Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yasubiye kwemeza ko Reta idashobora kwicarana (...)
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yasubiye kwemeza ko Reta idashobora kwicarana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi
samedi 18 Ntwarante 2017
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA NDENZAKO amenyesha ko Reta y’Uburundi itazokwigera yemera kwicarana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa Rusama,umwaka wa 2015.
Mu gihe hariko haremeshwa ikiganiro n’abavugizi b’inzego zitandukanye za Reta, kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ntwarante,umwaka wa 2017 ,mu ntara ya Makamba, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko,Reta ishigikiye ibiganiro bibera hagati mu gihugu n’ibibera hanze y’igihugu.
Jean Claude KARERWA yavuze ariko ko mu biganiro vyatunganijwe mu gisagara ca Arusha, hibonekejemwo utunenge, mu bijanye no gutumira kuko hatumiwe imigambwe itemewe n’amategeko mu Burundi.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ibijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu ataco Reta ikivugako, kuko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro n’iyo mu karere zemeje ko ikiringo gikurikije amategeko.
IGIHE
Messages
18 Ntwarante 2017, 16:08, par Wakera
Nta mishyikirano na Mujeri zasize zitwitse abarundi n’imipine.
18 Ntwarante 2017, 21:13, par nkdn
abarundi dusavye reta kudasasira indà va abanyakibi abagize kudeta mukabemerera nanje nzoca nkora kudeta ariko mugihe reta yuburundi yotangakarorero muri afrika nibindi bihugu borabirako akarorero ntihagire umuntu azosubira gucutsa umutima wogukubita kudta demokrasi ntivyopfa bisubiye mwaka karere rero nahareta yuburundi
19 Ntwarante 2017, 17:36, par NDAYAVUGWA NDREA
KUMBURA MWEMERE MUGANIRE NA BUYOYA YARABEMEREYE KWARI NKUKWO
20 Ntwarante 2017, 05:25, par .
Twaravuze tuti kiretse twese mutumaze nimba mubishoboye , tuzoganira nabakoze kudeta nabaturiye abantu, nayo abatagirwa nivyovyose twaramaze kwitangurira ibiganiro.