Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakunzi ba Gen Adolphe Nshimirimana basubiye mu rugendo rwo (...)
Abakunzi ba Gen Adolphe Nshimirimana basubiye mu rugendo rwo kumwibuka
dimanche 16 Myandagaro 2015
Abakunzi ba Gen Adolphe Nshimirimana bazindukiye mu rugendo rwo kumwibuka mu Kamenge,inyuma y’indwi zibiri yishwe arashwe.
Urwo rugendo rwatanguriye ahitwa Iwabo w’abantu hasanzwe hubatswe ubunywero bwa GenAdolphe Nshimirimana gushika hafi y’igituro c’imodoka zijana ingenzi mu gihugu hagati aho Gen Adolphe Nshimirimana yarasiwe.
Abitavye urwo rugendo bari bambaye impuzu ziri mu marangi yerekana umubabaro bitwaje n’ibimuri.Kuri izo mpuzu hari handitseko ngo : Hapfuye Adolphe ntihapfuye ba Adolphe,izindi nazo zanditseko ko batazomwibagira hariko n’ishusho yiwe.
Mwomenya ko urwo rugendo rubaye urwa kabiri inyuma y’urundi rwatunganijwe kuw’Imana igenekerezo rya 9 Myandagaro 2015,inyuma y’indwi imwe gusa Gen Adolphe Nshimirimana yitavye Imana.
Van Naris Mugisha
Messages
16 Myandagaro 2015, 16:33, par tuveko
Baba bahinvye kanyanga kuko turazi ko mukamenge bayikunda cane ntitari nkabandi
16 Myandagaro 2015, 18:16, par butoki
abo barabacangero ba adolphe kuko ntakuntu bokwibuka umuntu atarahambwa uko nukwigina kuko yabavuyeko ako nakanyamuneza kabuzuyemwo nukuri.barambabaza vyukuri.nibareke kubabaza abo yahekuye.mugabo twaramuhariye.yumve amahoro vyukuri.
16 Myandagaro 2015, 18:19, par Peter
Mbe Tuveko Kanyakuvako Urushato Uwo Yapfuye Ntava Amaraso Nkayuva?Mwanyakugirimana Bakunzi Ba Adorofe Komera Natwe Iyoturi Turikumwe Namwe.Ba Adorofe Nihotukiri.Izontagondwa Nazo Ahoturi Turiko Turabona Ivyo Zigira,umwanya Numwanya Baribonerako,mwihangane Bakunzi Bomukamenge
16 Myandagaro 2015, 18:34, par kanyarwanda
Nibyo bishe Adolphe umwe none hamaze kuvuka 1.000.000. Nanjye ndi Adolphe.
16 Myandagaro 2015, 18:53, par KABIZI
ABOBAMARAYA BA ADOLPH BASAZE AHO BARAMAZE GU PFAKARA NTAKUNDI. NTAKUNDI. NIBIGUMYE. INGORANE ZIZOKWAMAHO ADOLPH YARIGENJENJE NABI ARIKO NTARUBANZA NDAMUCIRIYE AHA TURI HARABANDI KUBAKWISI NUKWITONDA.
16 Myandagaro 2015, 19:01, par Justice KURIBOSE
Kumbe abakehabwenge barabaho,Mkombozi yaririmvy ati"ikiziga gisumbwa n’umusazi ahema"nanj mvuze nti"ikiziga ca Adolphe ubu gisumbwa n’umwe barementaniriza ko yishe ababikira"nibareke guta umwanya cank nimba bamukunda bamusubize ubuzima.
16 Myandagaro 2015, 19:17, par Dodo
Adolphe Siw Yapfuy Wenyene
16 Myandagaro 2015, 19:20, par Muhuza
ahubwo turakwiye kugira organisation yugwaruka rwa cndd-fdd tukaja mukamenge ahoyagandaguriwe tukamwibuka twese kuko yarintwari hanyuma ivyobirwarudubi navyo bitazi umugambwe wacu cndd-fdd icarico bimaramare cangwase vyibuke bikonyagu wabo hama turindiriye le 26/8/2015 muzehe arahire turabe icobikora ivyobiguji sawa nitugire cndd-fdd.
16 Myandagaro 2015, 19:32, par ndayi
izozari imbonesi zimwe bahorabafatanya mukwica abantu
16 Myandagaro 2015, 20:14, par nakamaramaza
Mbega tous les dimanches bazokwama badefila nibamusomeshereze imisa bamusabire ikigogwe kumana jewe nibaza kobashaka utwo dupira baza bararonka nayo kwibuka umuntu boja kugandara kumuhana wiwe ako nakaguma mbega police ko yahora ibuza manifestatio ubu irihe canke nabo nyene barimwo vyose aho ntasoni
16 Myandagaro 2015, 20:14, par Dodo
Abandi Bapfuye Ntabakunzi Bari Bafise?Ejo Nitwagira Urugendo Go Kwibuka Jean Bikomagu Muzovuga Ngo Ntamyiyerekano Yemewe Mubihe Vyamatora.Abarundi Twese Turangana.
16 Myandagaro 2015, 20:20, par @@@@@@@
Abo bantu mbona nta n’umwe yari azinanyi na Adolphe. Ico basaba nibakibahe hanyuma basubire ku mirimo yabo, nizere ko atari ukunywa kanyanga nk’uko hari uwabivuze.
16 Myandagaro 2015, 20:40, par Kariyo
Mmiyerejana Ga Ngo Aragarula? Aho Vyaraheze Bashahu Ntakundi. N’ Aho Mwokwica Abantu, Abandi Bagahunga, Adolphe Ntazogaruka. Ntihagire Rero Uwubahenda Ngo Ica Naka Adolphe Aragaruka. Azoba Abahenze, Gombo Mureke Rero.
16 Myandagaro 2015, 21:51, par piter
bamureka abababaye ba vyerekane!kandi ntimugahamwe muhogw’ibimwakoze!korivyiza ijuru rizobemera
16 Myandagaro 2015, 21:54, par piter
bamureka abababaye ba vyerekane!kandi ntimugahamwe muhogw’ibimwakoze!korivyiza ijuru rizobemera
16 Myandagaro 2015, 22:13, par 0784166975
Nyenyeri
17 Myandagaro 2015, 05:09, par Falcon
Reka kudutuka erega abari muri defile suko bose bakunda adolph,naje ndimwo ahubwo ndiko ndaba ko arivyo ko yapfuye canke ko botwereka ikiziga ciwe kuko inkuru mbarirano irutwa niyo wiboneye.
17 Myandagaro 2015, 05:16, par Falcon
Adolph yasize amateka mabi,raba uwo muhabara wiwe wimbere yenda ingene asa,nagahomerabunwa.
17 Myandagaro 2015, 05:22, par Gakozi Emmanuel i Pretoria
turi nu mubabaro mwinshi duhoza umudyango wiwe na bakubakunzi biwe. hamwe ni gihugu gihekuwe intwari. tutibagiye nu mugambwe wiwe. Imana Imwakire mu bwami bwayo. birababaje cane. kandi biracintege. banya kamenge mwigumye Imana irikumwe namwe ntimwihebure. mukore ukomushobuye mwubake icibuso mu Kamenge. ntituzomwibagira. yazizi iki?
17 Myandagaro 2015, 08:06, par MUKUNZI WA ADOLPHE
BA ADOLPHE BAARACARIHO .BURYA NDADAYE IGIHE YAPFA NTIBARI BAZI KO BANDANDAYE DUHAGAZE BWUMA. NUBU RINDIRA GATO.
17 Myandagaro 2015, 08:17, par intagoheka
tuzobandanya tumwibuka jeneral wacu ariko rero ndatangazwa nikijuju ciyita ngo justice kuribose,kwavugango niba dukunda adorphe,ngo nitumusubiz ubuzima ,sogokuruza wanyoko nasogokuruza waso kobapfuye kutarabasubizubuzima ,warabanka?canke niwewe wabishe ,vibuzimu ujibuntu iciyunviro ciza nicocubaka kukabukunda bose bapfuye ntiwabazuye ncuti yanje zimuruka
17 Myandagaro 2015, 12:10, par DOL
ahubwo murareka ku mwibuka hanyuma mu mukurikire niho mwomwibuka mumubana.
17 Myandagaro 2015, 13:39, par marianne
Ni muze twambaze uhoraho bigishoboka kuko iyo nzira ni rwacu twese ariko hahirwa uwuzokwihangana agashitsa kwiherezo uyo niwe azokizwa ingo twihane rero IMANA iduharire ikize nigihugu kugira turye ivyiza vyaco
17 Myandagaro 2015, 14:13, par tchaka
ntakintu kibabaza nko kubona abantu bazima bajya kwibuka umuntu wikijuju nka Adolph uwo we ubanza na shitani atazamwakira
17 Myandagaro 2015, 18:03, par Erias mpozamarira
Igiti kimenyekanira kuvyo camye,Adrphe nawe,abomugiriringendo ntibari bamuzi.abamuzi nabo ya bagizipfuvyi nabapfakazi. abamuzi baramuzi kubibi yakoze ahubwo kibabaje nuko aruhutse adasavyimbabazi Imana na boyahekuye kuko ahagiye sihezaa. ikitangaza nukomushuhimite mubabazwa nuwutashe twese niho turindiriye ntawuzorusimba.twige gukorivyiza gusa nivyobishimishije.
17 Myandagaro 2015, 18:04, par NSHIMIRIMANA JACKSON
Ni vyiza kweli ni baze baramwibuka niho abarundi tutomwibagira kuko yari intwari kweli.
17 Myandagaro 2015, 18:14, par Shaka
Abarundi bamaze kugandagurwa bazira politike mu Gihugu ni umurengera. Sinzi rero ikizobihagarika kugira twumve ko dushobora kubana tuticana hagati yacu...
17 Myandagaro 2015, 22:03, par Kwizera Hermes
Jew Kubwanj Ndamusabirakumana, Imana,imwakir Nayo,abacimaza Nabo Kwarabantu Nibarek Uwuhoraho Ntarubanza,yadutumy Gucira,,abandi Rero Nbona Tworindira,uwuhoraho,akazodutunganiriza Kandi Ntawuzokuguruza Twese Tuzoshima.
17 Myandagaro 2015, 23:12, par Nawe ngo baramumeshe???? byoshoboka??????????????
Ko mbon’ umengo yibukwa na za mayibobo gusa se??? Any way ya shitani yindi nka Adolphe aho hakurya yakanyaru yarigeze kugira ati:" Iyo wigiz’imbwa, upha nkimbwa bagat’ ubucafu". Ego hariho byinshyi byiza Rudofu yakoze mugabo bageze aho bigir’ imisega biyibagizako mumyaka 13 barwanye ntanagacimbiri bagira byitwa ko bafashe. Kwibuka byo singorane kubera na hitler hari benshyi biyahuye eka mbere hari nabishe imiryango yabo yose mbere yuko bica ngo kuko batabon’ ukungen’ isi itarimo hitler na nazisme boshobora kuyibamo kandi sinibaza ko harih’ umuntu numw’ abakumbuye.... byaba byiza mwimeshye namwe mukamukurikira.
Ntamarira ndiko ndasesa ngo nukoumuntu yigiz’umusega nakawe yaphuye. Mbe munyumvira ya Dayimoni ngo ni BIKOMAGU nya gukoma inyo ya nyinya, bazotangura kuyibuka ryari. Abakuzi babo byoba byiza mwimanitse twe ntamatonyanga turiko kuratakaza kuberayo madayimoni.
18 Myandagaro 2015, 07:29, par freedom
nitwironderere amahoro gusa tureke abobanye politike baguma badusamaza baduteranya kuberamadayabo.sha bene burundi nitugere urunani go kwiyamiriza amabi yubucani niho tuzosaga niterambere ridushwayomwo
18 Myandagaro 2015, 20:07, par elias
Imana Imwakire.
19 Myandagaro 2015, 08:05, par van
Adorphe yakuriye hano i kigali ahitwa la fraicheur muri de bandit.nyuma yurupfu rwa ndadaye arukorewe na bikomagu yahise yinjira igisoda cyinyeshyanba nabankurunziza barajyana.uyu mugaboyarerewe muri kigali kuva arumwana nimwihangane gusa bagiye bica cyane none nabo barabihawe.
19 Myandagaro 2015, 08:27, par ngabo
Mana ibukuburundi jijura abantu bamenye ikibi niciza baharanire amahoro gusumba inda ndende kuko amahoro yogaburirinda Mana turinde ubunebwe ni ishari uduhe gukundana nogkunda igihugu tubone kuburundi kuva bubaho mbwamye muntambara hageze rero kotubuha amahoro umvishurwaruka kutihenze mukuturema mubudasa bwacu ejo hazobe heza uri Imana ishoboye vyose ubituronse ivyo tugusavye Amen
21 Myandagaro 2015, 12:42, par Kaguru Gretinne
Uwicishije Inkoho Nawe Niyo Imwica Uyo Mwicanyi Yamaze Abandi