Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru bagiye guhabwa ikarata bashobora kwakwa burundu canke (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bagiye guhabwa ikarata bashobora kwakwa burundu canke (...)

Abamenyeshamakuru bagiye guhabwa ikarata bashobora kwakwa burundu canke vy’agateganyo

vendredi 4 Mukakaro 2014

Abamenyeshamakuru bagiye kuronswa ikarata bazokwakwa vy’agateganyo canke burundu mu gihe bazoba bakoze amakosa ajanye n’umwuga wabo. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru n’imigenderanire n’inama nshingamateka, Tharcisse Nkezabahizi.

Tharcisse Nkezabahizi, umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka yamenyesheje ko agiye kwongereza imibonano n’abamenyeshamakuru kugira baze barabire hamwe itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru. Ivyo umushikiranganji Tharcisse Nkezabahizi akaba yabimenyesheje kuri uno wa gatatu, mu gihe yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka. Yaranagarutse avuga ko ikigo CNC (Conseil National de Communication) arico gikwiye guhanura canke guhana umumenyeshamakuru yakoze ikosa.

Umushikiranganji Tharcisse Nkezabahizi yamenyesheje kandi ko vuba hagiye kuboneka ikarata y’akazi ku bamenyeshamakuru, ikarata izoshobora kwakwa mu kiringo kanaka canke burundu, ku mumenyeshamakuru wese azoba yakoze ikosa mu kazi. Tubibutse ko mu ngingo ya kane yo mw’itegeko nimero 1/11 ryo kuwa 4 Ruheshi 2014, rijanye n’umwuga wo kumenyeshamakuru, rivugamwo ko umumenyeshamakuru wese akwiye kuba afise ikarata y’ukumenyeshamakuru ifise ikiringo kizwi ihererako (carte de presse valide). Iyo nayo uwuyifise imuha uburenganzira bwo kurengana aho hose agiye kurondera amakuru, mu bibanza vyagenewe abamenyeshamakuru, ku bibuga vy’umupira w’amaguru, ku bibuga vy’indege, mu masentare aho imanza ziburanishwa ku mugaragaro, hamwe n’ahantu hose hari imyiyerekano.


Floxella Karire

Messages

  • Harakagaye nakandi ariko uwomushikiragaji arakomeye ngo carte??7?yibaza ko abamenyeshakuru ari igigugu ncanke?? Babaye aba police ??akazi kabo barazi ingene bagakora ???ngobazoze barerekana iyobagiye haaaahiiiii bababajwe ningene mwagiye muri congo gutohoza batabizi ntakindi ??ariko iyontwaro yibaza ko izobuza kuvuga abantu bose ncanke??ewe burundi uriburonke abagutwara yaaaaaaaa raaaaaaa @#DD

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.