Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi mukuru w’ikigo OBR yasubirijwe
Umuyobozi mukuru w’ikigo OBR yasubirijwe
lundi 17 Ndamukiza 2017, par
Léonard Sentore yahora ari umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi (OBR : Office Burundais des Recettes) yakuwe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, asubirizwa na Audace NIYONZIMA yahora akora mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB).
Léonard Sentore yari amaze amezi cumi gusa muri ayo mabanga, mu gihe ikiringo ciwe cari ic’imyaka ine, akaba yari yahawe ikibanza cahoramwo Domitien NDIHOKUBWAYO yagenwe kuba umushikiranganji w’ikigega ca Reta y’Uburundi.
- Leonard SENTORE, yahora ari umuyobozi mukuru w’ikigo OBR
Audace NIYONZIMA, umuyobozi mushasha w’ikigo OBR abaye umuyobozi agira kane arongoye ico kigo kuva gishingwa, inyuma ya Kieran Holmes, Domitien Ndihokubwayo na Leonard SENTORE.
IGIHE
Messages
17 Ndamukiza 2017, 14:13, par niyomukiza divinne
uwo.wew.musizemwontazomara kabiri kuko.afise akanyaro karamurenze
17 Ndamukiza 2017, 15:20, par kariyo
none iyo myaka ine muvuga ko yarafise yari yayikuyehe ko nta kibazo yakoze yinjira.Ya ri decret presiddentiel,Uwari yamugenye niwe amukuye kdi nje numva ivyo nta ngorane zirimo.
17 Ndamukiza 2017, 15:31, par Kessy
Ni umugabo aciye ubwenge azorangura neza ayo mabanga
17 Ndamukiza 2017, 15:47, par Sanctus
Mubiravye Ico Gihe Yaramaze Yifashe Gut?Ari Mubatuma Uburundi Bwinjira Muri Phase 5 ?
17 Ndamukiza 2017, 15:54, par .
At Divine, burya yarashatse ko umushurashuza ngumuteshe ibanga arakwankira nicogituma uciyuvuga ngwafise akanyaro.
Rekahubwo jewe ndamukehe.
Hanyuma uwonawe komutatubwiye icoyahinduriwe tumwifurije kazoza yindi nziza kuko bose nibene mugabo umwe(Burundi)
18 Ndamukiza 2017, 04:02, par Wakera
Yazize ko yananiwe n’uguhemba imbonerakure, interahamwe na FDLR bica bisaba ko bikora kuri buruguri ya Force de Destabilisation Nationale (FDN) kugire bazihendahende!!! Ibara kumutemere
18 Ndamukiza 2017, 08:05, par ISIRAHENDA
Comme ça les gens apprendront à être sage. Ingero ugererako abandi niyo uzogererwako.
18 Ndamukiza 2017, 09:54, par Richard
Ko mutatubwiye ikosa yakoze none?
18 Ndamukiza 2017, 13:54, par sisongo
AGIRA ASHINGWE AYANDI MABANGA YO GUSERUKIRA UBURUNDI MURI EAC
18 Ndamukiza 2017, 17:06, par Make Good
Divine ahubwo wew iryo zina ryawe ni Démane. Nubundi mwana Dany ntaco mwanze.
18 Ndamukiza 2017, 20:05, par Jean Bosco
None Yahowiki
19 Ndamukiza 2017, 18:08, par SUGURU SEBASTIEN
UWO MUNTU YAGIRIJWE AMAKOSA NYABAKI? KWI KIRINGO KITARI BWAGERE HAGATI?