Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira Uburundi ntibitavye inama nshingamateka EALA
Abaserukira Uburundi ntibitavye inama nshingamateka EALA
lundi 18 Nzero 2016
Abayobozi baserukiye Reta y’u Burundi, ntibashoboye kwitaba umurwi w’Inama Nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA,mu gihe vyari bitegekanijwe ko uwo murwi usuzuma ivyasabwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ku bibazo vya politike biri mu Burundi.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu atandatu niyo yasavye iryo suzumwa arongowe n’ishirahamwe Pan African Lawyers’ Union (Palu), asaba ko abayobozi ba EAC n’ishirahamwe mpuzamakungu bahagurukira ibibazo vyugarije Uburundi.
Ikinyamakuru The Citizen kivuga ko vyatanguye mu gihe abayobozi b’abarundi bataboneka mu nama yo kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016,yari irongowe n’umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniya n’ayandi makungu Dr Augustine Mahiga.
Kuwa Gatatu igenekerezo rya 13 Nzero 2016, ku cicaro c’Ishirahamwe rya Afrika y’buseruko,abayobozi b’Uburundi ntibigeze baboneka,mu gihe hariko harigwa ivyasabwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.
Inama nshingamateka ya EAC, EALA, yari yamenyesheje ko abaserukira Uburundi batashoboye kuja i Arusha, ariko ko biteguye kuzokwitaba inama n’umurwi ujejwe gufashanya no gutorera inyishu ibibazo muri EALA, yari itegekanijwe kuwa Gatandatu igenekerezo rya 16 Nzero 2016.
Umukuru w’umurwi, Abdullah Mwinyi asanzwe aserukira Tanzaniya muri EALA, yabwiye abamenyeshamakuru ko Reta y’Uburundi izobaraba kw’igenekerezo rya 25 Nzero kugira babasigurire aho ihagaze muri ivyo bibazo.
Abdullah Mwinyi yavuze kandi ko muri uwo murwi batashimishijwe no kuba Reta y’Uburundi ibandanya kunanirwa kwitaba ibiganiro bifise intumbero yo kuronderera amahoro igihugu. Yavuze ko batobandanya kubarindira kuko babahaye umwanya ukwiye.
Naho atashimye kuvuga ico bashobora gukora mu gihe Reta y’Uburundi yobandanya gutera umugongo ibikorwa bifise intumbero yo kuzana amahoro mu Burundi, Mwinyi yavuze ko umurwi arongoye ugiye gutegera icegeranyo izoshikiriza EALA muri uku kwezi.
IGIHE
Messages
18 Nzero 2016, 13:55, par NKURUNZIZA
MBEGA IVYOBIGANIRO MUVUGA BIZOHUZA BANDE TWEBWE ABENEGIHUGU TURATEKANYE CANKE NAMWE MWABAYE ABAJA BA SINDUMUJA WA NKURUNZIZA
19 Nzero 2016, 05:49, par Mpozamarira Erias
Abobagabo bi Bujumbura kuba batagomba kwi taba ibiganiro ,canke amana araba ikibazo Cuburundi barazi ico batinya.Muzorabe numwe iyumwana yakoze ibitarivyiza murugo, bamuhamagaye ati ngusigure uko vyakugendeye aratinya kuko azi ivyoyakoze arivyiza. nababategetse kuba batitaba mumanama batumiwemwo ntibitabe nuko bazi bacoze amabi atagira ukoyovurwa. kandi burya umunyabwenge wu kuri nuwumvira,Uhanurwa keshi akagamikizosi azovunagurwa giturumbuka,atagira gitabara.kandi ngo Iy,abagorotsi barwiye, abantu baranezerwa,Arikwi yumunyakibi aganza, abantu baraniha. Rero uburundi kuzoronka amahoro birikure nkukwezi, kuko ntibagomba nguhanurwa nabandi bigira ndabizi nabo ataco bazi. mwari mukwiye kwikebuka mugahinduka.murakoze.
19 Nzero 2016, 18:47, par leon
niho boreka kwitaba mbega yemwe murabona ko musobora kuza murahuza abantu bagomba konona uburundi nurwaruka bo bibereye mu bihugu vy,aburayi natwe turiko turafira mu burundi nibamenye abafa bose ni cenarede iriko ibica
19 Nzero 2016, 22:42, par Munyarwanda
Mana tabara u Burundi ubuhe amahoro. ubuse NYABENDA KO avugako ibibazo by’abarundi biterwa n’u Rwanda kuki L’État yanyu idashaka inshuti ngo ziyigire inama Ubu banze kujya TZ mu biganiro kubera iki none se u Rwanda rwarabanze Uganda TZ Kenya DRC nabo barabanze none se aba Bose KO babagira inama mukazanga nabo ni U Rwanda. Imana ibasange PE.