Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu b’i Ngozi mu bikorwa rusangi n’umukuru w’igihugu
Abanyagihugu b’i Ngozi mu bikorwa rusangi n’umukuru w’igihugu
dimanche 31 Ntwarante 2013
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yifadikanije n’abanyagihugu bo muri komine Mwumba, intara ya Ngozi, mu bikorwa rusangi vyo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2013.
Umkuru w’igihugu ari kumwe n’abanyagihugu baregeranije amatafari azokoreshwa mu kwubaka ishure rizokwegukira ishirahamwe Fondation BUNTU.
Twibutse ko ibikorwa rusangi vyo kuwa gatandatu vyatangujwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu ntumbero yo gusanura igihugu, inyuma y’imyaka cari kimaze mu ntambara.
Egide Nduwimana