Accueil > Amakuru > u Burundi > "Zeid Ra’ad Al Hussein ntazi aho Uburundi bugeze" - Gaston SINDIMWO
"Zeid Ra’ad Al Hussein ntazi aho Uburundi bugeze" - Gaston SINDIMWO
mardi 27 Ruhuhuma 2018, par
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, yamenyesheje ko ritabaye irya mbere uwo Zeid Ra’ad Al Hussein ashikirije amajambo aca ivutu Abarundi, akamwagiriza ko akoreshwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu migambi itari iy’ineza y’Abarundi.
"Kuva mu 2012 avuga ihonyabwoko mu Burundi, avuga ko Abarundi bariko baramarana. Uwo ari muri ba bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bafise umugambi ku Burundi utajanye n’ineza y’Abarundi. Zeid Ra’ad Al Hussein ariko arasigwa, ntazi aho Uburundi bugeze."
- Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuga ko kubona Zeid Ra’ad Al Hussein yavuze ko Uburundi ari amacuniro y’abantu ari urukurikirane rw’amajambo aturira, agamije gutera ubwoba abandi.
"Amajambo nk’ayo akoreshwa kugira atere ubwoba abandi. Ibihe tuvuyemwo bizoha icigwa Abarundi hamwe n’abanyamahanga, n’amashirahamwe mpuzamakungu, kuko ivyo bari biteze ku Burundi sivyo babonye. Zeid Ra’ad Al Hussein ntazi aho Uburundi bugeze mu bijanye n’amahoro n’umutekano. Uwukunda umwana gusumba nyina aba ashaka kumurya. Si Zeid Ra’ad Al Hussein yokunda Abarundi gusumba Abarundi ubwabo."
Gaston SINDIMWO yemeza ko Uburundi burangwa n’amahoro n’umutekano, kandi ko uwukoze icaha agihanirwa ku gatwe kiwe.
Egide NDUWIMANA
Messages
27 Ruhuhuma 2018, 13:43, par Anonyme
Umwana ntibamurya"baramutwara"
Ukunda umwana kurusha nyina aba agomba kumumutwara
27 Ruhuhuma 2018, 16:46, par GOGORI
Zeid Ra’ad Al Hussein biraboneka ko yariye igiturire c’Aba biligi. Uravye amajambo yashikirije ku Burundi ingene arimwo ukurenza urugero caaane biboneka ko hari ico ariko yishura. Ibi ndabivuze nisunze amajambo aherutse gushikiriza ku gihugu cacu ukuntu akomeye akaca ubona ko abigira nkana kuko iyo aza kuba uwundi ntayari kuvuga u Burundi gusumvya Génocide iriko ibera Bangladesh ku ba Rohinja, amajana y’abantu yirirwa apfira muri mer méditeranée baja i Buraya kandi biteye amakenga, abantu birirwa baricirwa muri America buri musi,......
27 Ruhuhuma 2018, 17:21, par kankindi
nikuki nandika iciyumviro makakirogeta
27 Ruhuhuma 2018, 20:13, par NSHIMIRIMANA BOSCO
KOMERA.MUTAMA UKUNDA IGIHUGU CAWE ICOGUSIMIRA UTANGA UMUCO UTARAVYE ICURI OK UZIGAMWE
1er Ntwarante 2018, 15:49, par Jewe
hahahaha ubundi se bugeze he? amenyo ni amabuye. hahahah
2 Ntwarante 2018, 13:09, par Mob
Mu Burundi hari honnya bwoko bwabatutsi,nyamuneka amahanga nahaguruke