IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi bazosubira kwihereza amabaraba kuri uno wa gatatu

Abakenyezi bazosubira kwihereza amabaraba kuri uno wa gatatu

mardi 12 Rusama 2015

Abakenyezi b’abarundi barahiye ko badashobora kuzihanganira umuntu wese afise umugambi wo guhonyanga ibwirizwa shingiro n’amasezera y’i Arusha.

Inyuma y’imyiyerekano y’amahoro yatunganijwe kuri uno w’Imana uheze, abakenyezi b’abarundi bo mu gisagara ca Bujumbura, bari bahanye isango ryo guhurira hagati mu gisagara ca Bujumbura, aho baciye batangura imyiyerekano y’amahoro bafise ubutumwa bwo gusaba amahoro no kumenyesha abarundi n’amakungu ko bahagurutse kugira biyamirize umuntu wese afise umugambi wo guhonyanga ibwirizwa shingira ndetse n’amasezerano y’i Arusha kumvo zogushaka kwigumira k’ubutegetsi. Abo bakenyezi baranasavye ubutegetsi kurekura vuba bwango abafatiwe bose muri myiyerekano imaze iminsi mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati kuko bari mu myiyerekano barekurigwa n’amategeko.

Ni muri iyo ntumbero yo kwerekana urugamba biyemeje ko abakenyezi b’abarundi basubiye guhana isango ryo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Rusama 2015, aho bazohurira hagufi ya Cathedrale Regina Mundi igihe c’isaha zine (10h) zo mu gitondo.

Tubibutse ko abakenyezi b’abarundi bari banahamagariye umupfasoni w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza ko yohanura umushingantahe wiwe ko yovavanura n’ugushaka gusubira kwitoza mu matora yimirije mu Burundi kuko yoba ahonyanze ibwirizwa shingiro n’amasezerano y’i Arusha, aho banamuhamagariye ko nawe yoza kwifatanya nabo muri iyo myiyerekano y’amahoro yo gusaba iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro.


Alida S.

Messages

  • Ni Mukomere Kwibanga Bavyeyi Bacu.Nakare Umukenyezi Niwe Nkingi Yurugo.Turabashigikiye Ariko Ntivyoroshe Uwahonyanze Bible Yayirahiriyeko Abantu Bakicwa,ntazokwihanganira Arusha!!

  • uvumwa na benhi ugateba ugatota, bavyeyi ni mukomere kw’ibanga natwe turabashigikiye, mbega udakurikije amategeko uri umukuru w’igihugu, ako karorero uba uhaye abatwagwa bawe koba akahe? Emwe intabwigwa ibwigwa n’uko masoatukuye kandi kananira bagabo ntiyimye.

  • naho tutaza mw’ibarabara turi kumwe namwe komera bakenyezi turwanire agateka kacu.turanse kuba abaja. reka abavyeyi baheke Nkurunziza.fungura abana bacu bagizwe imbohe ataco bazira.teshwa ute

  • Mwabonye ivyo bidede ivyo bimalaya bigenda vyiyambitse ,be n’ibishusho,abo ni abarozi gusa birigwa mu bapfumu amazu yabo yuzuye uburozi abahutu baja i wabo bose baramaze kuba ibigugu ntimukangwe abo bakorana n’amashetani!

  • Jehovah Imana nyakuri yabogoye uburundi kandi Imana ibabarire aba CNDD-FDD kandi imbonerakure ni zije kurima zirek kwizera ibitazoba kandi nakare ntiwokwigishw nab ng umeny nikindi akayabu ko mwishamba ntikanywa amata knd ntikamenya kubana n abantu yokabaza ikibira pe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.