Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyamahanga baba mu Burundi batumweko mu rusansuma
Abanyamahanga baba mu Burundi batumweko mu rusansuma
mercredi 24 Ruhuhuma 2016, par
Abanyamahanga baba mu Burundi, abahakorera canke ababa bahaciye batumweko mu rusansuma bateguriwe, kugira bahabwe amakarata mashasha abaranga.
Mw’itangazo ubushikiranganji bw’umutekano bwasohoye, bamenyesheje ko urwo rusansuma ruteguwe kugira abanyamahanga bari mu Burundi baronswe ikarata nshasha zikozwe mu buhinga bwa none (carte biometrique).
Urwo rusansuma ruzotangura kuva kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante, gushika kurya 30 Ndamukiza 2016.
Nk’uko vyashikirijwe na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, urwo rusansuma ruzoba iminsi yose, guhera isaha zibiri z’agatondo gushika isaha cumi z’umugoroba.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano
Urwo rusansuma ruzobera muri komisariya nkuru ya PAFE, bigasabwa ko umunyamahanga wese ari mu Burundi yokwishikira aho muri iyo komisariya, kandi akaza yibangikanije impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba canke bw’ugukorera mu Burundi.
IGIHE
Messages
24 Ruhuhuma 2016, 12:06, par Rusakumba
Ni mukomere. Ahubwo mwari mwaratevye, kuko abariko barakora ibikorwa vy’iterabwoba bavyoshwa n’abo banyamahanga nyene.
24 Ruhuhuma 2016, 12:21, par NYABA
ABOBANYAMAHA HOBA HARIMWO NA ZANTERAHAMWE AHUBWO NIMUZIRUKANE MUVUGE MUTI MWARADUHENZE ZASE MUZIGIRE NKUKO F.N.L YAZIGIZE MURUKARAMU IGIHE ZAZA ZICA ABANAMARIMWE
24 Ruhuhuma 2016, 15:37, par cuma
nimuvyemerenatwebanyagihumuraduhabajenihagira,icobamusigaremurahigananakaremukuyadyamutubwiraturabehasidushonjenakare.agataretsekabagasema
24 Ruhuhuma 2016, 15:53, par INTAGOHEKA
NIMUBASASUME KOKO NIBO BAVYONGA KANDI UWOMUZOFATA ADAFISIBIMURANGA MUZOCE MUMUSUBIZIWABU
24 Ruhuhuma 2016, 16:05, par Tubirabe
N,ejo aho bukera nanyu muzoba abanyamahanga murabe ukuntu ubuhungiro bubabaza kuko ndazi abenshi murimwebwe ntavyo muzi ivy,ubuzima bwo mumahanga.Kimwe gusa laisse les africains vivent partout en afrique la’ ou ils veulent vivre.Suivent les europeens seulement ceux biens qui sont etrangers en afrique car ils destabilisent notre continent.
25 Ruhuhuma 2016, 13:09, par nzoz
@ Tulibare , urasabwe gukunda igihugu cawe , kuko ntanahamwe uzaba ngo wiyumvemo ko uli iwanyu cg baguhe uburenganzira nkubwumunyagihugu !! kuko nta budget yawe baba bafite , uba usabwe kuba munkambi niba uli impunzi kuko HCR niyo iba ifite budget yawe , ushobora aliko no kuba mumujyi aliko ugomba mbere yabyose kugira ibyangombwa bikuranga nibikwemerera kuhakorera !!! IBYO UBURUNDI BULIMO GUKORA NIBYO 100%
25 Ruhuhuma 2016, 18:30, par Theophile
KUBASANSUMA NI VYO KUKO BASHOBORA KUBA BARI MU BAVYONGA MU GIHUGU CACU.AHUBWO BASANSUME NO MU GIHUGU HAGATI .