IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarorerezi b’agateka ka zina muntu na gisirikare bagiye kurungikwa mu (...)

Abarorerezi b’agateka ka zina muntu na gisirikare bagiye kurungikwa mu Burundi

samedi 27 Ruhuhuma 2016, par egide

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rigiye kurungika mu Burundi abarorerezi ijana b’agateka ka zina muntu hamwe n’abarorerezi ijana ba gisirikare kugira bakurikirane uko vyifashe mu Burundi. Umukuru w’igihugu wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni akaba yasabwe gutumako ibiganiro.

Inyuma y’urugendo rw’iminsi ibiri rw’intumwa z’abakuru b’ibihugu vya Sénégal, Gabon, Mauritanie, Afrika y’epfo hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryasohoye icegeranyo c’ivyavuye mu mibonano itandukanye izo ntuma zagiranye n’abanyeporitike, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abaserukira amashengero. Abo bakuru b’ibihugu bamenyesheje ko bumvikanye na Reta y’Uburundi ko hagiye kurungikwa mu Burundi abarorerezi ijana b’agateka ka zina muntu hamwe n’abarorerezi ijana ba gisirikare.

JPEG - 63.4 ko
Jacob ZUMA, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, akaba ari nawe yari arongoye izo ntumwa

Mu cegeranyo casohowe n’abo bakuru b’ibihugu, Yoweri Museveni, umukuru w’igihugu wa Uganda yasabwe gutumako ibiganiro vy’amahoro kandi bidakumira, bizokwitabwa n’impande zose zikenewe.

Intumwa z’abakuru b’ibihugu vya Sénégal, Gabon, Mauritanie, Afrika y’epfo hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie bahora mu rugendo mu Burundi, bamenyesheje ko batewe umutima uhagaze n’urugero ubugizi bwa nabi n’ubwicanyi bigezeko mu Burundi.
Abo bakuru b’ibihugu bamenyesheje kandi ko bashimishijwe n’uko impande zose zihuriza ku kubona ko ibiganiro bihuza bose arivyo vyonyene muti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi.

Reta y’Uburundi ikaba yemereye izo ntumwa ko igiye kugarukana icuka ciza muri poritike y’Uburundi, hamwe n’ukwubahiriza ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru mu Burundi.

Ico cegeranyo casomwe na Jacob ZUMA, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, akaba ari nawe yari arongoye izo ntumwa zari zimaze iminsi ibiri mu Burundi. Ahejeje gushikira ico cegeranyo akaba yaciye afata indege imusubiza mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Amafoto


IGIHE

Messages

  • Nkurumbi aranguha aravako tuuu,igihugu c’uburundi gifise abagabo ntantambwe azoduterana nizi mbonerakunya ziwe hamwe nabagumyabondo,TUZOMUGIRA NKA SHETANI RUDOLPH RINDIRA AKARI INYUMA KARAHINDA.

  • BARAGENDA BAGANIRE YOMBA RETA ITAZOCA ISUBIRA KUVYANKA IKAVUGA KO IBIGANIRO ARIYO ISHAKA KUBIGIRISHA SINZI KO HARI UMUNTU YOKOMORWA NINCIRA AKITWARA KUMAMBA MUGA IVYIKIRINGO CA 3 NTIBAKIRAMBARAREKO KWOBA ARI UKUDADIKA BIGATUMA TUGUMA MUBUHUNGIRO TUZIRABO

  • NISAWA IRYO JAMBO NIRYIZA CANE,AHUBWO HASIGAYE KO ABATEGETSI B’UBURUNDI BUGURURA AMATWI N’UBWENGE BAKUMVA IMPANURO.MURAKOZE

  • Mbebasha Abobarorerezi babemeyegute? Konumvaharimwonabasirikare Uragaba Nkurumbi Uzohava Usanga Nabamwe Mvamakungu Wankabagushikiriye Joho Kubwanje Ndabahaye Ikaze Uraryugaba!!

  • Kemera cane. Imana ibahezagire, ihezagire Uburundi n’ababurongoye. Irinde yongere yigize inyuma abacuruza ba génocode n’ibiziga.

  • BARI BAJE GUTEMBERA CANKE ?

  • Ayamakuru harimwo ibiburamwo vyishi abashaka kumenya vyose murinderere mubindi bitangaza Nakuru. Murakoze.

  • Je Mbona Bayaze Neza Kumpande Zose Igisigaye Abemera Imana Tuje Kumavi Imana Ikore

  • Huuuuu ejo tuzinduka tubiyamiriza

  • jye ndumva ntacyavuyemo inama zaburigihe abarundi bapfa abandi bafungwa biteye agahinda .

  • zuma ntakintu kuko arivuguruza muvyo avuga, kandi noneho turazi ivyo akora mugihugu iwe muvyerekeye inwaro ibereye.vyumvikana ko atacigwa yoha abandi.

  • Abantu Nimureke Kwigira Impumyi Kandi Mubona Cndd-fdd Iciyongera Ikiringo Ca3 Yariziko Vyoroshe Aharero Ntakobatagira Ngobarondere Abobatako Amakosa Kugira Bikunde Bereke Amahanga Kwataribo Ntandaro Yingorane Zihari Biciye Mugukoresha Abantu Mumarementanya Niyompamvu Ubona Baseko Maprobu Ziza Harabafise Ivyemezo Bocabamenera Ibanga Kuko Bobabakingiwe Haruwutaziko Ufashwe Uriko Wumviriza Humura Ubupfuye Cankeko Burikwezi Ahamugisagara Burinzu Iriha 1000frs Ca Securite Sukobabona Kovyayangaye Wumva Kugira Bikureyo Bobinza Gute?

  • Murakoze Urugendo Rwiza Mutama

  • Yamaprobu mwasaba ngiyo iraje gushigikira reta murabe rero iyomurusubira gukubitira grenade bagume harya gushika 2020 twongere twitorere Petero Nkurunziza musigare mwasamye

  • zuma ndagushimiy numugwi wajurongoye komwanyuzwe na leta kuvyibabwira kandi mugatahura cndd -fdd na leta yawo nivyiza nayimihimbira imbwa zabatutsi zishaka guhungabanya igihugu zizoshira nkifu yimira.

  • NUKURI MTAKIBAZO KIRIMUBURU NDI KIRETSE ABANDASHIMA

  • Nivyiza Kohagiye Kuba Ibiganiro Bidakura .Mbeganone Kovyavuzwe Ko Atabasirikare Mvamakungu Bakenewe Abobo Bazoba Baje Gukoriki? Mana Tabara Uburundi.

  • ICOMBONANUKO BONETUZAKUBAFASHA NATWENTICOBUZAKOBADUFASHA KUKO TURIMUYABIRA?

  • Birashimishije cane kuba abo bakuru,Bibihugu bishikiye hano muburundi bakironkera inkuru yi mvaho yu bwicanyi buriko bukorerwa abenigihugu.rero iyo ngingo ya shikirijwe yo kurungika abarorerezi baza hano gutohoza amabi ariko akorerwa abanyagihugu irashimishije,nokuba bumvikanye kubiganiro bitasobanura abanye poritike kuko niyo nzira ya mahoro. nayibaganiro bahora birirwa baratangaza ngo batanguye wa sanga bivugira ivyo guhindura ibwirizwa nshingiro ryi gihugu, ngo peter azokirage abuzukuru.Abakera barayamaze ngo umufa wi bwebwe unyobwa ugishushe, abobashikirijwe guhagarikira ibiganiro ni banyarutse kuko uko bateba niko nabantu babandanya guherengetera bashorwa kumacuniro nkimpene, bazoza kwibuka umwenigihuguwe atawukibaho.

  • Izondorerezi ziza kurora aho abarundi bicwa nkabana binyoni ntabwo arizo zihutirwa icihutirwa ninteko ahozova hose zoza gukingira abanyagihugu bariko baricwa na nkurunziza nakarwi kiwe naho zuma nankurunziza ivyobarimwo bizobahamburukana ntibagire Ngo abarundi ntituri maso zuma yibukeke iwiwe ntahonyene hari ingorane ariko mukuzikemura ntiyica abanyagihugu biwe Baca umuganingo iso akwanka akuraga ivyamunaniye ico nohanura bene wacu babarundi nuko mwobonako akimuhana kaza ihise nimwe mwicwa nimwe muborezwa igufa nimwe musahurwa nimwe mwagazwa si abanyamahanga kandingo uwigize agatebo bamuyoza ivu

  • Urumugabope. Wifitiye ubwenge wahawe nimana.perezida nkurunziza numugabope.kandumwana yankwa niwabaho. Ngiyomanda wahawe nimana uyigejeje hagati.bamujerinabo bishinga kubweja

  • Biragoye Muburundi Paoritike Yaho Niyokwitonda Kwibaza Ico Wipfuza Kumenga Gica Kiba Ubwo Nyene Iyo Ningorane Kuvuga Cane Siwo Muti Inzoka Yoroshe Imira Iyigumye Gusabira Igihugu Ibihano Ninkukwicira Ishami Uryicayeko Ukibaza Kusawye Ibihano Kubera Ukunda Abanyagiqugu Ibaze Ubwo Wibaza Ko Iwyusawye Bigiye Mungiro Uwabisabiwe Ashonje Aragukunda?Wawundi Nawe Aca Avuga Ati Mushonje Kubera Uwasawye Ibihano Mbe Mbaze Uba Uhanye Perezida Canke Umunyagihugu?Kora Poritike Umuntu Yogutora Akwibuka Ico Wamaze Ugaye Umutegetsi Umuduza Uburakari Ashobora Gukora Nabi Nkuwikura Akagaye Reka Kudukwegera Kora Poritike Murupfasoni

  • He we Jeruve humura, abazorenga kur’abo twumvikanye nta kundi ingwano twarayimenyereye, tuzoca tubarwanya. Ngirango arazi y’uko Intagoheka zidahengeshanya kurwanya umurwi uwo ariwo wose ushaka gusubiza inyuma demokarasi twagokewe mukuyitsimbataza mu gihugu cacu. Baje ku neza tuzobakiran’impundu, mugabo baje ku nabi tuzobakirana urufaya rw’amasasu.

  • Hewe Falcon, hako Uburundi rusubira gutwarwa na rwa RUYOYA rwanyu, bwopfuma bubandanya gutwara na Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA, umugabo ashiririye w’intatinya urukamvye. Mbe warigeze wumva kw’isi yose Umuprezida akubitwa kudeta ari hanze y’igihugu ciwe hanyuma bukeye agaca asubira ku kirimba? Mbe aho ntacigwa mwahakuye mwa binwamaraso vy’Abahutu.

  • Nivyo izo ngabo nizize kuko ubwicanyi bwabaye ndanse turabe ko bwogabanuka

  • Ndabizi ko izinaryanje ryitwa None? Kundwa nabeshi abasi nabakunzi baribonye barishimacane bakarikubitira ikibanda kugezanaho bamwe bashima kuryitiza akabariryo bakoresha kugira ivyiyumviro vyabo birengana. Umvandababwi bakunzibanje namwebasibanje umuntu yakiresheje iryozina ryanje akavuga ngo: Huuuuuu nibaze ejo tuzinduka kubiyamiriza. Ivyosijewe navyanditse nuyundi muntu yitije izinaryanje. Umvandaba bwire jewe novugagute kotuzoza kubiyamiriza kandi arimwebwe twashatse kobaza kugira ukotuzoza turafata twamujeri tuvuye Rwanda tuzoce tutubereka!? Ewe Burundi uragasimba ibanga cambu cumuvukanyi wacu akunze kuduhinkuru ziryoshecane kurukutaruraho rwa fcbk.

  • imbonerakure, ivyuma vy’indege eka nurundi rwaruka rw’indi migambwe ntabodushaka mu Burundi.

  • Mana Dusenga Ntiwibagire Igihugu Cacu.Duhe Amahoro

  • Umvandababwire uwozokwihenda mwizondorerezi agashiramwo akantu nakamwe kavuye kwakagame tuzoca tubereke uko urusato rwintama rwambarwa. Ndababwira ko Kagame acitwa prezida wu Rwanda ntibizigera vyoroha kuko Kagame kuvayubahutse kwifatira mugahanga H.E Petero Nkurunziza dusigaye tumubona nkikintu.

  • Birababaje kubona abantu bifitiye ivyiyumviro vyo gukokeza intambara bagashaka kwitirira ’ abene gihugu’ canke ngo’ abanyagihugu. Uko niko batanguye kudomeka umuriro, amaradiyo amwe bayita ngo n’Ijwi ry’abanyagihugu, kandi ata munyagihugu bagishije inama. Ubwo mutigiza nkana, ubwo ntimubona kw’ar’uguta umutwe ngo murabe ko hogira umunyagihugu abashigikira mur’ako kaguma kanyu? Tuvugishe ukuri: Ko mwiyitirira "abanyagihugu" nkuko nama mbona muvyandika, ubwo nk’ubu habaye amatora yandi yo muri 2020, ubwo mwebwe har’umuntu yobatora abona n’ivyo muriko murakora? Kubesha, kwica, gutukana, gucafuza ubutegetsi Imana yaduhaye ibicishije mu matora, nivyo bibaranga gusa. Emera ibiganiro, mureke izo mpunzi zitahe zoye kuribwa n’imibu yo mu makambi. Ni mureke kubabesha ngo bazotaha mwafashe igihugu, kuko igihugu gifise abo Imana yagitoranirije! Amase ya kera ntagihom’urutaro.

  • ndabaramukije none abobasirikare nizanteko? ndabajije

  • Nimusabe amahoro agaruke mu Burundi abahunze batahuke kuko nabo ni abarundi nkamwe. Bahunze k’ubwoba ubu ni imibu itera marariya iriko irabagandagurira mu nkambi z’impunzi. Mana garukira Uburundi n’abarundi !

  • bazoba baje kwirorerera ukuntu tunigugw tugaramye,bazoba baj kwirira amafi ntarapport bazojana kurya gsa kuzob ar kunyura,mugab deux cent nibake tuzobufyita!

  • niyigarukire mutama yavuga ntavura mbega abo batagomba amahoro ngo bahunguke sibo banigagura abantu iyo cenard nihore

  • Imana Irakunda Uburund N’abarund Ntabwo Izabuhmukra.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.