IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi batunganije urugendo rw’amahoro kuw’Imana

Abakenyezi batunganije urugendo rw’amahoro kuw’Imana

jeudi 28 Rusama 2015

Abakenyezi n’abigeme b’abarundikazi bahamagarira abarundikazi bose kwitaba urugendo rw’amahoro rutegekanijwe kuw’Imana igenekerezo rya 31 Rusama.

Abo bakenyezi bari mu runani rwishinze kwubahiriza amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro ,bamenyesha ko urwo rugendo ruzotangurira imbere y’inyubakwa ikoreramwo umuhuza w’abarundi igihe c’isaha zine z’umutaga.

Urwo rugendo rw’amahoro ruzoba mu gihe abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko bazoba bakoraniye i Dar-Es-Salaam mu gihug ca Tanzaniya ,mu nama biga ku kibazo c’Uburundi.

Mwomenya ko urugendo nkuru rwari rwatunagnijwe kw’igenekerezo rya 13 Rusama, naho nyene igiporisi cahavuye kibasukamwo amazi congera kibatera ivyuka vyokera.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ariko abantu mwosara, niba mufise ukuri mwoja mu matora, mukareba ko mwotsinda,

  • Nibakomere imana izibaje imbere turasavye inzego zumutekano zize zibubahirize kuko nabonyene ivyobasaba birabaraba!!!

  • niwisobokere nakare ntaco watumariye’kowase kudukurako IMBONERAKURE bigishoboka.Hama ukareka igipolice kikaduhonya urorera kandi ubwambere watubwiye kwigisirikare kizoducungera ’hadaciy nakabiri ukivuguruza!!!ntakundi Ubu twihereje imana kowadusize mumenyo yingwe.ntaco imana ikuzigame .turizeye kwimana izotuzigama kurya izigamira ururimi hagati yamenyo.

  • niwisobokere nakare ntaco watumariye’kowase kudukurako IMBONERAKURE bigishoboka.Hama ukareka igipolice kikaduhonya urorera kandi ubwambere watubwiye kwigisirikare kizoducungera ’hadaciy nakabiri ukivuguruza!!!ntakundi Ubu twihereje imana kowadusize mumenyo yingwe.ntaco imana ikuzigame .turizeye kwimana izotuzigama kurya izigamira ururimi hagati yamenyo.

  • oya ubuho nukubica ntampuhwe tuzosubira kubagiri twarabonye ivyabo nakare ntamugore numwe ari mubitaro hazobu hakomereka na cumi nka babiri nabo papfe hama tubite incungu zabagore

  • jewe igipolice kiguma K irasa abantu kirantangaza!!!ntikibonako kiriko cumira kurusato kwinka yapfuye.none kamakungu yahagaritse ifashanyo Babona bobo bazohembwa iki?nibabure yukudufasha kumwiyamiriza.ariko ndafise icizere cuko mumisi bazohaguruka bakamwiyamiriza’ariko ukumwiyamiriza kwa police ntikuzomworohereza.

  • ntisubire kuba imitwe ngo tuje twumvango hari abagerageje gutembagaza bubutegetsi!!!???Nimureke twumve iryo abo bategetsi baduhanura.Nsabako President yovyitaba mbere uwo musi hakaba atamyiyerekano ihari kugira ntihasubire kuba recuperation.

  • jewe igipolice kiguma K irasa abantu kirantangaza!!!ntikibonako kiriko cumira kurusato kwinka yapfuye.none kamakungu yahagaritse ifashanyo Babona bobo bazohembwa iki?nibabure yukudufasha kumwiyamiriza.ariko ndafise icizere cuko mumisi bazohaguruka bakamwiyamiriza’ariko ukumwiyamiriza kwa police ntikuzomworohereza.

  • Ikibazo si amatora no kuyatsinda. Ikibazo ni amategeko agenga abitoza.

  • MBE WW WIYITA SISI, AHO UVUGA NGO NUKUBARASA NTAMPUHWE, HARIZO WIGERANYE; ARIKO HARIRWA UWUGIRA IMPUHWE KUKO NAWE AZOZIGIRIRWA. NIBA CHRISTO YAGUCUNGUYE UTANEZEREWE, NTUZOCUNGURWA N’ABAGORE; KUKO NA NYOKO YAKUVYAYE NTAZOGUCUNGURA.

  • Jewe nfitiye ubwoba aba mama bacu nabashikibacu kuko bazohava baraswa na police kuko ubu okwobiboneka aba police hako bokwica inzoka borohegra nokwica umuntu ariko iherezo dyavyose iyo mwijuru izobi sort out

  • Barabeshya abo bakenyezi. Ibarabara ninde urijyamo ko abantu ubu inzara yabarembeje bakaba barambiwe n’imihirimbiri nka Mbonimpa, Sinduhije, pacifique,....

  • Ego cane tuzoyitaba kandi turifuza kwifadikanya n’umukuru w’ihuriro rya bakenyezi NDIRAHISHA vyotunezera nabe umupfasoni w’umushingantahe, hanyuma abahiga kuturasa nabo nta kundi dufise abana birigwa bararaswa, dufise abagabo birigwa bararaswa abandi bakomereka, aba soda na police n’ abagabo bacu na ba saza bacu rero ni bapfa bose ubona tuzoba dusigaye ngo dukore iki? ntidushaka gupfa mugabo bishitse nta kundi.

  • kuneza yaw niyabarundi bose itaba iyo nama hanyuma wumv impanuro kandi uzigender kuko wanse guhanurwa naw bizagukorako;10ans ça suffit nyakubahwa!!!amategeko aratomoye ntuyareng..

  • mb sha jeanin w wita abant ngo nimihimbiri nkand??urambabaj kdi uwakuvyay yikuy umusonga kdi kdi akanwa kaw karutwa niws!

  • trabashigikiy twikurko abamnja

  • emma
    mwaba damu ba nininahazwe na vitari na mbonimpa na sinduhije na rehosi wikibiri bongeye kubahenda ngomuzoje mwibarabara, ndabahanure ntimuzojeyo kuko ntacanditse muzoba mufise ntarugendo gwamahoro ahumbwo ni yamigumuko yanyu nimuyigezaho.

  • emma
    SISI wewe urikijuju ngonasoboke ntiyabakuyeko imbonerakure hewe umenyeko iki gihugu si caso nanyoko nica barundi twese izo mbonerakure utinya warukwiye kuzegera zikaba abagenzi ataruko ugiye gusara kuko zizokwamaho kandi zitegerezwa kubaho.

  • Ivy’uburundi bisiga ubwenge!!!! Bamwe ngo kuja mw’i barabara n’ukugumuka! Mbega kurenga amategeko uyazi , ukabikorana agashinyaguro n’akagaye n’igikenye n’ukutumviriza impanuro z’umuntu n’umwe , mbere z’isi yose vyo twovyita iki? Aba dd , mbere uhereye kuri kizigenza wabo NKURUNZIZA nibikebuke amazi atararenga inkombe kuko demain c’est trop tard. Baca umugani mu kirundi ngo "Ukwiba ingoma ntibigora nko kuronka aho uyivugiriza."Uyu musi muriko muriba mandat igira gatatu ariko ndakurahiye uguhoraho kw’UHORAHO ko bizokugora uko utwara iki gihugu c’uburundi! Raba uhejeje kwirukana burundi abamenyesha makuru, abo mu mashirahamwe ategamiye reta, uhejeje gusambura igisoda c’uburundi avec un montage d’un coup d’Etat , ico gisoda ugiha gutwarwan’umushikiranganji w umu civile ava mu mumuhari w’’imbonerakure ! N’akumiro ibiriko biraba sinibaza ko aba dd bagifise ubwenge n’umutima runtu . Urumva ikiri mu bwenge bwabo n’ugutwara gusa haba ku neza canke ku nabi bakibagira ko igihugu atari rwabo gusa. Mbe aba dd ko numva basigaye bita abandi ngo n’injavyi n’ibindi vyinshi batukana , boba bacibuka ko igihugu batazobandanya bagitwara bagicuritse ngo abarundi benshi bemere kuvyihanganira? Baracibuka ko ikinyoma n’uburyarya bdashobora gutuma turonka ierambere rya bose? Erega mwa dd batobato mwe , karya karwi mutora kari ku ntonde zugaye ( liste fermée) nimwagaha amajwi kagashikira ubutegetsi maze kagatera imbere ( amazu n’imodoka zigezweho kakabironka , si abarundi bose bazoba bateye imbere !!! kandi si n’abahutu bose bazoba bateye imbere kuko icitwazo c’amoko nnico muriko murakoresha nk’ikarata yo gukinsha muri izi nkinamico ngo n’amatora!!!Igituma ata barundi bose bazotezwa imbere na sysstème Nkurunziza n’uko iyo sysstème ishingiye ku gusahura itunga ry’igihugu no kwica abadashigikiye iyo système. Ivyo navyo nta handi bishikana igihugu icari co cose atari mu buja no mu ntambara. None mwumva iciza co kubandanya amatora arimwo ikinyoma n’ugukumira iyindi migambwe ari ikihe? Mwibuke ko na Bagaza agitwara ko yahora ategura amatora nk’aya , aho wasanga ariwe yayategura akongera akaba ariwe wenyene yitoza. Ico gihe iradiyo yari imwe yari radio KABONDO , ico gihe naho nyene yavuga ivy’umugambwe UMWE UPRONA wari ku butegetsi , ikaririmba Bagaza n’ibikorwa vyiwe, nk’uko uyu musi bimeze , Radio isigaye ni radio KBONDO , iyo nayo haraciye igihe iririmba NKURUNZIZA na CNDD -FDD .Mwumva tutasubiye inyuma muri démocratie?
    Ubu ho vyayangaye !!!!

  • TUZOTORAATANGORANE,KOMWAHAYEIPORORONA,AKARYO,NTAKUNDIMWIHANGANE,PORITIQUE,SIJAMBORYIMANA,KANDINTIMUZOCAMUBAABAJABABO,NKUMUVYIYUMVIRA,REKATUBANE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.