IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibinyamakuru bisabwa kwisunga amategeko mu gihe co kwiyamamariza ibwirizwa (...)

Ibinyamakuru bisabwa kwisunga amategeko mu gihe co kwiyamamariza ibwirizwa nshingiro

mercredi 25 avril 2018

Nkuko biri mw’itangazo ry’urwego CNC ryashizweko umukono n’umukuru warwo KARENGA Ramadhan kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2018, urwo rwego rumenyesha ko imigambwe canke abigenga biyandikishije mu murwi CENI, aribo bashobora kwiyamamaza babicishije ku maradiyo no mu bimenyeshamakuru.

Urwego CNC rusaba abarongoye ibinyamakuru bose bazotanga ibibanza ku banyamigambwe n’abari mu nani, kwitunganya neze kuri ico gikorwa, bakubahiriza kandi urutonde rwo kwakira ababasavye ikibanza co kugira imyiyemamazo.

JPEG - 72.5 ko
KARENGA Ramadhan, umukuru w’urwego CNC

Urwego CNC rusaba kandi abarongoye ibinyamakuru gutunganya neza umwanya mu biganiro, bagacisha mu binyamakuru barongoye amajambo adahungabanya umutekano w’igihugu, abamenyeshamakuru bakubahiriza amategeko abagenga mu mwuga, hamwe n’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru.

Ukwiyamamaza bizotangura kw’igenekerezo rya 1 Rusama, bihere kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018, nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.