vyabo.
MUGISHA Van Naris
Messages
4 Ruheshi 2017, 11:05, par MINANI WILLINGTON
Kama Waliuwa Nawao wakifa Niharari Yao Wanachama Wenu Mlishinda Kuwafundisha Kuipenda Inchi Yao Mkawafundisha Kuibomwowa Ache Muvune Hayo Mana Ndiyo Mliyo Panda,,,,,,,,
5 Ruheshi 2017, 06:23, par Karenga
Sibibi Kubwira Umwana Icakubayeko Ukirimuto Caba Kibi Umubuza Kugikora
5 Ruheshi 2017, 12:36, par manirakiza
ntakindi bafise bigisha atarugwanko n’amacakubiri