IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize urugamba rwo kurwanya ikiringo ca gatatu baratabaza igisata ca ONU (...)

Abagize urugamba rwo kurwanya ikiringo ca gatatu baratabaza igisata ca ONU kijejwe umutekano

jeudi 12 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ahurikiye mu rugamba rwo guhagarika ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, bandikiye intumwa z’ igisata ca ONU kijejwe umutekano kw’isi buca zigendera Uburundi kuri uno wa gatanu, kugira bafashe amaraso ntaseseke canke agateka ka zina muntu gahungabane mu Burundi.

JPEG - 1.9 Mo
Abaserukira amwe mu mashirahamwe ari mu rugamba rwo guhagarika ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu

Muri urwo rwandiko basaba igisata kijejwe umutekano guhanura umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudahirahira kwitoza ubugira gatatu, kuko yoba ahonyanze amategeko, yaba ibwirizwa nshingiro canke amasezerano y’ i Arusha. Bavuga ko batabaje hakiri kare kuko hari abamaze kuvuga ko hamwe Petero Nkurunziza yoramuka avuze ko azokwitoza bazoca baja mw’ibarabara, mu gihe hari urundi ruhande narwo rw’ abari ku butegetsi bavuga ko nabo biteguye, ngo iyo hamaze kuba impari nkizo batabimenyesheje hakiri kare kugira bakinge mu Burundi hashobora kuba akarabaraye, nk’uko Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH abishikiriza. Muri ayo amashirahamwe, bavuga ko batifuza ko ivyabaye mu bindi bihugu nka Côte d’Ivoire , Burkina Faso bishikira igihugu, kandi imvo n’imvano bamaze kuyibona.

Bavuga ko iryo kete baryanditse bisunze kandi abamaze kuvuga bose biyamiriza ico kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, aha bakavuga inama nkenguzamateka yahagaritse isubirwamwo ry’ibwirizwa shingiro, aho hari intumbero yo gukuramwo ingingo zose zabuza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku kiringo ca gatatu, ivyashikirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ko bazosidukira mw’ibarabara mu myiyerekano mu gihe umukuru w’igihugu yoshaka kwitoza ubwa gatatu, abasenyeri ba katolika b’ Uburundi basavye ko umukuru w’igihugu atokwitoza.

Ayo mashirahamwe avuga kandi ko yisunze ivyagiye bishikirizwa n’abasanzwe bafasha Uburundi nk’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, Reta zunzubumwe za Amerika, aho bose bagerageje kwerewkana ko ukwitoza kwa gatatu, kutoba gukurikije amategeko kandi ko hashobora kuba ingaruka mbi ku mahoro n’umutekano ku barundi no mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko, icongeyeko kandi bavuga ko bisunze rwa rwandiko rw’ibiro vy’igendereza rwarungikiwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza rumuhanura kudahirahira akitoza ubugira gatatu, kuko hashobora kuba ingaruka mbi. Ikindi ni uko n’ibihangange vyo mu mugambwe uri ku butegetsi vyagerageje kumuhanura vyose vyirukanywe ,ivyo vyose bikaba vyerekana neza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashaka kwitoza vyanka bikunda.

Muri ari ayo mashirahamwe ahurikiye mu rugamba rwishinze kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, batabaza urwo rwego mpuzmaakungu kuba hafi y’ Uburundi kugira ntihagire ingorane ziba , bakaba baciye bandikira abo bose bakurikirana Uburundi.


Floxella Karire

Messages

  • FORSC n’abandi.
    Ni kubera iki mutoheba ivyo vyo gusengasenga Nkurunziza, alors que vous pouvez le forcer a sortir de son silence? Voici comment.
    1. Les faits: Hariho ikibazo (3eme mandat) gishobora gutera intambara.
    2. Hariho ubutegetsi (nous ne sommes pas dans un vide de pouvoir).
    3. Action: Il faut forcer ubwo butegetsi gukemura ico kibazo. COMMENT?
    3.1. Ecrivez une lettre au President Nkurunziza lui demandant de saisir la Cour Constitutionelle (il est le seul a pouvoir le faire, en plus de ses ouailles du Parlement, Senat et Ombudsman qui ne le feront jamais).
    3.2. Objet de la saisine: Interpretation de la Constitution.
    3.3. Question de la saisine: La Constitution burundaise permet elle au President actuel de se presenter en 2015? Nota: La question porte sur la recevabilite (donc interpretation de la loi) et non sur sa candidature. La CC ne peut pas ne pas se prononcer. Et Nkurunziza ne peut pas ne pas la saisir.
    4. Scenarios: La Cour dit OUI et nous descendons dans la rue, comme a Ouaga. Car personne ne croit a l,ambiguite de la constitution. Meme les DDs le savent, mais font semblant; sinon ils n,auraient pas voulu modifier la constitution.
    Mais, je peux vous assurer que la cour dira NON a Peter pour l,aider a sauver sa face. Comme cette pirouette sur la concession du marche (isoko) de BJM.
    5. Si vous attendez trop, vous renforcez son camp. Comme le disait Rufyikiri hier, rien ne force Peter ou son camp a reveler leur candidat. Ils pourraient le faire meme apres les legislatives; c.a.d. le 27 juin. Les degats collateraux seront enormes a ce moment.
    6. Enfin, tout cela ne mene nulle si vous n,exigez pas d,abord, aupres du Conseil de Securite, une commission onusienne d,arbitrage electoral. La CENI de Ndayicariya a deja ses resultats. Le vrai danger se trouve a la CENI et non sur la candidature de Nkuru. Celle-ci est facile a faire avorter.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.