Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru ba RPA bararajwe ishinga n’umutekano w’inyubakwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru ba RPA bararajwe ishinga n’umutekano w’inyubakwa (...)

Abamenyeshamakuru ba RPA bararajwe ishinga n’umutekano w’inyubakwa y’iradiyo

lundi 11 Rusama 2015

Abakozi ba RPA babandanya gutakamba ko hari umugambi wo guturira iyo radiyo, isanzwe iheruka n’ukwugarwa n’ubutegetsi bw’Uburundi, mbere bikaboneka ko abaporisi bashaka kwinjira ku nguvu mu nyubakwa z’iyo radiyo.

Kuva iyo radiyo Ijwi ry’abanyagihugu RPA ihagaritswe, abaporisi basanzwe bacungereye ibigo vya RPA bakaba baguma bashaka kwinjira ku nguvu, ariko abasanzwe bari imbere muri yo, aha twovuga nk’abakozi b’ishirahamwe KK security burundi, baranse ko abaporisi binjira. Abaporisi rero bakaba baguma bashaka kuhinjira mw’ijoro ku nguvu, mbere no mu gatondo ko kuri uno wa 11 Rusama, abaporisi benshi bibonekeje aho ku nyubakwa za RPA, aho bivugwa ko n’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura, Archade Nimubona yoba yashaka kuhashika. Abo baporisi bavuga ko bari baje kugombora abari bahamaze iminsi.

Gilbert Niyonkuru arongoye ibiganiro kuri RPA, asaba ko inyubakwa ya RPA itogira ico iba, kuko amakuru y’ubugizi bwa nabi yo kuyiturira bayafise. Ibiganiro hagati y’igiporisi n’abayobozi ba RPA bikaba bimaze kuba, inyuma y’aho mw’ijoro hagaragaye ko hibonekeje ugushaka kwinjira kw’igiporisi hagati mu nyubakwa za RPA ku nguvu.


Aristide Nizigire

Messages

  • ndongeye kugira ubwoba bayugare bace bashaka nokuyiturira !! bibukeko iyo botwarura niyo boza biyambaza kandi ivyo bagira turabibona nibayireke ni sauti ya wana nch

  • Ubwabobantu barazi yuko ivyobibi bizobaherekeza?igicure cuhoraho kirabareba. Manawe dutabare Udukize abobansi babi

  • ariko uburundi bugeze habi sindabahenda, aho ni jerome wa wundi nzi ? ewe jerome kindisha aga komokomo ko wavuye mu gatumba munzu yicumba kimwe wicara ku ga songabugari, wibagira ni ngoga aho gushimirirmana raba ivyo uriko urakora.emwe, Imana irakwiye kwibuka uburundi ikabaukura mu menyo yi bimwenya

  • j erome, kubita agatima mpebero ureke ku dufatira ama boko imugongo ureke twiyumvire ama kuru , ariko turaziko atari wewe muga ntakuza muremera kuba abaja, R P A ntiwigeze uba umuja nico gituma natwe twiyamiriza kuba abaja dufatanije umubabaro namwe,

  • Barabesha Amanyanga Tuguma Twayamenye
    Ahubwo Ibihugu Vyo Hanze Nibirabe Ico Vyodufasha Kugira Rpa Yongere Isamirane Tumenye Amanyanga Ariko Arakorwa N’ubutegetsi.

  • Nukuri Muburundi Nakamaramaza N,ishano Mbega Kwugara Amaradiyo Nuguturira Inyubakwa Zazo Leta Cank Abandi Mwibazako Ari Inyishu Yingorane Ziri Muriki Gihugu Ahimbewe Nikuki Abategetsi Bamwebamwe Bashaka Ko Ibiba Mugihugu Biguma Mugifuri Ahubwo Iyo Batuma Bugara Nizari Zisigaye Kuko Ntaco Ziriko Ziradufasha Kuk Zironka Amakuru Manovu Zikaduha Amakangavu Vyanyamukuru Zikibikira Emwe Eka Carafashwe Mbega Coba Caracumuye?Muburundi Ukuri Kuri He?Kuki Kunigana Ijambo Abarundi Vyabaye Ubuhizi!Iyo Ngingo Yo Guturira Iyo Radio Rpa Nihagarikwe Mbere Inugurugwe Ahandiho Ibintu Bizoyangara Tutazi Nakimwe!Ewe Mukama Turagusavye Utabare Uburundi

  • Ego Bareke Bayturire Bibza Yuko Inyuma Yib Biriko Biraba Muburundi Biheze.Ntibzi Yuko Ubutngane Bzokra Uwakoze Icaha Kikamwoker Iyo Radio Ubona Bayihga Kwik? Basha Akanyeshamba Ntikarabhemwo Umuntu Yamye Akora Ikib Arind Apfa Agkora Knd Umengo Abapolisi Umengo Nindengekobara.Ariko Barahmba Harighe Kizogra Bakubtwe Intahe Mugahanga.

  • Jew ndababaye kubona biyumvira guturira iradiyo yabanyagihugu nabone barimwo arik jewe ntibintangaje kuko kuva mukwicumi l,anne passe twari tuzi uwo mugambi nimana yagiye ikingira rpa baragerageje deja nokugura abamenyeshamakuru ba rpa ndabipfurije kuzokwirikirwa nibibi bakora gushika imbere yimana dusenga apana imwe yabo yaturira isoko

  • ariko nakamaramaza gahetse akandi!none ko iradio yugaye kandi atanakimwe twumvakivugigwamwo bashaka kuyiturira kubera iki?Nukuri aho hariho ikibazo kitoroshe.amakungunarabe ukoyofasha kugira iyo radio iharokoke.

  • YOOO! IMANA IDUTABARE KUGIRA RPA NTITURIRWE .

  • YOOO! IMANA IDUTABARE KUGIRA RPA NTITURIRWE .

  • mbe none bayituriye bazoba bahjeje ibibza nkurunziza afjse?ntibazi ico bakora ukrica ugosambura nta n umwe, vyakijiji.ejo ubutungane buzokora .

  • Muvyukuri ububisha nkubwo dukwiye kubusezerera.baragez naho bashaka guturira ijwi ry’umunyagihugu! MANA DATA DUTABARE KUKO UBURUNDI BWACU BUGEZ AHO UMWANSI ASHAKA.

  • Muvyukuri ububisha nkubwo dukwiye kubusezerera.baragez naho bashaka guturira ijwi ry’umunyagihugu! MANA DATA DUTABARE KUKO UBURUNDI BWACU BUGEZ AHO UMWANSI ASHAKA.

  • Mes chers amis de la RPA;
    Ne soyez pas etonné par les actes atroces que ce gouvernement peut faire :
    * Leta itazi gutandukanya imyiyerekano nimigumuko
    - Leta ibona ko communication itagira ikimazi
    - Leta itazi gutandukanya kabiri na gatatu
    - Leta yihaya ivyubatswe : amashure atagira abigisha, ibibuga bitagira insiguro
    - Leta yica abanyagihugu
    - Leta yama ihanze amaso kahise
    - Leta iturira amasoko
    Muri make bakora ivyo basa.
    ume chef aciye ubwenge rero ariwe Petero mugutuma ivyo bibaho, niwe ashimwa ko yotwara abarundi.
    Arabesha, abarundi bariko barakura mu mutwe.
    Ibiriko biraba bigaragaza umubabaro bagize mu myaka cumi : kwikorera inkono ishushe pdt 10ans ?
    Harageze ko abarundi bayitura. C’est le moment.
    Nuko rero, uwutazi ikizira arya ikizinu kimeze imbere yiziko. NDAVYITERE ni umwana w’umurundi. Et qui chie dans son puit boit sa melde. Enjoy CNDD

  • Izindi montages,niyaturirwa muronderer muri bamwe bo mu nyakabiga baturira umwana mw"ipine inzu siyo bogera umutwe,abategetsi bari muri campagne nta mwanya bayifitiye izoturirwa nizo nsoresore zanyu z"abatutsi mutazihemvye,erega urumogi mubaha rurabasarisha ntitwababwiye ko bazoheba amabaraabara bakabahindukirira,ndabashigikiye iyo nzu isa naho rwotera izuba yasambuye igihugu!!!Eehhh Domitilla kiramvu asigaye ari mu bubiligi,abashaka bose ubuhungiro nimugende muvuge ko mutotezwa kubera mukora ku majwi y’abanyagihugu!!!!Très drole!!!!

  • Mbanje gukeza nyakubahwa bobo rugurika arongoye iyo radio kubwitonzi n,ubutwari ufise.twe nkabanyagihugu twogusaba ko woyibahafi kuko niwo mutima w,uburundi dusigaranye komera utubere ijisho.abo bagomba kuyiturira baribesha gose,ahorero ngwivyobakora ntibizomenyekana,bacumugani bati uwubundabunda abonwa nuwuhagaze.ihorere rpa ntamvura idahita.

  • Uko nukuraziran kwabo.

  • ABAPOLYC BAJEJWE UMUTEKANO WABANYAGIHUGU NIBAREKE KWITA MUBITABARABA IMANA NIFASHE UBURUNDI BUGEZE AHATEMBA

  • ABAPOLYC BAJEJWE UMUTEKANO WABANYAGIHUGU NIBAREKE KWITA MUBITABARABA IMANA NIFASHE UBURUNDI BUGEZE AHATEMBA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.