Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu 11 nibo bamaze kwitaba Imana kuva imyiyerekano itanguye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 11 nibo bamaze kwitaba Imana kuva imyiyerekano itanguye

Abantu 11 nibo bamaze kwitaba Imana kuva imyiyerekano itanguye

mardi 5 Rusama 2015

Kuva imyiyerekano ibaye yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abantu 11 baramaze kuhasiga ubuzima, abantu nabo 117 barakomeretse nk’uko bivugwa na Croix Rouge.

Muri iyo myiyerekano yatanguye kuri uyu wa 26 Ndamukiza uwu mwaka, abantu amajana atandatu barafashwe, muri abo hakaba harimwo ababa batarimwo, abatarakwiza imyaka yo gufatwa n’abandi baba bari muri iyo myiyerekano. Abafashwe bose, bakaba babanzwa gucishwa muri BSR, aho abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bavuga ko babanza kuborezwa igufa, uko gukubitwa bakakwagiriza Godefroid Bizimana asanzwe ari icegera c’umukuru w’igiporisi.

Muri abo bamaze kwitaba imana, harimwo umusirikare umwe, abaporisi babiri bishwe mw’ijoro ryo kwa mbere Rusama batewe ibisasu ntezwa minwe n’abantu bataramenyekana, abari mu myiyerekano nabo, bakaba bamaze kuhasiga ubuzima bamwe barashwe n’igiporisi hamwe n’igendereza, kiretse umunyagihugu umwe yiciwe muri komine ya Kamenge, mu gitero cahitanye abaporisi babiri.

Mu vyegeranyo vya mbere vyatanzwe n’ishirahamwe APRODH ryavuze ko abantu 9 bitavye Imana, co kimwe n’abantu bashika kuri batatu, bitavye Imana, mu myiyerekano yabaye kuri uyu wa 4 Rusama uwu mwaka mu makomine ya Nyakabiga, Cibitoke na Musaga. Abo batatu bitavye Imana kuri uyu wa 4 Rusama, bemejwe n’ishirahamwe Croix Rouge.

Muri iyo myiyerekano kandi inzu imwe yaraturiwe co kimwe n’imiduga itatu y’abakozi bo mw’igendereza. Abari mu myiyerekano, bakavuga ko batageza kuyivamwo, Petero Nkurunziza adahevye kwitoza ubugira gatatu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.