Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwimbu w’ubutare bwa Coltan uboneka ku kwezi wariyongereye
Umwimbu w’ubutare bwa Coltan uboneka ku kwezi wariyongereye
mardi 16 janvier 2018
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko ubutare bwazimira bwaba bwashowe mu bihugu bibanyi, mu nzira zitazwi n’amategeko.
Mw’ijambo yashikirije yipfuriza abarundi umwaka mushasha wa 2018, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ko uwo mwimbu mwiza bawukesha abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano barwanije bimwe biboneka, urudandazwa rudakurikije amategeko rw’ubutare.
Umukuru w’igihugu yavuze ko mu mwaka wa 2017, hafashwe itoni zirenga 19 za karumbeti (Coltan),itoni imwe n’igice za gasegereti (Cassiterite) n’itoni indwi n’igice z’ubutare bwa Nickel.
MUGISHA Van Naris
Messages
18 janvier 2018, 13:22, par MBanzamihigo aloys
Mutama wacu naduteze imbere twari twaranizwe ubu niwacu mu giteranyi bagira baduhe amatara