IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 52 kw’ishirahamwe ryose nibo bazogira defire y’1 Mukakaro

Abantu 52 kw’ishirahamwe ryose nibo bazogira defire y’1 Mukakaro

jeudi 26 Ruheshi 2014

Mu gihe hasigaye iminsi ine gusa kugira Uburundi buhimbaze umunsi mukuru w’imyaka 52 bwikukiye, bwikukiye umukuru w’umurwi ujejwe gutegura urwo rubanza avuga ko ishirahamwe ryose rizotanga abantu 52 bazogira idefire.

Zéphyrin Maniratanga umukuru w’umurwi ujejwe gutegura urwo rubanza, akavuga ko mu ntara zose z’Uburundi no mu makomine yose hazohimbazwa imyaka 52 Uburundi bwiganzuye ababucinyiza. Mu gisagara ca Bujumbura naho, urwo rubanza ruzobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, aho ishirahamwe ryose ryaba irya Reta canke iryigenga, eka nabo bose bazogira defire y’urwo rubanza, batazorenza abantu 52, bisigura imyaka 52 Uburundi bwikukiye. Abatazoba bariko baragira iyodefire, bakazororerera mu bandi, mu bibanza bazoba bateguriwe.

Mwomenya ko ivyo birori biriko biritegurirwa neza, aho amabarabara makuru makuru yo mu gisagara ca Bujumbura ariko arasigwa akabara gashasha, co kimwe n’abasirikare n’abaporisi bariko barategura defire y’uwo munsi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.