Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwaserukiye Urwanda mu matora ya EALA yatsinze abashingamateka b’Uburundi (...)
Uwaserukiye Urwanda mu matora ya EALA yatsinze abashingamateka b’Uburundi badahari
mardi 19 Kigarama 2017, par
N’aho abaserukira Uburundi batari muri ico kibanza, izina ryatanzwe n’Uburundi, Leontine Nzeyimana yahoze ari umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, ryatahukanye amajwi atatu.
Abashingamateka ba Afrika y’ubuseruko batanguye ibikorwa vyabo kuri uwu wa mbere ntibari bashoboye gutora umukuru w’iyo nama, kubera Uburundi bwasaba iyubahirizwa ry’amategeko ku bijanye n’ugukurakuranwa mu burongozi bw’iyo nama nshingamateka.
Abashingamateka baserukira Uburundi, inyuma y’ukurahira, bakaba baranse kuja muri ayo matora, kuko bavuga ko amategeko y’ugukurakuranwa muri ubwo burongozi atubahirizwa, ayo nayo akaba avuga ko ibihugu bikurakuranwa muri ubwo burongozi hisunzwe indome z’amazina y’ibihugu. Abaserukira Uburundi bavuga ko hari agahaze, kuko igihugu kiramukiwe muri ubwo burongozi arico conyene cari gikwiye gutanga uwitoza, aho akaba ari mu gihe abahiganirwa ico kibanza bari abatanzwe n’ibihugu bitatu, arivyo Uburundi, Urwanda na Tanzaniya. Ibikorwa vy’ugutora umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) bikaba vyaciye bishirwa kuri uwu wa kabiri.
Muri ayo matora yabaye kuri uwu wa kabiri, uwatahukanye ikibanza c’umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko akaba ari umushingamateka Martin Ngoga w’Urwanda. Igihugu c’Urwanda kirongoye inama nshingamateka ya EALA ku ncuro ya mbere.
- Umushingamateka Martin Ngoga yaserukiye Urwanda muri ayo matora, akaba ari nawe yatsinze
Ikiringo ca mbere c’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) catanguye kuva mu 2001 gushika 2006 kirongowe na Abdulrahman Kinana wa Tanzaniya. Ikiringo ca kabiri catanguye kuva mu 2007 gushika mu 2012) kiyobowe na Abdirahim Abdi wa Kenya. Ica gatatu catanguye kuva mu 2012 gushika mu 2017) kirongowe na Daniel Fred Kidega wa Uganda, ari nawe yakorewe mu ngata n’umunyarwanda, inyuma y’amatora yabaye kuri uwu wa kabiri.
Egide NDUWIMANA
Messages
20 Kigarama 2017, 08:42, par muco
Ikitumvikana muri EALA. Muti baraba alphabet y’ibihugu bavamwo. Habanje umu nya Tanzania. T ni lettre igira kangahe? Hahora umu Ugandais. U ni iya kangahe? Iyo myaka yose, ubu niho bavyibutse? Iyo parainage hagati y’Uburundi na Tanzania yo mu muafuti iratangaje
20 Kigarama 2017, 13:08, par Busurahende
@Muco: Uti parainage? Ahubwo tuzosanga carabaye igihugu kimwe mu mibereho. Ntiwabonye uwutavuga rumwe na Leta ayo bamukoreye? Baramumeshe n’ubu ntazopfa asubiriye kuvuga ni ikimuga kiri mw’igororero i Nairobi
20 Kigarama 2017, 16:59, par myandagaro
Baraguhenda ahubwo amategeko avuga ko : 1- igihugu cyarongoye EALA nticyongera gutanga umukandida ibindi bitarayobora (Tanzanie ntiyagombaga kuzamo) 2- Igihugu gifite Secretaire General ntikemerewe gutanga umukandida muri EALA kuko kitayobora executif et legislatif en meme temps (Uburundi ntibwagombaga gutanga umukandida). Ibyo by’indome ni ibihimbano ahubwo bakoze une coalision negative bafite undi mugambi ariko abandi bose barabahinyuye. None se indome zabo bazanze, Tanzaniya yo yasohokeye iki? Parrain yagiye guhoza umwana wo muri bapteme we!!!!
22 Kigarama 2017, 18:18, par Burundi Bwacu
Hahahah.... Bagiye kurya ubugari n’indagara n’ikiyeri bagarutse basanga amatora yarangiye.