Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Zebiya siwe twakurikiye, twakurikiye Imana yacu yatubonekeye ku kibanza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Zebiya siwe twakurikiye, twakurikiye Imana yacu yatubonekeye ku kibanza (...)

"Zebiya siwe twakurikiye, twakurikiye Imana yacu yatubonekeye ku kibanza ceranda ca Businde"

jeudi 5 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Chantal ni umwe mu bayoboke ba Zebiya, akaba yaje aja mw’ikambi y’impunzi y’i Nyanza mu gihugu c’Urwanda. Uwo mupfasoni avuka i Bubanza avuga ko ataco vyomumarira ataye ukwemera afise. "None dutaye ukwemera vyotumarira iki?"

Bimwe muvyo batemera, ni nk’incanco zihabwa abana bari munsi y’imyaka itanu, bakaba kandi batemera kuvurwa n’imiti iyariyo yose.

"Igihe twari tumaze tudacancwe nta ngwara z’ubumuga canke z’icaduka ziri muri twebwe boba baradusanganye? "Twebwe abanya Businde tumeze nk’imodoka. Imodoka irafise umushoferi, umushoferi rero ayitwara iyo ashatse. Twebwe natwe umushoferi wacu Bikira Mariya adutwara iyo ashatse. Iyo avuze ati kora iki, ukora ico nyene ntuhindura."

Abo bayoboke ba Zebiya baravuga bimwe muvyari vyatumye bahunga Uburundi. Eliya NTUNZWENIMANA wo muri komine Marangara, intara ya Ngozi : "Icatumye mpunga nabona bitoroshe mu kwemera kwanje. Harabaye ukutumvikana hagati ya Reta natwe, ku kibanza ceranda ca Businde."

N’aho habaye ukwo kutumvikana kwatumye ahunga Uburundi, yemeza ko muriwe azi neza ko ikibanza c’i Businde mu Kayanza ari ikibanza ceranda, aho Bikira Mariya abonekera abo bayoboke ba Zebiya, iminsi yose kw’igenekerezo rya 12 z’ukwezi. Avuga ko nka hamwe Reta yobemerera, ko bipfuza gusubira gusengerayo.

"I Businde turacahafata nk’ikibanza ceranda. None nticahezagiwe izuba ryaka? Batwemereye twosubirayo gusengerayo nyene. None ugira uwa 12 twarawibagiye? N’ubundi twawubandanya."

Mu minsi yose abo bayoboke bamaze mu buhungiro, bemeza ko batigeze babona umwigeme Zebiya bivugwa mbere ko yoba yaribarutse umwana w’umwigeme. Abo bayoboke bavuga ko ivyo bitabaciye intege, kuko ku bwabo, atariwe bari bakurikiye.

"Zebiya ntawe twabonye kandi siwe twakurikiye, twakurikiye Imana yacu yatubonekeye ku kibanza ceranda ca Businde. Ariko yaradufashije mu gihugu c’Uburundi mu kubandanya gusenga kwacu. Nivyo vyadufashije n’ubu kuba tugihagaze mu kwemera."

Buramatari w’intara ya Kayanza, Anicet NDAYIZEYE aragabisha abayoboke ba Zebiya bosubira gusengera mu kibanza c’i Businde muri iyo ntara ya Kayanza.

Mw’ijambo yashikirije ry’ukwakira abo barundi bahungutse, Buramatari w’intara ya Kayanza yashikirije ko uwohirahira akegera ikibanza c’i Businde, ingaruka z’ibizokurikira ariwe azozibazwa. Anicet NDAYIZEYE yasavye abo bayoboke ba Zebiya ko bokwubahiriza amategeko ya Ekereziya Gaturika, kuko basanzwe bemera ko ari abakatorika.

Kuva mu mwaka w’2014, inyuma y’imishamirano hagati y’abaporisi n’abayoboke ba Zebiya yahitanye ubuzima bwa bamwe muribo, Reta y’Uburundi yafashe ingingo ko ikibanza c’i Businde gihinduka ikibanza c’imyimenyerezo ya gisirikare, kandi ko ata munyagihugu n’umwe arekuriwe kuhegera.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.