Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego CNC rwahagaritse ibihano vyari vyafatiwe umumenyeshamakuru Egide (...)
Urwego CNC rwahagaritse ibihano vyari vyafatiwe umumenyeshamakuru Egide NDUWIMANA
samedi 24 février 2018
Aimée DIVINE NIYOKWIZIGIRWA icegera akongera n’umuvugizi w’urwego CNC mu kiganiro yahaye abamenyeshakuru ku wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018, yamenyesheje ko urwego CNC ruhejeje kwihweza ivyashikirijwe n’ikinyamakuru IGIHE aho casaba ko umumenyeshamakuru warwo Egide NDUWIMANA atezurirwa, rwaciye rufata ingingo yo gutezurira uwo mumenyeshamakuru.
- Aimée DIVINE NIYOKWIZIGIRWA ,icegera c’umukuru wa CNC akaba n’umuvugizi wa CNC
Icegera c’uwurongoye urwego CNC akaba n’umuvugizi warwo, amenyesha ko ikinyamakuru IGIHE cemeye ko kigiye kuzokora hisunzwe amategeko y’igihugu c’Uburundi.
Umumenyeshamakuru Egide NDUIMANA avuga ko ashima kubona yatezuriwe ibihano yari yahawe, nk’uko n’igihe yafatirwa ibihano yemeye aho intahe ishize.
Egide NDUWIMANA avuga ko azobandanya akora umwuga wiwe neza kandi yubahiriza akarangamutima ko kumenyeshamakuru.
- Egide NDUWIMANA,Umuyobozi w’uruganda rwo kumenyesha amakuru, mu kinyamakuru IGIHE
Egide NUWIMANA yari yahagaritswe mu kiringo c’amezi 3 kuva kw’igenekerezo rya 26 Kigarama 2017, bivuye ku nkuru yari yatanze urwego CNC ruvugako itari ikwije canke yahonyanga amategeko y’igihugu c’Uburundi.
BIKORIMANA Vianney
Messages
25 février 2018, 20:50, par Nyamitima Wiliam
Asha Muragowe Pe.Ahumumenyeshamakuru Ategerezwa Kwandik Inkuru Inezereza Leta.Ntahobitaniye Navyabihe Vyaba Buyoya Na Bagaza.Nicogituma Wokwibaza Kwibintu Bimezeneza Kuberatamakuru Nyakuri Tutakiyaronka.