IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bahungiye mu Rwanda basabiye igihugu amahoro

Abarundi bahungiye mu Rwanda basabiye igihugu amahoro

mardi 29 Kigarama 2015

Impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zahuriye mw’ishengero ya Paruwase Regina Pacis i Remera mu gisagara ca Kigali basabira amahoro igihugu c’Uburundi.

Muri iyo misa yabaye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015,abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda baboneyeho akaryo ko kwunamira abarundi bashika 400 bamaze kwica kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 hatanguye imyiyerekano.

Umwe mu mpunzi z’Abarundi azwi kw’izina rya Juvenal Nizeyimana yabwiye ikinyamakuru The New Times ko bashaka gusabira abarundi bene wabo bishwe n’abantu badashakira amahoro Abarundi.

Yavuze ko bari mu masengesho mu ntumbero yo gusaba Imana kugira ihe amahoro igihugu c’Uburundi ,kandi ko bashaka no gusabira imitima y’abagenzi babo b’abarundi bamaze kwicwa,bishwe n’abantu badashaka amahoro mu Burundi. Yavuze ko nk’abarundi,basaba Imana ngo itabare mu makuba ari mu Burundi.

Benigne Mpeshimana nawe w’impunzi, yavuze ko ari umwanya wo gusaba Reta y’Uburundi ngo imenye ingene abarundi bari mu buzima bugoye,gutyo yiyumvire ku ngingo yofata mu gutabara ubuzima bwabo.

Yavuze ko nk’impunzi ataco bafise bokora kugira bahagarike ubwicanyi bubera mu Burundi,ariko yumva ko abarundi bakwiye gushira hamwe kandi bakavugira hamwe basaba Reta y’Uburundi gufata ingingo zogarukana amahoro mu gihugu kugira ubwicanyi buhagarare.

Padiri mukuru wa Paruwasi Regina Pacis, Jean Pierre Rushigajiki, yarongoye ayo masengesho, yasavye abarundi kwizera Yezu nawe yabaye impunzi akiri muto.

Gushika ubu mu Rwanda hari impunzi z’ Abarundi zirenga 75 000, ziba mu makambi y’impunzi ya Mahama mukarere ka Kirehe ndetse n’abandi batazwi ibiharuro baba hirya no hino mu gihugu c’Urwanda.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Noneko Muburundi Kotubona Hari Amahoro Tubonako Ikigihungu Ari camata Nubuki None Bahunze Iki?

  • Mbega mwa Barundi bene Data mwamye mumasengesho mbibarize Hoba hariho IMANA y URWANDA niy’UBURUNDI mbega mwombwira iyunva canke iyitabara gusumba iyindi nimwaba muri abasenzi vy’ukuri musome Muri YEREMIYA igice ca 1 imirongo ya10 na11 nta shanvu muzoronka mu RWANDA

  • Imana nyenamaho iyiri mwijuru ya yumvise ugusenga kwanyu, ikibazo cuburundi izogitunganya,kibigihugu ciza nkibindi bihugu. twizere gusa, kukukwizera nikwo kwatumye Aburaham ahabwumugisha.

  • Izompuzi ziri murwa ako nakabonge bafise bamwe muribo bahaye basengera abana baboo barungitse kurugamba bakahasiga ubuzima babahenze ngo genda mufate amakambi. Abo bapadiri bonyenye nabicanyi bambere nimana basenga ntaniyo bazi. Baba abomurwa cankwe abo my Burundi Bose nabicanyi barangwa namacakubiri gusa. Ikibitwereka kuva kuri Micombero gusjika kuri Buyoya barishe abantu mururindi nigwano zagiye zirakwirikira na ntanumwe murabo bapadidiri yigeze ahaguruka NGO vuge nkamajambo yavuzwe na musenyeri with Bujumbura NGO " ntibakeneye gutwagwa nka Baja" who yariko akokeza intambara were wumva abobantu bigish’iki bigisha guharirana mumitima yabo atabibarimwo. Nuwobashoye yobagize nka Ruhuna kuko nabanyeporiyiki nkabandi.

  • Musengere No Gutaha Turabakumbuye Kandi Musabe Imana Iba Umutima Wogukunda Igihugu Apana Kwanka Konka Nyoko Ngo Nuko Urwaye Amahere! Ntasoni?

  • @Sibomana, ngira ntukomera mumutwe, amahoro, icamata nubuki hama abo 400 bishwe ningwara? @Subiri nawe nyene ngira ntukwije basenze Imana imwe Jehovah ntibasenze igihugu. Kandi Imana ntiyumva abasengera mu Burundi gusa yumva uyisaba ibitunganye aho yoba hose.

  • Handitswe ngo nta mwana asaba umutsima umuvyeyi ngo amuhe ibuye. None Data wo mw’ijuru niwe yobura ivyo mumusavye??????????????????????????? Izere mwemere inkuru nziza.

  • ni bikubite agashi batahuke bareke kugisabira amahoro bari mu mahanga intambara ntiyubaka irasambura bongere bagire umutima w’urukundo no kwizera bareke gushinga iyo migwi y’arwanyi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.