IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu biyamirije abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa (...)

Abanyagihugu biyamirije abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika

dimanche 27 Kigarama 2015

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo amenyesha ko atawosubira guhenda abarundi ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryafashe ingingo yo kurungika abasirikare mva makungu.

Mu myiyerekano yo kwiyamiriza abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bo mu rweho rwa MAPROBU yabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 26 Kigarama 2015,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko inama y’amahoro n’umutekano ariyo yashikirije uwo mugambi.

Gaston Sindimwo yavuze ko Uburundi bufise abasirikare bakwiye kandi bashoboye gukingira umunyagihugu uwariwe wese.

Abitavye iyo myiyerekano bari bagizwe ahanini n’urwaruka rwitwaje impapuro zanditseko ngo «Turiyamirije abasirikare mva makungu» abandi nabo ngo «Abenshi binumiye ntibazokwigera bemera MAPROBU»

Umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika uherutse gufata ingingo yo kurungika abasirikare 5000 bo gukinga amabi mu Burundi n’ihonyabwoko rishobora kwaduka mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Uyo mukongomani wewe aje kongereza abasazi basanzwe bariko bonona igihugu

  • Ntabwenge bagira ababanyagihugu, banezererwa nuko benewabo bariko baherera kwicumu? nukuri wabaroze ntiyakaravye! none ico cegera cumukuru wigihugu ariko aravuga harimwo ukuri? kubwanje ntakuri kurimwo, kuko abanyagihugu bashika amajana bagandaguwe niki porisi nabamwe bamwe mugisirikare,bisigura kuza kwabasoda mpuza makungu,nuko igi porisi cahemutse kundahiro carahiye yuko kizocungera umuteka wabanyagihugu bikaba atariko bikiri. mubakenyezi,nabashingantahe, nimisore, nabigeme nabana, bamaze kwicwa ntamusivere ya toye ubuhiri ngoce mwenewabo. abobose nadondaguye bishwe ni ki porisi, igisirikare naco kirorera. rero igisirikare ni kiporisi ntamutekano wa banyagihugu bagishoboye gucungeraaa vyarabataye kuwamazi. hasigaye ahigisoda mpuzamakungu.

  • uwurota muburundi haba ihonyabwoko izondotontazirotore ababirota baragapfana indotozabo twebwe twibereyemumahoro ivyonavyo barasubiza iyobabikuye bankabemera IMANA iriho kand’isumbi ngabo

  • uwurota muburundi haba ihonyabwoko izondotontazirotore ababirota baragapfana indotozabo twebwe twibereyemumahoro ivyonavyo barasubiza iyobabikuye bankabemera IMANA iriho kand’isumbi ngabo

  • Iyoyarinzirayokwitandagazakubanyagihugu.Kugira.Boroherwekubica..Vyankebikunde.Bategerezwakuza.Batajenaho.Bazobabahevye.Uburundi Nabarundi.Abotugowerumwe Dukomezegusaba Abasodanvamakungubaze.Nacanecane.Urwarukatwebwetugeramiwe..

  • Ntaba Sirikare Mvamakngu Dukeneye,kuko Natwe Tuja Gufasha Kugarukana Amahoro Hanze.Tworinda Tuja Gufasha Ahandi Tutikwije?Abobantu Ntabo Dushaka.Kagame Nawe,niyihede Awatse Uzomuzimirako Kuko Uburundi Ntibwitaha,burikwije.Rekancire Agace Urwand.Ntimuzemwihende Kuko Naho F D N Itokora,abademobe Imbonerakure Nabandi Bavyumva Twokwikorera Bigashimwa.Kuko Twebwe Uburebure Nubuvyibuhe Ntaco Bitubwiye.Abahenzwe Ngo Barahungiye Murwanda,nibarindire Bahere Nkivyana Vyinyoni.

  • nibabarungi boba badukingiye runini

  • URWO RWARUKA NDAZI KO ARI IMBONERAKURE.NKANJE NSABA KO BAZA!

  • Abobasirikare nibabarungike murwanda bajeyo kugenzura a baguma bahungabanya umutekano muburundi bacumbitse mwico gihugu

  • e ibi nivyizacanegose....nubu tuzoibandanya mpaka bahagaritse iriyangingo igayitse.......

  • Gaston Sindimwo yamye ari mubavye banka umuzo w’inteko mvamakungu mu burundi kuva kuntwaro za BUYOYA. ico ashira imbere n’ubukunzi bw’inda s’ubugukunda igihugu n’abanyagihugu. ari muri bamwe twita mpema y’uzuye.

  • None ntagitangaje kirimwo none simbonerakure gusa baguma bariko barahenda? Harumuntu afise ubwenge yoja mwibarabara ngo agomba yiyamirize abajejwe umutekano mva makungu? Erega ntibobura kutavyanka bazi amabi bariko barakorera abanyagihugu mukubacisha k’ubuhomba nibindi mugabo barabesha imisi iraharuye kabisa!!!

  • erega ntivyodutangaza igituma mubiyamiriza.mushaka kuguma mutwica atacamira. ariko mwaba d d mwe,ntimworeka abana buburundi bakidegemvya? kizoteba gitora umurozi.mweho ntimuzoronka iyo muhungira ugwanda ntimujayo, tanzani ntimugerayo, congo nukonyene. nimwemere tubane jewe mvuga nti:nnibaeze barakazand

  • TURAMESHEJE IGIHUGU NABANYAGIHUGU KO ABOBASIRIKARE MVAMAKUNGU NIBAZA KUNGUVU UBURUNDI BUZOBA TWATEWE NATWE ABASIRIKARE NA BAPORISI TUMEZE MAGABO TUZOBAVUGUTIRA MUTI NIBACA HEJURU TUBAKUBITIREYO NIBACA MUMAZI TUBAMESEREYO.ABARUKARIHIJE NIBEMERE RUBAMWE.

  • Komera ntumwere.abasoda buburundi ni babitumwako.ntabandi rero bakenewe barondera guha inzira kagame ntitubakene turabiyamirije%

  • jewebirantangaje ishirahamwerya afirika ngoriturungikire abasirikare tudashaka nibirekere twebweturikwije izongabo ntacozigezezitumarira

  • Abo Basirikare Ntabo Dukeneye Kuko Muburundi Amahoro Niyose

  • Turetse nuko numusirikare umwe yitwa ajegusubirira abasirikare bu Burundi yitwangongwaje gucungera umutekano ngo wabarundi, Abobasirikare ubumwe bw’Afrika bwavuze bworungika Burundi bibonekana kobarabo gusubirira abasirikare buburundi kuko nibeshi bitosheje, kukondibuka mumwaka ya 94 uburundi bwaribufise igitigiri gisanikingana nabobasirikare, kubwivyo nuvyabashaka kwongera gukoroneza u Burundi!? Kubwivyo nibazako bazozakuza aruko twese abarundi batumaze baheze bashikire igihugu cu Burundi.

  • Yoo,IGIHE namwe muratwenza pe.ntabanyagihugu biyamirij inteko mvamakungu nimbonerahagufi,nabayoboke ba gahini nabahahamuwenawe.ntamuntu wumutima yokwirengagiza akamaro kinteko mvamakungu,mbe igiheyavamwishamba ntantekobarungits?

  • Hakene ukumenya ukuri kw’abarundi bama bavuga ibitavuye ku mutima; ibisigaye abasirikare barahari igihe ababijejwe babonye ko hageze kongereza abandi bazorondera abandi mugihugu nkuko vyama ntibazoja kuzana abo hanze.

  • Jewe Ico Mbona Nuko Abajejwe Intwaro Bokorana Inama Nabanyagihugu Bagatorera Umuti Ikibazo C’uwo Muriro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.