Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi basabwa guterera mu gukinga izimangana ry’igisagara ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Abarundi basabwa guterera mu gukinga izimangana ry’igisagara ca (...)

Abarundi basabwa guterera mu gukinga izimangana ry’igisagara ca Alep

mardi 22 Mukakaro 2014

Inyuma y’iminsi itari mike hari intambara mu gihugu ca Syria, umukuru wa sant ‘Egidio kw’isi Andrea Riccardi ahamagarira isi yose gutera umukono ku rwandiko ruri ku murongo w’ubuhinga ngurukana bumenyi, kugira igisagara ca Alep gitabarwe.

Mu muryango Sant’Egidio mu Burundi basaba ko n’abarundi batosigara inyuma mu gutera umukono kuri urwo rwandiko, nk’uko bishikirizwa na Jean Claude Nsabimana ajejwe gutanga amakuru muri Sant’Egidio mu Burundi, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE. Avuga ko imyaka ibiri iheze igisagara ca Alep gisanzwe kibamwo abantu benshi mu gihugu ca Syria atagahengwe, intambara ari urutavanako, abanyagihugu nabo bo mu madini yose batagira ic’epfo na ruguru.

Umuryango wa Sant’Egidio mu Burundi, ukaba usaba uwubishoboye wese yaba umurundi canke umunyamahanga aba ngaha mu Burundi, kwifatikanya n’abandi bantu baba mu mice itandukanye y’isi, mu gutanga ubutumwa bwabo, ku murongo dusanga kuri http://www.santegidio.org/pageID/3/langID/fr/itemID/9357/Sauvons_Alep___vous_aussi_signez_lappel.html, mu gusaba ko abanyagihugu ba Alep bogarukirwa kandi bagakira intekera zama ku mutwe, ndetse n’igisagara ca Alep kiriko kirazimangana, kigakingirwa, na rirya Alep kigira gatatu kw’isi kirimwo abakirisu benshi havuye i Kayiro na Beyrouth.

Jean Claude Nsabimana ajejwe kumenyesha amakuru muri Sant'Egidio mu Burundi

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.