Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagendesha ipikipiki bidogera inzego z’igiporisi ko zitubahiriza (...)
Abagendesha ipikipiki bidogera inzego z’igiporisi ko zitubahiriza amasezerano
vendredi 30 Nzero 2015
Abagendesha amapikipiki bamenyesha ko ibibanza vyari vyumvikanyweko ko boza bararindirirako abo bunguruza, batakibifitiye uburenganzira.
Ivyo bibanza vya OTB (l’Office du Thé du Burundi), FFB (Féderation de football du Burundi), n’ikibanza ca Saint Michel bavuga ko batakihamara akanya batariko barasiganwa n’igiporisi. Abo bagendesha amapikipiki bavuga ko kuva babujijwe kwinjira mu gisagara ca Bujumbura, bari bumvikanye aho boza bararindirira abo bunguruza, kandi uwo mwumvikano bakavuga ko bari bawugize hari urwego rw’umuhuza w’abarundi, ubushikiranganji bw’Inhtwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’igisagara ca Bujumbura. Ubu rero bagatangazwa n’ingene basigaye babuzwa kwegera ivyo bibanza kandi vyarumvikanyweko.
Abo bagendesha amapikipiki bakavuga ko bakora bacunganywe n’abaporisi kuko umwanya n’umwanya baba bafashwe. Abo bagendesha amapikipiki bakaba babujijwe kwinjira mu gisagara ca Bujumbura hagati, kuko bagirizwa ko bateza akajagari hamwe n’amasanganya. Abo bagendesha izo pikipiki bakavuga ko kugeza ubu batakimenya ababafata, aho batagitandukanya abaporisi canke abanyagihugu basanzwe, bafatwa n’uwari wese, akabatwara ipikipiki zabo.
Abo bagendesha amapikipiki bakavuga ko bagiye kuzicwa na kigoyi, hamwe batokubahirizwa ngo bashobore kurondera nabo ico rirenza, mu gihe benshi muri bo bavuga ko batunze imiryango.
Aristide Nizigire