IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Zimbabwe : Umutambukanyi wa Robert MUGABE yahunze

Zimbabwe : Umutambukanyi wa Robert MUGABE yahunze

mercredi 15 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Grace Mugabe yahunze igihugu niwe yanuganurwa ko ashobora kuzosubirira umugabo wiwe, umukuru w’igihugu Mugabe, mu burongozi bw’ico gihugu.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, avugana kuri uwu wa gatatu kuri Terefone ngendanwa na mugenzi Jacob Zuma wa Afrika y’epfo, Robert Mugabe yemeye ko yafashwe n’igisirikare ca Zimbabwe, n’insamirizi hamwe n’imboneshakure vy’igihugu bikaba biri mu minwe y’abasirikare kuva kuri uwu wa kabiri.

JPEG - 52.1 ko
Grace MUGABE, umupfasoni wa Robert MUGABE

N’abandi bategetsi bakomeye b’ico gihugu bafashwe n’igisirikare, aho tukababwira nk’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Ignatius Chombo, hamwe na Kudzai Chipanga umuvugizi w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, ZANU PF wa Robert Mugabe.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.