IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abajejwe umutekano bavuga ko ataribo bahagaritse umumenyeshamakuru Jean (...)

Abajejwe umutekano bavuga ko ataribo bahagaritse umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA

mardi 26 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe kuva kuri uwu wa gatanu atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IWACU, Jean BIGIRIMANA, bikavugwa ko yafashwe n’abakozi b’igendereza, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi asaba umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016. Uwatanze amakuru ku muryango wiwe yavuze ko yafashwe n’abakozi b’igendereza.

JPEG - 128 ko
Jean BIGIRIMANA akorera ikinyamakuru IWACU ntawuzi irengero ryiwe

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe. Uwo muntu yatanze ayo makuru y’ifatwa rya Jean BIGIRIMANA yavuze ko yahagaritswe n’abakozi b’igendereza, bari kumwe n’abajejwe intwaro, i Bugarama, ariko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akaba abihakana.

Godeberte Hakizimana, umupafasoni w’uwo mumenyeshamakuru asaba inzego zijejwe umutekano ko zomufasha kurondera hamwe n’ugukingira umugabo wiwe ari mu kibanza kitaramenyekana.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe (Reporters Sans Frontières) rimeneysha ko ifatwa ry’uwo mumenyeshamakuru ari ingendo y’ugushaka gutera ubwoba abakora umwuga w’ukumenyesha amakuru, iryo shirahamwe rigasaba ko Jean BIGIRIMANA yorekurwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.