IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi basabwe kwitorera indongozi zizoshikana Uburundi kw’iterambere (...)

Abarundi basabwe kwitorera indongozi zizoshikana Uburundi kw’iterambere rirama

vendredi 2 Nzero 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yibutsa abanyagihugu ko amatora ari ikiringo ciza kibaha akaryo ko kwitorera imigambi myiza n’indongozi zizoshira mu ngiro iyo migambi. Petero Nkurunziza, mw’ijambo ryo kwipfuriza abarundi umwaka mwiza, yasubiriye kwizeza abarundi n’amakungu ko amatora azoba meza, mu mutekano ntangere, ahubwo akaba asaba abemeye guterera uburyo ko bobushikiriza kare. Umukuru w’igihugu asaba abarundi kwitorere indongozi nyazo, zizoshikana Uburundi kw’iterambere rirama

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarashimiye abo bose bafashije kugira umutekano ube wose mw’iyandikwa ry’abazotora, yongera akengurukiye kandi abagize umurwi wigenga ujejwe amatora ku nyifato bagize yo guhura n’abaserukira abegwa cane n’amatora, kugira barabire hamwe utunenge twigaragaje muri ico gikorwa, maze dutorerwe inyishu ku neza ya bose.
Petero Nkurunziza arashima kandi akaryo abagize umurwi CENI bemereye guha abatiyandikishije kugira nabo biyandikishe, gurtyo bitabe bose amatora atawukumiriwe canke yikumiriye. Yateye akamo abagize umurwi CENI utegura amatora ko bobandanye iyo ngendo, batunganye uburyo bubereye kandi bwizewe bwo kugenzura no gukosora ibitagenze neza.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarasubiriye kwizeza ko amatora azogenda neza cane. Mw’ijambo ryiwe yagize ati : "Nkako, turamaze kumenyera kuyatunganya, kandi yaba uwushaka kuguma canke gushika ku butegetsi, nta yindi nzira iriho twemeranije mu masezerano y’amahoro n’ayo guhagarika intambara atari inzira y’amatora gusa."

Petero Nkurunziza amenyesha ko umutekano wo mu matora uzoba wifashe neza kuko ata n’umuhari ukirwana. "N’utugwi twiyadukiza twiyita ngo dutanguje intambara, inzego z’umutekano zama ziteguye, zikatuvugutira umuti mu kanya isase. Nizikomere ku muheto, zitegurire riho gusubira gukarihirizwa ubwenge ku mutekano w’amatora, naburya zisanzwe zimaze kwerekana ko zibishoboye ngaha iwacu, no mu makungu zikaba bitumwako".
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasavye amakungu ko yorungika vuba abaza gukurikirana urugendo rw’amatora, kandi ayo makungu aterere uburyo yamereye Uburundi, kugira imvo izove ahandi, nk’uko umukuru w’igihugu yabimenyesheje muri iryo jambo ryiwe, ku civugo kigira giti : "Twirimbure twongere twitorere indongozi nyazo, zizodushikana kw’iterambere rirama".

Dushimye kubashikiriza iryo jambo ryose ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yipfuriza abarundi umwaka mwiza w’2015

Barundi,
Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

1. Umwaka w’2014 turawusozereye, dutanguye umwaka mushasha w’2015. Turashimiye Imana Mushobora vyose ko yatuzigamye, ikaduha amagara meza n’ubushobozi bukwiye bwo gutegura no kurangura imigambi myiza iteza imbere igihugu cacu. Nihabwe icubahiro, kandi ize igume ituja imbere muri uyu mwaka mushasha dutanguye.

2. Turipfurije Abarundi bose n’abanyamahanga bose baba mu Burundi umwaka mwiza, umwaka w’amahoro, umwaka wo gusubiza hamwe no kunywana, umwaka wo gutsimbataza intwaro ya demokarasi idushikana kw’iterambere rirama.

3. Nayo icivugo c’uyu mwaka dutanguye kikaba ari : “Twirimbure twongere twitorere indongozi nyazo, zizodushikana kw’iterambere rirama”.

Barundi,
Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

4. Nkuko vyama bigenda uko umwaka utashe, twama twisuzuma, tukirimbura, tukabona ivyo gukosora canke gutsimbataza kugira umwimbu uze ube mwiza gusumba.

5. Twashaka rero duce ku masonga bimwe bimwe mu vyaranguwe, ingorane twaronse n’imigambi imwe imwe mu yizoshirwa imbere muri uyu mwaka mushasha dutanguye. Nkako, iri jambo turishikirije twaheruka kuremesha ikiganiro ku nsamirizi aho twishuye ku bibazo bitari bike, kandi abashikiranganji bagiye kubandanya ivyega ibisata vyabo.

6. Mu gisata c’umutekano,harubastwe uburaro bushasha mu makambi 10 ya gisirikare ahandi inyubakwa zirasanurwa. Hakaba himirije kwubakwa ibiro 14 vy’abapolisi mu makomine, n’amakomisariya 2 mu ntara.
Tuboneyeho gushimira abapolisi n’abasirikare biyubakiye inzu nkenerwa mu bikorwa rusangi.

7. Harashizweho amakomite y’umutekano mu gihugu cose ahurikiwemwo bose, kandi inyigisho zirabandanya kugira abayarimwo batomokerwe neza ivyo bajejwe.

8. Harasambuwe imigwi 72 y’inkozi z’ikibi mu gisagara ca Bujumbura no mu makomine amwe amwe yo hagati mu gihugu, hongera harafatwa ibigwanisho bitari bike. Tuboneyeho akaryo ko gusaba ko inguvu zo gukura ivyo bigwanisho mu banyagihugu zogwizwa, kugira umutekano mu matora uze ube ukwiye cane.

9. Turashimiye rero abo bose bagize ico baterereye kugira umutekano ugaruke aho wari wahungabanye, kandi ubandanye utsimbatara mu gihugu cacu.
Turasavye abanyagihugu kurikanura, na cane cane muri ibihe turimwo vy’imisi mikuru no kwitegurira amatora, kuko mu bihe nk’ibi hama hari abashaka guca mu ryahumye abasamajwe n’imisi mikuru.

10. Nimubandanye rero muteramira umutekano w’aho mubaye, mumenyeshe abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano babegereye vuba na vuba uwo wese yobatera amakenga.

11. Muri ico gisata c’umutekano, tuzobandanya ibikorwa vyo gufasha kugarukana umutekano aho hose bizoba bisabwe n’urwego mpuzamakungu ONU canke ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

12. Twobamenyesha kandi ko gushika uyu musi, ata gihugu na kimwe dufitaniye imigenderanire mibi, tukaba mbere twaruguruye ubuserukizi bushasha mu bindi bihugu.

13. Tuboneyeho akaryo ko gukeza abasikirikare n’abaporisi barungitswe mu bindi bihugu kw’iteka babandanya batera igihugu mu gukora neza icabajanye. Tukaba natwe twaragendeye abakorera muri Somaliya na Repubulika ya Santrafrika kugira tubatere intege.

14. Turakeje n’abandi barundi bose bitanze batiziganya bagatera iteka Uburundi mu gutsinda amahiganwa atandukanye, haba mu nkino zo kwinonora imitsi canke ivy’akaranga. Dukeze n’abarundi bose kubona ingoma z’Uburundi zaraye zanditswe ku rutonde rw’itunga mpuzamakungu ry’akaranga ry’urugero ntagerwa. Ni iteka rikomeye ku gihugu cacu.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

15. Turanezerewe n’uko umugambi w’inyigisho zo gukundisha abanyagihugu igihugu, umugambi w’igihugu wo guteramira umutekano hamwe n’uw’intwaro ibereye no kurwanya igiturire iriko irashirwa mu ngiro mu bisata binyuranye vy’ubuzima bw’igihugu.

16. Mu gisata c’ubutungane, hararanguwe vyinshi kandi bishimishije, kuko mu mezi 18 gusa hashizwe mu ngiro imanza 49.000 zaciwe mu masentare y’intango, hasubirwamwo n’imanza zirenga 4.300. Ese uwo murindi wobandanya atawurenganijwe, gurtyo ubutungane bukizerwa kurusha ubu.

17. Kugira ubutungane bwegerezwe abanyagihugu, harubatswe amasentare y’intango 9, hongera harasanurwa amasentare y’igihugu 5. Twokwibutsa ko n’abanyororo bashika 3.000 barekuwe n’itegeko ry’ikigongwe c’’Umukuru w’igihugu, abandi nabo baratezurirwa ibihano hakwirikijwe amategeko.

18. Mu gisata c’ubutungane bw’inyuma y’intambara, duhejeje gutera intambwe idasanzwe. Nkako, twaraye dushizeho umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi, uwo nawo ukaba ari nk’intambwe isozera umugambi w’amahoro. Twizeye ko abawugize bazokorana ubwira n’ubwitonzi kugira tuvure igihugu cacu.

19. Mu gisata kijanye n’akazi no gutegekaniriza kazoza abakozi, harashizweho umugambi w’igihugu ujejwe akazi mu ntumbero yo kugabanya ubushomeri n’ubukene. Harashizweho n’ikomite y’igihugu iremesha ibiganiro hagati ya Reta, abakoresha n’abakozi, ifasha cane gukinga no gutorera inyishu amatati. Turakengurutse cane ko amayegereyegere mu buzi bwa Reta yagabanutse uyu mwaka.

20. Ibibazo vy’abakozi turabizi. Nk’ikijanye no gukura ubusumbasumbane bw’imishahara, naho ari ikibazo catanguye kera cane, Reta turongoye yaragifashe mu minwe.

21. Dufatiye ku mikoro ya Reta, twaragiye turaduza agahembo k’umukozi mu kwongera ibice 15%, 34% no mu gukura ikori ku batarenza impembo y’ ibihumbi ijana na mirongo itanu (150.000) ku kwezi.
Iyi ngingo y’amakori ikaba ari intambwe mu gutorera inyishu irama ico kibazo.

22. Reta ibandanya ikora utwigoro mu ntumbero yo kugwiza akazi. Nko mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, duciye mu migambi PRODEMA na PAIOSA, twararonkeje uburyo amakoperative n’amashirahamwe ashika 578. Gurtyo ubuzi burenga 5.800 ahanini buronswa urwaruka bukaba bwarabonetse.
Hari n’umugambi wo kurima no kworora mu karere k’Imbo no mu Kumoso wimirije, tukaba twategekanije ko uzoha akazi cane cane abakenyezi.

23. Mu mugambi wo kurwanya ubukene n’inzara, Reta yaratanze inka za kijambere zishika 4.129, imivyaro y’ibitoke ishika 65.000, ibikotikoti birinda indwara 1.100.000, itoni 61 z’imbuto z’umuceri, itoni 8 z’ibigori, imiryango ishika 651.554 nayo ikaba yararonse umwavu w’ikizungu ungana n’amatoni 16.395 ku giciro kizimbutse. Harateguwe neza kandi hegitari zishika 3.000 mu myonga mu ntara 8.

24. Ubuzi bwinshi kandi bwaratanzwe mu bikorwa vyo kwubaka amabarabara ya kaburimbo ahuza Cankuzo na Muyinga, Bubanza na Ntamba, Ntamba na Ndora, Mugina na Nyanza-Lac riciye mu Mabanda no mu bikorwa vyo gusasa amabuye mu mabarabara yo mu makaratiye yo mu gisagara ca Bujumbura, n’ahandi.

25. Muri iki gihe rero Reta ata buzi bwinshi igifise itanga, ubushomeri bukaba bukiboneka, turateye akamo abize hamwe n’urwaruka ngo ntibinenaguze akazi, bige kandi bitunganye ku buryo nabo boshinga imigambi ifasha abandi kuronka akazi.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

26. Mu ntumbero, yo guhangana n’inkwirikizi mbi z’ihindagurika ry’ibihe, haratewe ibiti hafi imiliyoni 4 n’ibihumbi 500, haracibwa n’imikobeko ahatari hato. Tukaba turiko turitegurira gutera ibiti ku mahegitari ashika 2.000

27. Turasavye ko twese twogira umwitwarariko mu kurwanya abaturira amashamba, abaca ibiti bakongera bakabidandaza badakwirikije amategeko, abacukura umusenyi n’amabuye mu nzuzi batisunze amategeko n’abonona ikiyaga ca Tanganyika n’ibiyaga vyo hagati mu gihugu.

28. Mu bijanye no guteza imbere ibisagara, haratunganijwe ibibanza vyo kwubakamwo amazu 5.700 mu bisagara 14 vyo mu gihugu ; ikigega co guteza imbere ibisagara kiratanga ingurane yo kwubaka irenga amafaranga imiliyaridi 23 ku bantu barenga 2.000, tukaba turiko turanonosora umugambi wo kwubaka uburaro bushika 1.500 mu gisagara ca Bujumbura n‘uburenga 3.000 hagati mu gihugu. Ivyo bikaba vyunganirwa n’ibigwati vy’iterambere aho inzu zirenga 15.000 zimaze kwubakwa mu gihugu cose.

29. Naho umuyagankuba utarakwira kubera ubushobozi buke bw’ingomero zimwe zimwe hamwe n’igwirirana ry’abawukoresha, uyu mwaka harubatswe urugomero ku ruzi Kayongozi, harasanurwa urugomero rw’i Murore rufasha gupompa amazi, hararonderwa n’uburyo bwo kwubaka ingomero z’umuyagankuba ku nzuzi za Jiji na Murembwe.

30. Ingomero z’umuyagankuba ku nzuzi Mpanda na Kaburantwa zizobandanya zubakwa, hongere hatangurwe izo kuri Jiji na Murembwe. Hategekanijwe kandi gutanga umuyagankuba ku migwa mikuru y’amakomine ya Rango (Kayanza), Bukinanyana (Cibitoke) no mu bitaro vy’i Kigutu (Bururi), hubakwe n’amasoko ntanganguvu afatiye ku mishwarara y’izuba i Gitega n’i Bubanza.

31. Mu gisata c’ubutare, haratanzwe icese uruhusha rwo gutangura kwimba ubutare bwa Nickel i Musongati, nayo ibikorwa vyo gukwirikirana ubutare kugira bwimbwe kandi bushorwe hakurikijwe amategeko birabandanya.

32. Gushika mu kwezi kwa Munyonyo, ikigo ca Reta kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR kimaze kwinjiza mu kigega c’igihugu amafaranga ashika imiliyaridi 588,5, hakaba hari akarusho k’imiliyaridi 83 dufatiye ku yatojwe mu mwaka uheze. Turakeje abakozi ba OBR, ariko tubasaba ngo ico gikorwa gitunganywe kandi kirangurwe runtu.

33. Twarashoboye kandi kwubaka inzu ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta buzokoreramwo, ikaba igiye kwinjirwa mu ntango z’uyu mwaka w’2015.

34. Mu gisata c’indero, umugambi worohereza kandi utera intege abavyeyi kurungika abana kw’ishure, bagatako bakiga ku buntu urabandanya.

35. Mw’irangurwa ry’umugambi mushasha w’ishure shingiro, harubatwe amasomero 462, harakarihirizwa ubwenge abigisha bo mu myaka y’indwi no mu myaka y’umunani bashika 10.068, harategurwa ibitabo 103.500 vy’abanyeshure n’ibitabo 4.200 vy’abigisha. Ishure shingiro rikaba ririko rirashinga imizi.

36. Mu gisata c’amagara y’abantu, Reta yarabandanije gushira mu ngiro wa mugambi wo kuvuza ku buntu abavyeyi bibungenze n‘abana bari munsi y’imyaka itanu, bikaba vyatumye igitigiri c’abavyeyi bibarukiye mu mavuriro n’ibitaro vya Reta ciyongera, kiva ku bice 61% gishika ku bice 74% muri uyu mwaka turangije.

37. Kugira indwara ya malariya ntibandanye yiha inkumbi, Reta yaratanze imisegetera mu gihugu cose, abanyagihugu barenga ibice 99% bakaba barayironse. Tubasaba kuyikoresha gusa ico yagenewe.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

38. Iterambere ntiryizana riraronderwa.Turanezerewe no kubona ko twahinduye ingendo, tukabona ko tutoguma tuzera inze, ahubwo tugakura amaboko mu mpuzu, abatwunganira bakadusanga ku kivi.

39. Nko muri uyu mwaka turangije, rabe namwe ivyo twashitseko mu bikorwa rusangi, twunganiwe n’ikigega FONIC hamwe n’Ibiro vy’Umukuru w’igihugu. Harubatswe amasomero arenga 2.000, ibitaro 2, amavuriro 71, ibiro 32 vy’amakomine, amazone n’amashure, n’amazu 7 yo gukoreramwo amanama, ibibuga vy’inkino bikuru bikuru 4 n’ibindi bito bito 5 vyabandanijwe kwubakwa, ibigo 4 vyo kuziganirizamwo amata, ibikumba 53 vyatewe, n’ibindi.

40. Igishasha rero ni uko, haba mu bisagara canke mu gihugu hagati, abanyagihugu bijukiye kwubaka inyubakwa rusangi mu magorofa. Tuboneyeho gushimira amashirahamwe yitayeho ibikorwa vy’iterambere aciye mu bikorwa rusangi vy’abayagize. Turakeje n’abanyagihugu cane cane abasoda n’abaporisi ku bwitange berekanye mu kwitangira ibikorwa rusangi.

41. Nkuko twabigize mu mwaka uheze, tugiye gusuzuma neza ivyaranguwe vyose, duheze dutondeke amakomine n’intara turavye ingene yarushanije.

42. Ariko rero, naho twashitse ku bikorwa biteye igomwe nk’ivyo, turacafise ingorane ikomeye ijanye n’urugero runini abarundi barondokako. Umurindi turiko wo kuvyara ubandanije uko uri ubu nta nkeka ko tuzogumana ibibazo vy’ubukene. Turasavye rero abanyagihugu ngo bagabanye imvyaro, bavyare abo bo n’igihugu bashobora kurera kandi bakaramura n’iteka rikwiye kiremwa muntu.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

43. Twaramaze gutangura urugendo rudushikana ku matora nyezina. Nkako, haheruka kwandikwa abazotora. Ni ikiringo ciza kubera ko kizoha abenegihugu akaryo ko kwitorera imigambi myiza n’indongozi zizoshira mu ngiro iyo migambi. Turashima ko ico gikorwa cabaye mu mutekano ntangere, atawuriye urwara uwundi n’aho aba canke bariya hari ivyo baneguye.
Ni ikimenyetso c’uko abarundi bamaze kumenya gutandukanya icatsi n’ururo.

44. Turashimiye abo bose bafashije kugira umutekano ube wose muri iryo yandikwa. Turakengurukiye kandi abagize umurwi wigenga ujejwe amatora ku nyifato nziza bagize yo guhura n’abaserukira abegwa cane n’amatora, kugira barabire hamwe utunenge twigaragaje muri ico gikorwa, maze dutorerwe inyishu ku neza ya bose.

45. Tubakeze kandi ku karyo bemereye guha abatiyandikishije nabo biyandikishe, gurtyo bitabe bose amatora atawukumiriwe canke yikumiriye. Turabateye akamo ngo babandanye iyo ngendo, batunganye uburyo bubereye kandi bwizewe bwo kugenzura no gukosora ibitagenze neza.

46. Turasubiye kubizeza ko amatora azogenda neza cane. Nkako, turamaze kumenyera kuyatunganya, kandi yaba uwushaka kuguma canke gushika ku butegetsi, nta yindi nzira iriho twemeranije mu masezerano y’amahoro n’ayo guhagarika intambara atari inzira y’amatora gusa.

47. Duhiriwe duhishije kuko ata muhari ukirwana. N’utugwi twiyadukiza twiyita ngo dutanguje intambara, inzego z’umutekano zama ziteguye, zikatuvugutira umuti mu kanya isase. Nizikomere ku muheto, zitegurire riho gusubira gukarihirizwa ubwenge ku mutekano w’amatora, naburya zisanzwe zimaze kwerekana ko zibishoboye ngaha iwacu, no mu makungu zikaba bitumwako.

48. Turasubiye rero kuremesha abarundi n’amakungu ko amatora azogenda neza cane. Turasavye nyabuna abanyaporitike ngo bengengane, bemere guhiganwa badahezanyayo, kandi bagire ingendo yo kwubahiriza no kwubaha aho abenegihugu bashize.

49. Abari mu migwi yigenga itunganya amatora n’abari mu ntwaro, tubasavye kwisunga amategeko, gufata co kimwe ababitura n’aberwa cane n’amatora. Ahacu, ntawe tuzokwihanganira igihe yokora icotuma amatora atagenda neza, yaba uwobikora nkana canke uwobikora yibaza ko ariko aratunezereza, kuko umwe wese yoba afashe ingendo yo kuvuguruza abenegihugu bo bene ubutegetsi n’ingendo ya demokarasi twahisemwo.

50. Turasavye abajejwe umutekano gusubira kwitera iteka mu kwifata neza muri iki gihe. Turazi ko hari abazoshaka kubagaza. Murafise uburenganzira bwo kuzotora abo mu mugambwe canke bigenga mwipfuza. Ariko, ntimurekuriwe kugaragaza aho muhengamiye kiretse mw’isandugu y’amatora gusa. Uwuzohirahira agashaka kubateza urubwa mumusezerere hakiri kare, ata kinya, ata nkunzi.

51. Turasavye amakungu ngo arungike vuba abaza gukurikirana uru rugendo rw’amatora, kandi aduterere uburyo yatwemereye, imvo izove ahandi. Tukaba turemesheje abarundi bose ko uburyo bw’amatotora buzoboneka.

52. Tukaba turangije dusubira kubipfuriza mwese umwaka mwiza w’2015, uze ubabere umwaka w’amahoro, umwaka wo kwitorera indongozi nziza, umwaka wo kumenya ukuri no kurekuriranira, umwaka w’ibikorwa vy’iterambere rirama.

"Twirimbure twongere twitorere indongozi nyazo, zizodushikana kw’iterambere rirama”.

Umusi mukuru mwiza mwese
Imana ibahezagire-


Egide Nduwimana

Messages

  • MURAKOZE ARIKO KA NGIRE ICYO MVUGA KU MATORA TUZAGEREZAHE GUHORA DUSABA? TUZAGUTORA KUKO URACYAKENEWE KIMWE NA PAUL N’ABANDI NKA KADAFI TWISHE KUBWO KWIBESHYA NO KUBWRSHWA NA RUTUKU NDABINGINZE INKA IKAMWA IRUTA IHATSE KD UMURIMA UTEYE URUTA UBUHINGE. UMUHINI MUSHYA UTERA AMABAVU.IHINDAGURWA RY UBUTEGETSI RIDUSUBIZA INYUMA

  • iHINDAGURWA IYO RIKOZWE MUMUCYO NTAMPAMVU RYADUSUBIZA INYUMA, AHO URAHIBESHE CANE

  • Sindabisomye vyose,ariko nlo muvyo marimpejeje gusoms vyumutekano nubitingsne sinavyemeye kubera abantu birirwa bicea atacamira,ubutungsne ntibwigenga,kandi tukabona harabagifunzwe bategerezwa kuba barafunguee
    .ikindi naco,ugusaba ngo smakungu ngo sfashe muguterera kugira amatora aba,ntibashobora kugira ico bafashije utaravuga ko utategerezwa kutitoza.nubu worivuga,boca barata bayatanze.ubu vyose bibohewe imigongo nawe. nkurunziza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.