IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanywanyi ba CNDD FDD basabwe guhinduka bose ba Lieutenant-Général Adolphe (...)

Abanywanyi ba CNDD FDD basabwe guhinduka bose ba Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA

mardi 2 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe umwaka warumanye kuri uwu wa kabiri Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe, mu mugambwe CNDD FDD bamenyesheje ko umunsi w’igenekerezo rya 2 Myandagaro wahebewe kwibuka iyo ntwazangabo, uwo mugambwe ugasaba Abagumyabanga bose ba CNDD FDD gufatira akarorero kuriwe, bagahinduka bose ba Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA

ITANGAZO NO 014/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 02 MYANDAGARO 2016

Umunsi w’igenekerezo rya 2 Myandagaro wahebewe kwibuka Intwari Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA

1. Umugambwe CNDD-FDD, kuri iri genekerezo rya 02 Myandagaro 2016 urifatanije n’Abagumyabanga eka n’Abarundi bose mu kwibuka umwaka urangiye Intwari Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe n’abicanyi batipfuza na gato demokarasi mu gihugu cabo. Yari umugabo w’ijunja n’ijambo, umugabo w’Abagabo atatinya urukamvye, yobera akarorero ab’ubu n’abazovuka ejo ;

2. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho kwipfuriza umuryango wa Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA n’Abagumyabanga bose babuze Intwari batanka, baze bame bazirikana ibihe twaciyemwo kugirango ivyo bihe bitubere isoko ry’ubumenyi, urukundo, kwihangana hamwe no kutazosubira inyuma na rimwe ;

3. Umugambwe CNDD-FDD usavye Abagumyabanga bose gufatana mu nda, bakunga urunani rumwe nk’uko Intwari Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA atahengeshanya kubigaragariza Abarundi n’Amakungu ;

4. Umugambwe CNDD-FDD usavye kandi Abagumyabanga bose gufatira akarorero kuri iyo Ntwari, bagahinduka bose ba Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA ;

5. Umugambwe CNDD-FDD urateye ivyatsi bimwe mu bihugu bimwe bimwe birajwe ishinga no guhonyanga Ubwigenge, Ukwikukira, Ubumwe n’imipaka y’Uburundi abagumyabanga baharaniye imyaka n’iyindi, Intwari zikagandagurika mu gushaka guteza ingabo mvamakungu zotangurirwa n’abaporisi 228 biciye kubiri n’ingingo z’Akanama gashinzwe umutekano k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU inomero 2248 yo ku wa 12 Munyonyo 2015 be n’inomero 2279 yo ku wa 1 Ndamukiza 2016. Ivyo na vyo bikaba kandi biteye kubiri n’ukwishira n’ukwizana Umuhisi Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA yari yaraharaniye imyaka myinshi. Uno munsi rero twibuka intwari yacu bikaba bitumvikana ko ari co gihe ivyo vyokwiyumvirwa kanatsinda ni ugusubiza Uburundi mu ntwaro z’ubukoroni zasezerewe ;

6. Umugambwe CNDD-FDD urangije wibutsa kandi Reta y’Uburundi ko uwo munsi w’igenekerezo rya 02 Myandagaro woba ntibagiranwa mu mateka y’igihugu, ukazokwama uhimbazwa n’abuzukuru n’abuzukuruza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.