IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Zeid Ra’ad Al Hussein ntazi aho Uburundi bugeze" - Gaston SINDIMWO

"Zeid Ra’ad Al Hussein ntazi aho Uburundi bugeze" - Gaston SINDIMWO

mardi 27 Ruhuhuma 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, yamenyesheje ko ritabaye irya mbere uwo Zeid Ra’ad Al Hussein ashikirije amajambo aca ivutu Abarundi, akamwagiriza ko akoreshwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu migambi itari iy’ineza y’Abarundi.

"Kuva mu 2012 avuga ihonyabwoko mu Burundi, avuga ko Abarundi bariko baramarana. Uwo ari muri ba bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bafise umugambi ku Burundi utajanye n’ineza y’Abarundi. Zeid Ra’ad Al Hussein ariko arasigwa, ntazi aho Uburundi bugeze."

JPEG - 56.5 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuga ko kubona Zeid Ra’ad Al Hussein yavuze ko Uburundi ari amacuniro y’abantu ari urukurikirane rw’amajambo aturira, agamije gutera ubwoba abandi.

"Amajambo nk’ayo akoreshwa kugira atere ubwoba abandi. Ibihe tuvuyemwo bizoha icigwa Abarundi hamwe n’abanyamahanga, n’amashirahamwe mpuzamakungu, kuko ivyo bari biteze ku Burundi sivyo babonye. Zeid Ra’ad Al Hussein ntazi aho Uburundi bugeze mu bijanye n’amahoro n’umutekano. Uwukunda umwana gusumba nyina aba ashaka kumurya. Si Zeid Ra’ad Al Hussein yokunda Abarundi gusumba Abarundi ubwabo."

Gaston SINDIMWO yemeza ko Uburundi burangwa n’amahoro n’umutekano, kandi ko uwukoze icaha agihanirwa ku gatwe kiwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.