IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urunani UPO ruriyamiriza icegeranyo c’umurwi wa ONU wakoze amatohoza ku (...)

Urunani UPO ruriyamiriza icegeranyo c’umurwi wa ONU wakoze amatohoza ku Burundi

samedi 17 mars 2018

Mw’itangazo urwo runani rwasohoye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018 riterwako umukono na Jacques BIGIRIMANA arurongoye, rumenyesha ko basubiye gutanganzwa n’ivyashikirijwe n’umurwi wagize amatohoza ku Burundi, ku bijanye n’agateka ka zina muntu, kuko werekanye ko ufise aho uhengamiye.

Muri iryo tangazo, urwo runani rumenyesha ko icegeranyo cashikirijwe cihuse, rufatiye ku minsi yari iheze uwo murwi uhawe umuyobozi mushasha, kuko ata mwanya ukwiye waronse wo kugira amatohoza.

Urunani UPO rumenyesha ko mu cegeranyo cashikirijwe n’umurwi w’amatohoza harimwo insiguro nyinshi zidafashe, bafatiye k’ukungene ibintu vyifashe mu Burundi, kuko uwo murwi wavuze ko mu Burundi ata karusho kabaye mu bijanye n’imibano, poritike n’umutekano, kandi atariko biri.

Urunani UPO rumenyesha ko bisunze ivyashikirijwe n’uwo murwi wa ONU wakoze amatohoza, hari ukugerageza gushira igihugu c’Uburundi mu bihe nk’ivyo igihugu ca Libiya kirimwo.

Ico cegeranyo cashikirijwe kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Urwo runani rw’imigambwe ngo ntiruvuga rumwe na Reta ? None ko umengo bashigikiye ivyo reta imaze imisi yiyamiriza wumva batavuga rumwe gute ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.