Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama y’abakuru b’ibihugu biri muri CIRGL yungururijwe isango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama y’abakuru b’ibihugu biri muri CIRGL yungururijwe isango

Inama y’abakuru b’ibihugu biri muri CIRGL yungururijwe isango

vendredi 12 Ruhuhuma 2016, par egide

Inama igira gatandatu y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta biri mw’ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (Conférence internationale sur la région des Grands lacs) yari itegekanijwe kuba kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2016, ntiyabaye, impamvu akaba ari kubera igitigiri c’abategerezwa kuyitaba kitakwiye. Iyo nama yaciye yungururizwa ku kwezi kwa Ntwarante.

Muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu yari kubera i Luanda mu gihugu ca Angola itumweko ku butumire bwa José Eduardo Dos Santos, umukuru w’ico gihugu, akaba ari nawe arongoye ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (Conférence internationale sur la région des Grands lacs), bari kwigira hamwe umutekano mu bihugu biwukenye n’Uburundi budasigaye inyuma, hamwe n’ingene amasezerano yateweko umukono yokwihutirwa gushirwa mu ngiro.

Bari kurabira hamwe kandi ibijanye n’usubirizwa ry’umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (Conférence internationale sur la région des Grands lacs), mu gihe uwahora muri ico kibanza aheruka gusozera ikiringo ciwe.

Uburundi bwari bwaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.