Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashasha mu murwi CENI barahiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashasha mu murwi CENI barahiye

Abashasha mu murwi CENI barahiye

mardi 16 Ruheshi 2015

Inyuma y’aho bemerejwe n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka, abashasha murwi wa CENI barahiye imbere y’umukuru w’igihugu.

Abo bakenyezi babiri, bakaba basubiriye abaheruka gutanga imihoho, icegera c’umukuru wa CENI hamwe n’uwundi mukomiseri wo muri uyo murwi. Abakenyezi babiri rero aribo Annonciata Niyonkuru kicegera c’umukuru wa CENI hamwe na Alice Nijimbere bakaba barahiye imbere y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Abagize umurwi w’amatora mu Burundi rero bakaba baciye bakwira igitigiri ca batanu, mu gihe bari basigaye ari batatu. Abo barahiye rero, umwe akaba ava mu mugambwe UPRONA ishami ryemewe n’ubutegetsi, uwundi nawe akaba ari uwo mw’ishirahamwe ataho ryegamiye mu vya poritike.


IGIHE

Messages

  • NIBANYARUTSE DUKURE KUNZIRA IZONJAVYI

  • NIJIMBERE Alice(maman Sge) ndamukeje, nagende afashe abandi gutegura amatora azotuma igihugu gigira amahoro atarayazotuma haduka ingorane, Courage chere mamans.

  • Ntamugambwe ushigikiy amatora kw’aba muburundi

  • Tutabakeje abahunze ibihuha bayabande? Komera muze mudukurikiranire amatora neza

  • Ntibihenda kuko amatora ntashoboka kok ntabwo ategura imugambwe imwe wonyene. Barihenda can.

  • Sinzi ko uyu mwibutsa w’ikirundi ukoreshwa no kubakenyezi ngo: "Akananiye umugabo kananira n’uwundi" Ivy’amatora ya 2015 yabaye akananirabahinga! Amaze kunguririzwa isango incuro zirenga zibiri kandi n’ubu arahakwa kwunguruzwa! Abantu isinzi babandanya bicwa bayazira, abandi baratabwa mumvuto, abarenga ibihumbi ijana barataye izabo barahunga igihugu kubara ayo matora ya 2015. Nca nibaza ikibazo uwubishobora ansubize: Nyenicubahiro Umukuru w’Igihu yadusezeraniye ko amatora ya 2015 azoba amatora meza cane. Yarabisubiyemwo mbere kuri bamwe bihinduka ururirimbo. None ubwiza bw’amatora ni ugusesa amaraso y’abarundi, abandi bagatabwa mu mvuto, abandi bakangazwa? Imana nigire itugarukire twebwe abarundi n’aho ubundi ho tugeze aho umwansi ashaka!

  • @VITAL
    "NIBANYARUTSE DUKURE KUNZIRA IZONJAVYI"
    So akwanka akuraga ivyamunaniye!

  • turabakeje cane abobakomisere bakwirikirane neza amatora kugira ntihaduke indyane hama nyakubahwa nkurunziza irambire abarundi isinzi turinyuma yawe.

  • Ariko BASHINGANTAHE buburundi karaciye ingani igihugu c’UBURUNDI abantu bicwe,abandi bicwe n’inzara n’uyu mukoma NKURUMBI mubona?turasavye ABAGABO BUBURUNDI,AMAKUNGU badukize iki gipfu.

  • barabeneza guko jee mbonana bigoye winjira mukibira utazi uguca ikoni utazi

  • Abagabo mu burundi baraheze hasigaye impehe nsa. Hasigaye bamwe Rwagasore yavuga

  • NEZA CANE TURAGUKEJE NYAKUBAHWA PETERO NKURUNZIZA....TURASHIMA UBUTWARI BWAWE AMATORA AZOGENDA NEZA CANE .HANYUMA IZO NJAVYI ZIZOMARAMARA.PETERO NKURUNZIZA GUMA KWI VOLANT !!!!!

  • EMW YEMW VYANANIY IMBONEZA NGO VYOSHOBORABO? NKA ALIC NDAZ KO ATACO ASHOBOY SAUF ICUPA.BWA BUNEBW

  • Kumbwaje Ndabateye Intenge Nibirabire.Ingihwungu Mgitwara Umwurinda.Atangapfuyentagakira.Iyohatangira Ibunuza Nzihunga Ntibaringushikigwa.Ndabateye Intenge Vugamuti Nimwirabire.Mwibuke Induru Yavuze Kucengera Cambere Cumukuru Wingihugu Ntitwibazako Anzotwaranankabiri.Nicogituma Vugabati Bavugatndukora.

  • Ntamatora ahaye araba mubundi .

  • TURASHIMYE ARIKO INDAHIROBARAHIYE NTIBAZEBAZIHEMUKIRE TWIPFUZA AMATORA MEZA MURAKAZA

  • Ntakuri kwumuntu!ukuri gukwiye nukwemegwa n’abandi!burya nibamenye ko guhonyora uburenganzira bw’uwundi mugabo n’akagaye!naho barahiye ntakuri kwabo barahiye mumakosha gusa!WEMERA KUGURA UKURI KWAWE NAWE UKABA ATAKURI UFITA!BARUNDI PFIRA UKURI NTACUROBA!

  • Icotwovuga.Nuko Ivyo Vyose Bifise Intango Bitazobura Iherezo Babigire Babizi Bakinda Bagaramwe Bicara Bambara Ibihwago Basutama Bagarama.Bavuga Ayamuhe.Birabasha.Ok.Sisi.

  • Nibak Kwonan Ubutunz Twibeho Ukunene Kuk Amator Muburundintasoka Ukonugutumwany

  • Iyaba Bokoze Neza Ntibishinge Ababahenda Nabo Ngobate Amabanga Bajejwe

  • Ariko gayemwe ababa dame bahagaze imbere bambayeneza ntiworaba Imana ikoneze kubananabo.

  • Nibabigire uko bashaka bizohera kuko ntakitagira iherezo uyobaba abandi barikumva amajwi yabeshi akaba ariyo bakorerako.

  • Akananiye umugabo kananira n uwundi abo bakenyezi ntagishasha bagiye gukora muruwo mugwi atari ukwiha amenyo y abatwenzi gusa.reka turindire turabe!

  • Ewe Jeremi Iyaba Uburundi Bwaricibare C,iwawe Ntandero Tworonse Mbe Niyagutwar,uvuman,uko Bazokujana Kwa Rujanti Bakuboshe Usar,uvuga <wagipfu Nkurumbi> Vugati Guba Komera Tuzobamesa Ivyo Biri Muri Wewe Bicabihera Ba Wisonera Agifashe Baton de Comandement Arubahwa Kandabamuhangara Benshi Bagiye Gusara Abandi Bapfe Bayerera Isi Nka Kayini Isi Izobabera Nto Bipfuze Intambara Bayibure

  • Jewe ndabona iki gihugu c’uburundi carahezagiwe kweli, kandi ndabona ugusabikanya kuri cadeau national gukomeye kuko nkuwo annonciate na Alice naho umushatsi womeze mukiganza kuntwaro zihitiye zakagaye no kukengera abantu ntibopfuye babaye aba commissaires ndakurayiye, bompfiriye hariya kugatumba. eeeeeh nouvelle Génération, kwiyi ntwaro ya DD ntawutazoshikirwa ariko kigasubira gufatwa nabo bafise ubwene gihugu bubiri kizoca gitwara ababiligi gusa. iyumvire namwe sinaba ntihenze umuhisi mathias (difficile) yari buyoya afata ingingo yuko atava mu burundi aca azana passport y’ububiligi ati rero ni mubuze umubiligi kwitahira mu gihugu ciwe. leta y’uburundi yasigaye itamariwe. ivyo rero nivyo vyishe igihugu. utari muri system ya diaspora batwita ikigugu kwatagihugu ushoboye gukorera bakibagirako ivyo bigugu nyene arivyo vyitanze kurugamba. nibarindire ivyuburundi biracabagumiye.

  • Mbe barahiye iki ko vyaheze?boba baje guhindura idée za ceni?asha je nibazako bameze nkishugwe!!

  • Bataye umwanya ngo bararahira. Ariko barahiye nka ndayicariye na ntahorwamiye:"Ngo ko bazokorera nkurumbi, ko bazorenga ibwirizwa nshingiro, ko bazotera umuryano mu begwa n’amatora bose, ngo ko baziba amatora yose ategekanijwe muri 2015, ko n’ubwo bohabwa faux billets bazobikora"

  • Ndabipfurij Kurangura Igikorwa Biyemej Kuko Aho Gusezerana Ntushits Wotuma Ureka Kuko Abarundi Bari Maso

  • Emwe Ikigihugucacubagombakugihinduracariciza None Uwo Anosiat Nuwowundinibobajeguhindura Ibintu? Ahubwonibagumizibintu Ukovyaribiri Atarukoturasubiyekuvyotwaritwararenganye Nimuzedusubizehamwentwungurunanigwintamenwa Hamwenabanyamahangabataducishamwijisho

  • IMANA IFASHE ABARUNDI AHANDIHO TURAGOWE

  • nibarahire atation guhenga mira kubutegetsi nka craver mbonimpa ahengamye in

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.