Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahinga b’agateka ka zina muntu ba ONU berekanye ahova umuti w’ibibazo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahinga b’agateka ka zina muntu ba ONU berekanye ahova umuti w’ibibazo (...)

Abahinga b’agateka ka zina muntu ba ONU berekanye ahova umuti w’ibibazo vy’abarundi

mardi 8 Ntwarante 2016, par egide

Inyuma y’iminsi umunani bari bamaze mu rugendo mu Burundi, abahinga batatu bigenga b’agateka ka zina muntu barungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutohoza kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu bamenyesha ko babonye ko Uburundi buri mu mayira abiri, bikaboneka ko Uburundi buri mu bihe bidasanzwe. Abo bahinga bamenyesheje ko umuti ari ukuvugana.

Abo bahinga bigenga b’agateka ka zina muntu barungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutohoza kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi, mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, imbere y’isozerwa ry’urugendo rwabo, bamenyesheje ko Uburundi buri mu bihe bidasanzwe kuko hari ibihanze abantu, hamwe n’ivyo abanyagihugu bashamiranye biteze yaba mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe no mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

JPEG - 35.7 ko
Abo bahinga bigenga b’agateka ka zina muntu barungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Maya Sahli-Fadel ari muri abo bahinga akavuga ko arico gituma mu kurondera umuti w’ibihanze Uburundi hakwiriye kubaho ukuvugana, hakaba ibiganiro bihuriyemwo bose, kugira aberwa n’ibibazo baje hamwe, akaba arivyo vyotuma imitima isubira mu kibanza hakaba n’inyishu ku bihanze abarundi, ubwoba buhave, habe ukwizerana hagati y’abategetsi n’abanyagihugu, abahunze bahumurizwe.

Abo bahinga batatu bahora mu rugendo mu Burundi ni Christof Heyns (Afrique du Sud), Maya Sahli Fadel (Algérie), hamwe na Pablo de Greiff (Colombie).


IGIHE

Messages

  • abarundi nibakumbure bakure amaboko mumpuzu bakore nayahandihoho ntibishinge abazungu bibereye murudandaza abazungu kwubaka nurudandaza nogusambura noguturira nokwica nurudandaza nidukumbure twikebuke tureke gusambura igihugu cacu uwusambururwiwe bamutizumuhoro muraza murabe ivyo dukora muburimyi amokoyose abahutu abatutsi nabatwa ukuntu dukorera hamwe mukwitezimbere biciye muburimyi ahubwo dukeneye abadufata mumugongo kugira tugwizumwimbu aderese ter 79928549/77743083

  • Pacrance Cimpaye ngo: turashaka kuja mubiganiro vyogufasha gukinjura H.E Mukorumbone Petero Nkurunziza!!! Nizere kubimaze kuvurwa nabantu batandukanye bamazimisi bazamu Burundi ko imvugiyabo yobimaze kugira ico imufasha kugira azaririnda kuvuga ibidakwiye kuvurwa. Rekandamubaze? Burya hariho umuntu yosaba ibiganiro vyokugira Lac Tanganyika ikurwe hagati yu Burundi na Congo?

  • Wewe Mbonankira Charles, umbaye kure mba nguhaye umukono kabisa. Abo bose birirwa barahaya intambara ni za ntarima zishaka kurya zidakoze. Kandi usanga bashaka kubuza amahoro umurimyi atunzwe n’umuhini w’isuka, ariko iyo bariko bararya ayo ababiligi babahaye uwo murimyi ntaco bamuhako. Muze dufate amasuka yacu, abubatsi mufate inyundo n’umwika, abazi gushona muje ku vyarahani, abarovyi barobe, abaganga batonde ku mavuriro, abarimu kw’ishure, eka buri wese ahagarare mu mwanya Imana yamushizemwo. Abafise ibigwanisho mubareka bahangane n’ababifise, abakina politike bayikinane nabo bayisangiye. Twebwe uwo dushigikiye akunda kurima nkatwe turamuzi. Uburundi buzokizwa n’abarundi ntibuzokizwa n’abazungu.

  • ikibabaje nico nyene kubbona abantu bitwa abahinga bananirwa no kuvuga rumwe baka vuga ikintu nigihushane caco akarorero ( ibiganiro bidakumira mbe birimwo nabagize kudeta ko badatomora baje gukoriki ) igihushane (abobahinga nyene mucegeranyo basohoye ngo hakwiye guhanwa abakoze ivyaha mbe bizohanwa nande? ko reta nubu ibbahanye induru zica zivuga ngo hahotewe abatavuga rumwe none iyongeso yokudahana muga kururimi gusa izorandurwa gute?) ko abariko bashikurana arabo nyene bahamiye gutwara umwe wese avuga kwari mukuri none imanza zizocibwa nande? icombona abanyamahanga bahanura abarundi nabo ntakuri kubarimwo bamwe bashigigikiraba abandi bbariya nico gituma tutazokira nah’Imana

  • mukuvuga ba muraba aho mugereye mureke kurenza harigihe tuzosubira gufata ingoma ikizi nabana banyu batiga ngo mwazanye ubuhinga bwokumarira amashure hafi nawe mukaba muzi ko mutarenga uburundi twe twarondeye kera naho mwotwangaza numwuzukuru azorya muzibonerako mwe ngoja imbere niheza

  • mukuvuga ba muraba aho mugereye mureke kurenza harigihe tuzosubira gufata ingoma ikizi nabana banyu batiga ngo mwazanye ubuhinga bwokumarira amashure hafi nawe mukaba muzi ko mutarenga uburundi twe twarondeye kera naho mwotwangaza numwuzukuru azorya muzibonerako mwe ngoja imbere niheza

  • Emwe Nibakovye Uburundi Ntibworohewe.Ni Ah Imana!!!

  • Emwe Nibakovye Uburundi Ntibworohewe.Ni Ah Imana!!!

  • Emwe Nibakovye Uburundi Ntibworohewe.Ni Ah Imana!!!

  • ibiganiro aho vyabere ugira nivyo bizana amahoro?
    democratie gusa niyo ikenewe nugusonera abatowe nabanyagihugu.
    IBIGANIRO IBIGANIRO .... WHERE IS DEMOCRATIE ?WHERE THE CHOISE OF PEOPLE?ARE SOME BURUNDIANS RESPECT THE CHOICE OF PEOPLE? IF NOT THEN NCO KIBAZO CATUMYE UBURUNDI BUGUMA MUNGWANO NUBUKENE KUVA 1965.
    NTIMUSUBIRE GUKORAKO ABATOWE NABANYAGIHUGU ,MWANKA MUKUNDA NIMUVYEMERE. MUBASABA IBIGANIRO KUBERIKI KANDI MWEMERA DEMOCRATIE .!RINDIRA 5ANS .SINON NIMWAKORAKO IMANA IRABAHANA
    ABO BAZUNGU BARABABESHA BAVUGA IBIGANIRO BAKIGIRA KUKO BABONYE KO OPPOSITION ITARI UKURI

  • Wowe wiyise NK Uri ikijuju

  • Uburundi buratekanye kuko n’impumyi irabibona.Inyangaburundi(Sindumuja) nizihangane kuko uburundi atari kongo. Nibabe bahekenya impungure iyo mumakambi.

  • naje ndashigikiye ko abarundi twese twoja hamwe tugasanura uburundi bwacu,tugakora ivyo duteza imbere aho kwirirwa twiyumvira uko twicana. abanyamahanga baraduhenda gose.

  • naje ndashigikiye ko abarundi twese twoja hamwe tugasanura uburundi bwacu,tugakora ivyo duteza imbere aho kwirirwa twiyumvira uko twicana. abanyamahanga baraduhenda gose.

  • YEMWE NTAVYABO BAHINGA,AHO MWAHEREYE KUVUGANA HARI HAGEZE GUTANA MU MITWE

  • Muzosubirana ingoma bande? Ese ninde yobubaraze? Ejo ezopfa ntusubire gutekeza ivyisi, yewe n amkuru yayo, rero terera ingene twova mu ngorane naho izo ntwaro zanyu namwe ntaco zatugejejeho uretse urufu no kwangaza abantu, rero isubireko uvuge Uti nimeumvikana ntibizosubire.

  • Abavugako Muburundi Ntamahoro Ahari Nuko Bahaburiye Ababo Abemeza Ko Amahoro Asesekara Ntanumwe Babuze Babuze Kukobakingiwe Mugabo Umusi Umwe Ubutungane Buzokora

  • EEEhe muratumutwe mwabamenjamwe! mbemwibaza abo bashingantahe bameze nkamwe muribihoromboke? iryo babatumye bazobishikiriza uwabibatumye, nsinkamwebwe, bobarafise ubwenge bukwiye, sinkamwe mwabutwaye kunwa amaraso ya bantu mwamihimbirimwe.reka mbabwire mwebwe ntagutwara mushoboye kuva mugiye kubutegetsi abahutu mumaze kugandagura nibihumbi nibihumbi, ubunaho mwarokeye mubatutsi nabo mwabahejeje, mwarabaye katamanikirwa ntakintu murimwo pueeeeeee.

  • NUKURI TURAKWIYE KUYUBAKA ABARUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.