Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu 31 bishwe mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 31 bishwe mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa

Abantu 31 bishwe mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa

jeudi 28 Ndamukiza 2016, par egide

Icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu Zeid Ra’ad Al Hussein, mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa gatatu, yamenyesheje ko abantu 31 aribo bishwe mu kwezi kumwe gusa kwa Ndamukiza, akavuga ko abakora ubwo bwicanyi bazotegerezwa kubibazwa mu butungane.

Muri iryo tangazo, Zeid Ra’ad Al Hussein, icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yibutsa ubwicanyi buheruka gukorerwa Général de Brigade Athanase Kararuza n’umugore wiwe, hamwe n’ihakwa kugandagurwa ryabaye kuri uwu w’Imana, ku mushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, Martin NIVYABANDI.

JPEG - 35.6 ko
Zeid Ra’ad Al Hussein, icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu

Mu gihe ivyo bitero bikorwa n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekana, icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu Zeid Ra’ad Al Hussein yerekana amakenga yiwe ko ubwo bwicanyi bushobora gusinzikaza umutekano w’Uburundi usanzwe utifashe neza, akibutsa ko no mu kwezi kwa Ntwarante abandi bantu icenda bishwe.

Zeid Ra’ad Al Hussein asaba ko ubwo bwicanyi bwose bwokorerwa amatohoza, abo buzokwagira bashengezwe mu butungane.

Mu biganiro bigiye gutangura hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo, Zeid Ra’ad Al Hussein ahamagarira abegwa n’ibibazo vya poritike ko boganira bahuza, kugira batore umuti w’intureka ya poritike iri mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Nibiterasoni kuri gelase uravye amatangazo atagira epfo naruguru yirirwa arisohoza mbe abayibazako mwebwe mutinya imituragaro mwebwe igikorwa mwemeye mugoba kukirangura mudakebaguzwa sinkabo babura icobamarira abanyagihugu bakirirwa barabanigagura nokwisohoza amatangazo yokubaryanisha ahokububaka komera mutama guma mushire ukuri ahabona gushika abobicanyi bashengejwe imbere ya sentare

  • Mbega Onu muburundi taleta ihari harizego zumugabwe umwe na basomambike. Bagiye guca amahera mbega uyo mugabwe wiyita leta undashobara gukira gukira abenegihugu canke utafite izengo umutekano umungo ivyo Nkurunziza na Bunyoni na Nyamitwe bakora batabizi munyoni ngo umutekano ni 99%muri capital canke mubiro bikuru vitwaramiheto etat major geneneral hakagandagurwa col,Indwi imwe hakagandagurwa General na major na bene gihugu sha hama Onu bakita abajura bihaye umutegetsi kuguvu leta mbega uyo Nkurumbi wagiye kwinyegeza igitega ibiki yahunze ko Bunyoni yabirira kuri radio ngo umutekano ni 99% mugihugu cose ico mbarira aba General canke abasoda baze. Gukigira ibwiriza shigiro na masezerano ya arusha uhubwo bagikira Nkurumbi izo. Nigaruka umuntu Azira ico wiyemeje gukora imbere yimana ni tango.

  • Mbeyemwe uyumugabo Hussein, akazikiwe akora nugukurikirana uburundi gusa? Ego nivyo turabishima kumenya kumusikubusi abarundi baba bapfuye bahitanwe ninkozi zikibi, ariko iyutubwira abantubahitanwe ninkozizikibi muburundi ariko ntutubwire abishwe mubindi bihugu ahoniho hatuma nibazako akazibaguhaye arako gukurikirana uburundi gusa. Ego ndavyemera ntiwovuga kuribarya birirwa baricwa mu Rwanda kuko bicwa na leta , ariko hariho ibindibihugu bifise inkozizikibi zica abantu mwivyobihugu? Canecane nka USA , none kutaritora ngutubwire igitigiri cabicwa ninkozizibibi mukwezi kandi arimeshi?

  • EMW VYUKURI NIBAYAG BAHUZA ABANYAGIHUGU BOYEKUGUMA BAPFA BAZIRUBUSA

  • Ayo matangazo aho mwayavugiye,mudashoboy gutabara ba muhora.None nkivyo uvuze bimaze iki!

  • Ariko wowe wiyita None? Upfi iki nurwanda aho niwaba uri Interahamwe, uzatubwire addressee yawe mugabo tuzagusure.

  • nukuruku nukuri uburundi bugeze ahatemba nuku bazokwiba ibiganiro ntiruhe bemera ko ikimenabanga peter nkurunziza ko yoguma arongoye uburundi numutorere uzorongora infatakibanza nkandi ntimuruhe muha ikigongwe mpimba huzuye atavugarumwe nareta yu burundi

  • Ndaremye ntavyoguhuza nizeye murivyo biganiro kuko uriko arigweza ukuntu Cnddd bahiga vyerekana neza atagushaka kwibiganiro bifuza. Hama ingorane nyamukuru wibi vyose ni nkurunziza kandi nabo bakaba badashaka kumva yuko ico kibazo coganigwako nagato kone wumva bokumvikana gute
    Igikuru jewe kuco mbona ni Nintambara gusa ikenewe akahava kunguvu inzego zose zigapangwa gushasha ntakindi murakoze

  • @ Reader, dupfa nu Rwanda ko rwakiriye abashatse gutembagaza ubutegetsi rukagirako rukaca dukomeza kubafasha kuguma bazamu Burundi guhungabanya umutekano wabarundi nu Burundi, mbe u Rwanda rworwo nivyarushikira ruzonezerwa? Rindira sikera .

  • @ hirya yejo ko bavuye TZ ko nanarimwe wiyamiriza TZ, urampenze hari iyindi nvano.

  • @None: Turabizi ko mubyifuza ntabyo muzabona kandi ikibabaje nukwo mubugira iburundi nomumashyamba ya congo ariko hakabura abambuka igihe mwamaze muzerera nkabenegahini kigiye kwongera gutangira agahenge uburundi bwari bubahaye kararangiye ba uretse USA iyoborwe naba Republican urebe ngo ikibyimba kirameneka, uburundi turabuzi twanabubayemwo mutarahagera uzabaze abarundi babacumbiye ukwo abanyarwanda bahavuye bari bateye nako kavuyo nicyo gituma uyumunsi kaba we cunga sana!

  • Yo Uwomukuru Wa Onu Sinzi Icagamije Nabamushigikiye Kuko Abobapfa Igihe Batopfa Uburundi Bwocabutemba. Ndababaze Mbekoreta Yacu Yuburundi Kobaheruka Kutwima Imfashanyo Ubu Arico Turaba? Mbe Mbaze Umukuru Wa Onu Igihe Yoba Afitaniye Ingorane Numugore Wiwe Yocayanka Gusumira Abana Biwe Ngonuko Adahuza nanyina Wabo? Icombona Amakungu Ntakunda Abarundi Ahubwo Nabasi Abonabo Babesha Ngomuburundi Harintambara Barabeneza Baragwaye Igwara Yibinyoma Kuko Nkajewe Ndumurundi Mbamuburundi Ikomine Mbamwo Niyonavukiyemwo, Kuva 2005 gushikanuyumusi ntarusoro ndumva mbere naribagiye nukuntu inkoho ivuga icomvuga nimwihanga imyaka ine asigaje simyishi muga naho biruko aboba oposition nabanyabwoba kuko ntituzotora abanyabwoba icombona tuzomwongera kuko ntacomuromukoza kuko murabanyabwoba erega murocamuhunga iconobahanura nimugende musabe kagame abagabire nagakomine kamwe abariko mutwara kuko uwabahanuye niwe yabaroze kandi umwasiwawe ahumubonye uramwivuna abapfuye imana nibakire.

  • suala la kuanza sasa mbona rais letu pierre nkurunziza kala mala anakua anawatangazia wanainchi wakee kwamba katik nchini burundi eti amani yapo tna nikibao wakati bado watu yaani wanainchi wanaendelea kufa?yaani kama amani angelikuepo watu wangekufa kila cku kila cku ila washamburiaje nafikiri kwamba ndio ambao wanao wuwawa wanainchi ili waweze kuchafuwa rais eti iki mbe oni yafatiye ibihano igihugu canke yari kugifatila rais gusa aho oni ikunda abategetsi ntikunda abanyagihugu

  • Nimugzaho Imana Ntibuce Iturimbura

  • WEWEWARABAYE INBURABWENGE ESE UBURUNDI NIDENI BUGUFIYE PFUGWAWE UBUNDI KWISI NIHOHAPFABECHI KURUTA AHOTWUNVAKUMUNSI HAPFA500 KUMUNSI ABANZUNGU ICOMUCHAKA KUBURUNDI NTACOMUZOBONA AHUBWO BUCABUTWARA UBURAYA BUTWAGWE BURUNDIVAKO MURIJAVYIMUZINDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.