Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urumuri rw’amahoro rwatanguriye mu ntara ya Kayanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urumuri rw’amahoro rwatanguriye mu ntara ya Kayanza

Urumuri rw’amahoro rwatanguriye mu ntara ya Kayanza

lundi 11 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu murwi w’igihugu ujejwe gutegura ivy’urumuri rw’amahoro " Flambeau de la Paix" uko umwaka utashe bamenyesha ko urwo rugendo rw’urumuri rw’amahoro ari ikimenyetso cerekana ko ahari umuco umwijima uba uhavuye.

Muri uwo murwi bavuga ko urwo rumuri rw’amahoro rusigura ko Uburundi buba buvavanuye n’ingeso y’ingwano z’urutavanako zibonekeje muri kahise.

Muri uwo murwi bavuga kandi ko abaherekeza urwo rumuri baronka akaryo ko kwifadikanya n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere nk’ukubaka amashure, ibiro vy’indongozi, ibibuga vy’inkino z’umupira hamwe n’ibikorwa vy’gukingira ibidukikije mu guteragira ibiti ku misozi itandukanye.

Urugendo rw’urumuri rw’amahoro "Flambeau de la Paix" rumaze imyaka cumi rutangujwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA inyuma y’umwaka umwe atowe kurongora Uburundi. Uwu mwaka w’2017, ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro vyatunganijwe ku civugo : "Tugire urunani rw’intamenwa twubake kandi dukingire igihugu cacu."


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Urwo rumuri rw’amahoro rumaze iki hirya no hino mu Burundi hirirwa haratoragurwa ibiziga?

  • Nimba arivyo ariko arahamura! urwo nurumuri rwoguhonya abenuburundi.
    Ubwubona ivyo birashisha cane.
    Aharamahoro harabantu birirwa barichwa, abandi batabwa munzuzi baboshwe?
    abandi bahimburwa amagara, abandi amazosi.
    icogishano uwokibasamburirako mwabageseramwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.